Inkuru y’ubuzima
Ubuzima bumara akanyota kandi buteye umunezero bwo kwitanga bivuye ku mutima
NK’UKO VYAVUZWE NA MARIAN SZUMIGA N’UMUKENYEZI WIWE ROSA
“Nzogushikanira ikimazi kivuye imbere mu mutima”. Ukwo ni ko muri Zaburi 54:6 havuga. Ayo majambo ni yo yabaye ishimikiro mu buzima bwa Marian Szumiga n’umukenyezi wiwe Rosa, baba mu Bufaransa. Baherutse gufata akanya baratwiganira bimwebimwe mu bintu bikurubikuru vyaranze ubuzima burebure kandi bumara akanyota bagize mu murimo wa Yehova.
MARIAN: Abavyeyi banje bari muri gatolika ya Roma bakaba bari bimukiye ino bavuye muri Polonye. Dawe yari umuntu aciye bugufi. Ntiyigeze aronka akaryo ko kuja mw’ishure. Ariko rero, mu ntambara ya mbere y’isi yose, yarize gusoma no kwandika ari mu gisoda. Dawe yari umuntu atinya Imana, ariko kenshi idini ryaramuvuna umutima.
Hari ikintu cabaye kitigeze kimuva mu bwenge. Umusi umwe mu ntambara, umumenyeshamana umwe yaragendeye umugwi w’abasoda dawe yarimwo. Igihe haturika igisasu hafi y’aho, uwo mumenyeshamana yaciye ahunga yishwe n’ubwoba, akubitisha umusaraba ifarasi yiwe kugira yihute. Dawe yarababaye kubona umuntu yitwa ko aserukira Imana akoresha ikintu citwa ko ari ceranda kugira ngo yihutishe uguhunga kwiwe. Naho dawe yabonye ivyo vyose akongera akibonera ibintu vy’agacavutu biterwa n’indwano, ukwizera Imana kwiwe ntikwigeze kugoyagoya. Akenshi yabona ko Imana ari yo yatuma atabaruka amahoro.
“Polonye ntoya”
Mu 1911, dawe yarubakanye n’umwigeme wo mu kigwati cari gihereranye n’ic’iwabo. Yitwa Anna Cisowski. Gatoyi inyuma y’intambara, mu 1919, dawe na mawe barimutse bava muri Polonye baja kuba mu Bufaransa, aho dawe yaronse akazi ko kwimba ibizuku. Navutse muri Ntwarante 1926 i Cagnac-les-Mines mu Bumanuko bushira Uburengero bw’Ubufaransa. Mu nyuma, abavyeyi banje bagiye kuba ahantu haba Abanyapolonye i Loos-en-Gohelle, hafi y’i Lens mu Buraruko bw’Ubufaransa. Uwakora imikate yari Umunyapolonye, umudandaza w’inyama yari Umunyapolonye, patiri wa paruwasi na we nyene yari Umunyapolonye. Ntibitangaje kubona aho hantu bahita Polonye ntoya. Abavyeyi banje baraja mu bikorwa vyo mu kibano. Akenshi dawe yaratunganya ibiteramo, ivyaba bigizwe n’igikino, umuziki be n’ukuririmba. Yarakunda kandi kugiranira ibiganiro na patiri, ariko rero ntiyanyurwa n’ukuntu patiri yama amwishura ngo: “Hari ibinyegezwa vyinshi”.
Umusi umwe mu 1930, hari abakenyezi babiri badodoye ku rugi iwacu. Bari Abatohoji ba Bibiliya nk’uko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe. Dawe yararonse Bibiliya ayihawe na bo, kikaba ari igitabu yari yaripfuje gusoma kuva kera. We na mawe baranasomye n’umushasharo ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya nya bakenyezi babasigiye. Abavyeyi banje barakozwe ku mutima cane n’ivyo basomye muri ivyo bisohokayandikiro. Naho bari bafise vyinshi bacurumbamwo, abavyeyi banje baratanguye kwitaba amakoraniro yagirwa n’Abatohoji ba Bibiliya. Ibiganiro bagiranira na patiri vyarushirije kubamwo ibihari gushika n’aho umusi umwe uwo mupatiri azana iterabwoba ngo abavyeyi banje baramutse babandanije kwifatanya n’Abatohoji ba Bibiliya, mushikanje Stéphanie yokwirukanywe mw’ikatikisimu. Dawe yishuye ati: “Ntiwirirwe urigora. Guhera ubu, umukobwa wanje n’abandi bana bazohora bajana natwe ku makoraniro y’Abatohoji ba Bibiliya”. Dawe yaravuye mw’idini yarimwo maze mu ntango z’umwaka wa 1932, abavyeyi banje barabatizwa. Ico gihe, mu Bufaransa hari nk’abamamaji b’Ubwami 800 gusa.
Rosa: Abavyeyi banje bamuka muri Hongiriya kandi, nk’uko vyari biri ku muryango wa Marian, bari baje kuba mu Buraruko bw’Ubufaransa kugira bakore mu bucukuzi bw’ibizuku. Navutse mu 1925. Mu 1937, Icabona ca Yehova yitwa Auguste Beugin ari we Papa Auguste nk’uko twamuhamagara, yaratanguye kuzanira abavyeyi banje Umunara w’Inderetsi mu rurimi rw’ikinyahongiriya. Ivyo binyamakuru vyarabashimisha, ariko nta n’umwe muri bo yacitse Icabona ca Yehova.
