Igikenewe vy’ukuri kugira ngo umuntu abe umuhirwe
YEHOVA, ya “Mana ihimbawe”, be na Yezu Kirisitu, “umwe ahimbawe [akaba] kandi ari we wenyene Nyeningoma”, barazi kuruta abandi bose igikenewe kugira ngo umuntu abe uwuhiriwe (1 Timote 1:11, UB; 6:15, NW). Ku bw’ivyo, ntibitangaje kubona ikintu nyamukuru gituma umuntu aronka ubuhirwe tugisanga mw’Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya.—Ivyahishuriwe 1:3; 22:7.
Muri ya Nsiguro yiwe ya rurangiranwa yo ku musozi, Yezu aradondora ibikenewe kugira ngo umuntu abe umuhirwe. Avuga ati: “Hahiriwe” (UB) (1) aboro mu mitima canke abazi ko bakeneye ivy’impwemu, (2) abatuntuye, (3) abatekereza, (4) abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, (5) abagira imbabazi, (6) abafise imitima itanduye, (7) ababanguranya canke indemeshamahoro, (8) abahamwa bahorwa ukugororoka, (9) n’abatukwa kandi bagahamwa bahorwa Yezu.—Matayo 5:3-11a.
Amajambo Yezu yavuze yoba ari ay’ukuri?
Ukuri kugaragarira muri amwamwe mu majambo Yezu yavuze kurakeneye gusigurwa gatoya. Ni nde atokwemera yuko umuntu atekereza, w’umunyembabazi, kandi w’indemeshamahoro asunikwa n’umutima utanduye, azoba umuhirwe kuruta umuntu w’ishavu, w’amahane kandi atagira ikigongwe?
Ariko rero, twoshobora kwibaza ingene abantu bafise inzara n’inyota vyo kugororoka canke batuntuye bashobora kwitwa abahirwe. Mwene abo bantu babona ibintu vyo kw’isi nk’uko biri koko. ‘Baranihishwa bakongera bakarizwa n’ibizira vyose biriko birakorwa’ muri iki gihe cacu (Ezekiyeli 9:4). Ivyo ubwavyo ntibituma baba abahirwe. Ariko rero, igihe bamenye umugambi Imana ifise wo kuzana ubugororotsi kw’isi n’ubutungane ku mpahazwa, baca bagira umunezero ntangere.—Yesaya 11:4.
Ugukunda ubugororotsi biratuma kandi abantu batuntuzwa n’uko bama bananirwa gukora ibigororotse. Gutyo barazi ko bakeneye ivy’impwemu. Abantu nk’abo baremera guhanga amaso Imana kugira ngo ibarongore kubera batahura yuko ari yo yonyene ishobora gufasha abantu gutsinda ubugoyagoye bwabo.—Imigani 16:3, 9; 20:24.
Abantu batuntuye, abafise inzara n’inyota vyo kugororoka be n’abazi ko bakeneye ivy’impwemu barazi ko kugiranira ubucuti bwiza n’Umuremyi ari ikintu gihambaye. Ukugiranira ubucuti bwiza n’abantu birazana ubuhirwe, mugabo ukugiranira ubucuti bwiza n’Imana ni vyo birushiriza kubuzana. Vyemere, abitwararika cane ibigororotse, bakaba bafise umutima ukunze wo kwemera uburongozi buva ku Mana, barashobora vy’ukuri kwitwa abahirwe.
Ariko rero, woshobora gusanga bigoye kwemera ko umuntu ahamwa kandi agatukwa yoshobora kuba uwuhiriwe. Yamara, bitegerezwa gushoboka, kubera ko Yezu ari we yavyivugiye. Amajambo yavuze akwiye gutahurwa gute none?
Bishoboka gute ko umuntu aba uwuhiriwe kandi ariko arahamwa?
Urabona ko Yezu atavuze yuko ugutukwa n’uguhamwa ubwavyo bishikana ku buhirwe. Yavuze bimwe bitomoye ati: “Hahirwa abahamwa bahōrwa ukugororoka, . . . aho bazobatuka bakabahama . . . babampōye” (Matayo 5:10, 11). Rero, ubuhirwe buboneka gusa mu gihe umuntu atutswe kubera ko ari umuyoboke wa Kirisitu no kubera ko abaho yisunga ingingo ngenderwako zigororotse Yezu yigishije.
