Yona
4 Ariko ivyo bibabaza cane Yona+, ararungura n’ishavu. 2 Ku bw’ivyo asenga Yehova ati: “Ewe Yehova, none si co cari kindaje ishinga nkiri ku butaka bwacu? Ni co catumye nca mpungira i Tarushishi+; kuko nari nzi ko uri Imana y’inyempuhwe n’inyembabazi+, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo+, yicuza ku bijanye n’ivyago+. 3 None rero, ewe Yehova, ndakwinginze unyake ubuzima+, kuko gupfa bindutiye kubaho+.”
4 Mugabo Yehova avuga ati: “Mbega vyari bikwiriye ko urungura n’ishavu+?”
5 Maze Yona arasohoka ava muri nya gisagara, yicara mu buseruko bwaco; atangura kwiyubakira urusago ng’aho, kugira ngo yicare munsi yarwo mu gitutu+ gushika abonye amaherezo y’ico gisagara+. 6 Nuko Yehova Imana ameza umutanga, kugira uduge hejuru ya Yona umubere igitutu ku mutwe, ngo umworohereze mu vyago yarimwo+. Yona anezerezwa rwose na nya mutanga.
7 Mugabo ku musi ukurikira, Imana y’ukuri irungika urunyo+ umutwenzi utambitse, kugira rurye nya mutanga; amaherezo uruma+. 8 Maze izuba ryatse, Imana irungika kandi umuyaga wo mu buseruko uturira+; izuba riguma rinaga Yona mu mutwe, bituma amera nk’uwugira arabe+; aguma yisabira gupfa, akaguma avuga ati: “Gupfa vyondutira kubaho+.”
9 Maze Imana ibwira Yona iti: “Mbega vyari bikwiriye ko urungura n’ishavu ku bw’uwo mutanga+?”
Na we avuga ati: “Vyari bikwiriye ko ndungura n’ishavu, ku buryo nipfuza gupfa.” 10 Ariko Yehova avuga ati: “Wewe wumviye akagongwe umutanga utacumukuriye canke ngo ukuze, uwameze ijoro rimwe ukuma ijoro rimwe. 11 None jeho sinari nkwiye kwumvira akagongwe Ninewe ico gisagara gikomeye+ kirimwo abantu barenga ibihumbi ijana na mirongo ibiri batazi gutandukanya ukuryo n’ukubamfu, udashizemwo ibitungwa vyinshi+?”