Zaburi
Ni indirimbo. Ni zaburi y’abahungu ba Kora+.
48 Yehova arahambaye kandi arabereye gushemezwa cane
mu gisagara c’Imana yacu, ku musozi wiwe mweranda.
2 Umusozi Siyoni uri kure mu buraruko.
Uburebure bwawo ni bwiza, ni umunezero w’isi yose+,
igisagara c’Umwami ahambaye+.
5 Igihe babona ico gisagara, baratangaye cane.
Bararandutse umutima, barata baromoka.
6 Bakiri ng’aho barajugumiye,
bagira ububabare nk’ubw’umugore ariko aribaruka.
7 Usavya amato* y’i Tarushishi ukoresheje umuyaga wo mu buseruko.
8 Ivyo twari twarumvise ubu turavyiboneye
mu gisagara ca Yehova Nyeningabo, igisagara c’Imana yacu.
Imana izogikomeza gushika ibihe bidahera+. (Sela*)
Ukuboko kwawe kw’ukuryo kwuzuye ubugororotsi+.
13 Nimwihweze neza ibihome vyaho+.
Nimusuzume iminara yaho ikomeye
kugira muze muvyiganire abazokwaruka mu nyuma.