Ivyo birerekanwa n’ivyashikiye abakirisu bo mu ntango. Abanyekombe, ni ukuvuga ya sentare nkuru y’Abayuda, “bahamagaje intumwa, barazitonagura, barazīhanikiriza ngo ntizize zigishe mw izina rya Yesu, maze barazirekura”. Intumwa zavyakiriye gute? “Nuko bava mu maso y’abanyekombe, banezerejwe n’uko bemerewe gutētererezwa iryo zina. Kand’imisi yose mu rusengero no mu mihana ntibahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza bga Yesu, kw ari we Kristo”.—Ivyakozwe 5:40-42; 13:50-52, ni twe tubihiritse.
Intumwa Petero yaradufashije kurushiriza gutahura isano riri hagati y’ugutukwa be n’ubuhirwe. Yanditse ati: ‘Iyo mututswe muhowe izina rya Kirisitu, muba muhiriwe: kuko impwemu y’ubwiza, ari yo mpwemu y’Imana, iba kuri mwebwe’ (1 Petero 4:14). Ego cane, gucumukura kubera uri umukirisu uhorwa ko ukora ibigororotse, naho mwene ukwo gucumukura kudahimbaye, birazana ubuhirwe buva ku kumenya yuko muri ico gihe uronka impwemu yera y’Imana. None impwemu y’Imana ifitaniye isano gute n’ubuhirwe?
Ibikorwa vy’akameremere canke ivyamwa vy’impwemu?
Impwemu yera y’Imana iri ku bagamburukira Imana bonyene nka yo mutware (Ivyakozwe 5:32). Yehova ntaha impwemu yiwe abakora “ibikorwa vy’akameremere”. Ivyo bikorwa ni “ubushakanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke, gusenga ibigirwamana, uburozi, ubgansi, intonganya, ishari, uburake, ikēba, kwitandukanya, ibice, igono, kuborerwa, kudandahirwa, n’ibindi ben’ivyo” (Ab’i Galatiya 5:19-21). Ego ni ko, mw’isi ya kino gihe “ibikorwa vy’akameremere” biribonekeza rwose. Yamara, ababikora ntibaronka ubuhirwe nyakuri kandi buramba. Ahubwo, gukora ivyo bintu bironona ubucuti umuntu afitaniye n’incuti, abagenzi, be n’abo bazinanye. Vyongeye, Ijambo ry’Imana rivuga yuko “abakora ibisa birtyo batazoragwa ubgami bg’Imana”.
Igihushanye n’ivyo, Imana iraha impwemu yayo abarondera kwama ‘ivyamwa vy’impwemu’. Kamere zigize ivyo vyamwa ni “urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, ubugwaneza, ukwirinda” (Ab’i Galatiya 5:22, 23). Igihe tugaragaza izo kamere, turatuma haba ibintu bidushoboza kugiranira ubucuti burangwa amahoro n’abandi be n’Imana, ivyo na vyo bigaheza bikavamwo ubuhirwe nyakuri (Raba uruzitiro.). Igihambaye kuruta, tugaragaje urukundo, ukugira neza canke ubugwaneza, ingeso nziza canke ukumera neza, be n’izindi kamere ziva ku Mana, turahimbara Yehova tukongera tukagira icizigiro kirangwa ubuhirwe canke agahimbare co kubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha y’Imana izoba irangwamwo ubugororotsi.
Ubuhirwe ni ikintu umuntu yihitiramwo
Igihe Wolfgang n’umukenyezi wiwe Brigitte bo mu Budagi batangura kwiga Bibiliya n’umwete, bari batunze vyinshi mu bintu vy’umubiri abantu benshi biyumvira yuko bikenewe kugira ngo umuntu abe uwuhiriwe. Bari bakiri bato kandi bafise amagara meza. Wasanga bambara impuzu zizimvye, bakaba mu nzu isharije mu buryo buryoheye ijisho, bakaba kandi bari bafise urudandaza rubinjiriza amahera menshi. Mwinshi mu mwanya wabo wasanga bawukoresha mu kurushiriza kwiruka inyuma y’amaronko, mugabo ivyo ntivyabaronkeje ubuhirwe nyakuri. Ariko rero, mu nyuma Wolfgang na Brigitte baragize ihitamwo rihambaye. Baratanguye gukoresha umwanya be n’akigoro birushirije mu gukurikirana ivy’impwemu, eka kandi bararondera uburyo bwo kurushiriza kwiyegereza Yehova. Ihitamwo bagize ntiryatevye kubashikana ku guhindura inyifato yabo, ivyo na vyo bikaba vyarabavyuriye umutima wo kworosha ubuzima bwabo no kuba abatsimvyi, ni ukuvuga abamamaji b’Ubwami b’igihe cose. Muri iki gihe, baritanze baja gukorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova mu Budagi. N’ikindi kandi, bariko bariga ururimi rwo muri Aziya kugira ngo bafashe ba kavantara kwiga ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya.
None uwo mugabo n’umugore boba bararonse ubuhirwe nyakuri? Wolfgang avuga ati: “Kuva igihe twatangura kurushiriza gukurikirana ibintu vy’impwemu, twarabaye abantu bahiriwe kuruta twongera turarushiriza guhera akanyota. Gusukurira Yehova n’umutima wacu wose vyarakomeje kandi umubano wacu. Imbere y’aho, twari dufise umubano urangwa ubuhirwe, mugabo amabanga twitwararika be n’ivyadushimisha vyatuma tudahuza imigambi. Ubu dukurikirana umugambi umwe dufatanye mu nda”.
Hakenewe iki kugira ngo umuntu abe uwuhiriwe?
Tubivugire hamwe: Niwirinde “ibikorwa vy’akameremere”, kandi urondere kwama ‘ivyamwa vy’impwemu y’Imana’. Kugira ngo umuntu abe uwuhiriwe, arakeneye gucambirwa kugiranira n’Imana ubucuti somambike. Umuntu yita ku rutare kugira ngo ashikire ico kintu, azohuza n’amajambo Yezu yavuze adondora umuntu ahiriwe.
Ku bw’ivyo rero, ntushike ku ciyumviro kitari co c’uko ubuhirwe utoshobora kuburonka. Ego ni ko, muri iki gihe ushobora kuba udafise amagara meza canke ugashobora mbere kuba ufise ingorane mu mubano wanyu w’ababiranye. Kumbure ntibigishoboka ko uronka ibibondo, canke hari aho woba uriko wita ku rutare kugira ngo urabe ko woronka umwuga mwiza. Kumbure ntugifise amahera menshi nka mbere. Naho biri ukwo, gira umutima rugabo; nta mvo n’imwe ufise yo kwihebura! Ubutegetsi bw’Ubwami bw’Imana buzotorera umuti izo ngorane be n’izindi amajana n’amajana. Nkako, Yehova Imana agiye gushitsa umuhango yatanze waseruwe n’umwanditsi wa Zaburi, ugira uti: “Ubgami bgawe n’ubgami bg’ibihe bidashira . . . Upfumbatura igipfunsi cawe, ugahāza ukwifuza kw’ibiriho vyose” (Zaburi 145:13, 16). Nk’uko abasavyi ba Yehova amamiliyoni bari hirya no hino kw’isi bashobora kubishingira intahe, kugumiza ku muzirikanyi uwo muhango uhumuriza Yehova atanga, bizogira ikintu kinini biterereye ku buhirwe bwawe muri iki gihe.—Ivyahishuriwe 21:3.
[Utujambo tw’epfo]
a Kimwekimwe cose muri ivyo bintu icenda gitangurirwa n’ijambo ry’ikigiriki ma·kaʹri·oi. Aho kugira ngo Bibiliya Traduction du monde nouveau irihindure ngo “hahezagiwe” nk’uko izindi mpinduro zirihindura, yoyo hamwe n’izindi mpinduro zimwezimwe, nk’akarorero iyitwa La Bible de Jérusalem hamwe n’Ubwuzure Bushasha, zikoresha ijambo rirushirije kutagiramwo agakosa ari ryo “hahiriwe”.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 6]
Ibintu bituma umuntu aba uwuhiriwe
Urukundo rutuma abandi na bo bagukunda.
Umunezero uraguha inkomezi zo guhangana n’ingorane.
Amahoro aragufasha kwirinda amatati mu migenderanire ugiranira n’abandi.
Ukwihangana kuragushoboza kuguma uhimbawe n’igihe nyene uri mu kigeragezo.
Ubugwaneza butuma abandi bakwiyegereza.
Ukumera neza kwawe kuratuma abandi bagira ico bafashije igihe ukeneye imfashanyo.
Ukwizera kuzotuma uronka ubuyobozi Imana itanga buranga urukundo.
Ukwiyorosha kuzotuma umutima, ubwenge n’umubiri bitekana.
Ukwirinda canke ukwigumya kuzotuma amakosa ukora arushiriza kuba make.
[Amafoto ku rup. 7]
Kugira ngo uronke ubuhirwe, urakeneye kwironsa ivyo ukeneye mu vy’impwemu