Naho nari nkiri muto, narakorwa ku mutima n’ivyo nasoma mu Munara w’Inderetsi, maze umukazana wa Papa Auguste yitwa Suzanne Beugin atangura kunyitwararika. Abavyeyi banje baramwemereye kuza aranjana ku makoraniro. Mu nyuma igihe natangura akazi, ukuba nitaba amakoraniro kw’iyinga dawe ntivyamuguye neza. Naho muri rusangi yari umuntu asanzwe yimereye neza, nticabujije ko yidoga ngo: “Hagati mu ndwi ntuba uri ngaha, kw’iyinga na ho ngo n’ukuja ku makoraniro yanyu!”. Yamara nabandanije ngenda. Umusi umwe rero dawe yaravuze ati: “Tekera utwawe ugende!”. Bwari bwamaze kwira. Nari mfise imyaka 17 gusa kandi sinari nzi iyo noja. Naruhukiye kwa Suzanne niyuha iryosozi. Naragumanye na Suzanne nk’indwi yose imbere y’uko dawe arungika mwenewacu ngo antahane. Nari nsanzwe ndi umunyamasoni, ariko iciyumviro kivugwa muri 1 Yohana 4:18 caramfashije gushikama. Ico canditswe kivuga ko “urukundo ruhīngūwe rusenda ubgoba”. Mu 1942, narabatijwe.
Iragi ry’agaciro ryo mu vy’impwemu
Marian: Nabatijwe mu 1942, hamwe na bashikanje Stéphanie na Mélanie be na mwenewacu Stéphane. I muhira, ubuzima bwo mu muryango bwari bwubakiye kw’Ijambo ry’Imana. Igihe twese twaba dukoraniye ku meza, dawe yaradusomera Bibiliya mu gipolonye. Akenshi twamara imigoroba twumviriza abavyeyi bacu igihe baba bariko barayaga ivyo babonye mu gikorwa co kwamamaza Ubwami. Ivyo bihe biremesha mu buryo bw’impwemu vyaratwigishije gukunda Yehova no kurushiriza kumwizigira. Amagara mabi yatumye dawe ahagarika akazi, mugabo yarabandanije kutwitwararika mu vy’impwemu no mu vy’umubiri.
Kubera ko ico gihe dawe yari afise umwanya munini, rimwe mu ndwi yarigisha Bibiliya mu rurimi rw’igipolonye abakiri bato bo mw’ishengero. Aho ni ho nigiye gusoma igipolonye. Dawe kandi yararemesha abakiri bato mu bundi buryo butari bumwe. Umusi umwe igihe umuvukanyi Gustave Zopfer, uwari ahagarikiye igikorwa c’Ivyabona vya Yehova mu Bufaransa ico gihe, yagendera ishengero ryacu, dawe yaratunganije umugwi w’abaririmvyi be n’igikino c’ivya Bibiliya cakinywe n’abantu bambaye nk’abo mu bihe vya Bibiliya gishingiye kuri ya mazimano y’Umwami Belushaza be na kwa kwandika kw’intoke ku ruhome (Daniyeli 5:1-31). Uruhara rwa Daniyeli rwakinywe na Louis Piéchota, uwahavuye afata impagararo ishikamye y’ukutifatanya n’Abanazia. Ivyo ni vyo bintu twebwe abana twakuriyemwo. Twarabona ko abavyeyi bacu bama bafise vyinshi bakora mu vy’impwemu. Muri iki gihe, ndatahura yuko abavyeyi bacu badusigiye iragi ry’agaciro.
Igihe Intambara ya Kabiri y’Isi Yose yatangura mu 1939, igikorwa c’Ivyabona vya Yehova carabujijwe mu Bufaransa. Igihe kimwe, baraje gusaka mu kigwati twabamwo. Inzu zose zarakikujwe n’abasoda b’Abadagi. Dawe yari yarubatse ububiko butaboneka hasi mu kabati ko kubikamwo impuzu, maze duca turanyegezayo ibisohokayandikiro vya Bibiliya bitandukanye. Yamara, amakopi atari make y’agatabu Fascisme ou Liberté yari mu kabati k’imeza yo gufungurirako. Dawe yaciye anyaragasa arayabika mu mufuko w’ikoti yari imanitse muri koridoro! Abasoda babiri n’umupolisi umwe w’Umufaransa ni bo basatse inzu yacu. Umutima waratuvuyemwo. Umwe mu basoda yaratanguye gusaka mu mpuzu zari zimanitse muri koridoro, maze haheze akanya tuza tubona yinjiye mu gikoni aho twari turi afise twa dutabu mu minwe. Yaraturavye urujisho, ashira utwo dutabu ku meza, aca abandanya gusaka ahandi. Naciye nsimba ntora twa dutabu, ndadushira mu kabati abasoda bari bamaze gusaka. Nya musoda ntiyigeze asaba twa dutabu, wamengo ntakitwibuka na gato!
Ninjira mu murimo w’igihe cose
Mu 1948, nafashe ingingo yo kwitanga kugira nsukurire Yehova igihe cose, mu murimo w’ubutsimvyi. Haciye imisi mikeyi, nararonse ikete rivuye ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova mu Bufaransa. Iryo kete ryandungika kuba umutsimvyi mw’ishengero rya Sedan, hafi yo mu Bubiligi. Abavyeyi banje baranezerejwe no kubona ngiye gusukurira Yehova muri ubwo buryo. Ariko rero, dawe yaranyeretse ko kuba umutsimvyi atari ugufyina. Cari kuba igikorwa kitoroshe. Ariko rero, yambwiye ko nokwamye nisanga nje muhira iwe, kandi ko ndamutse ngize ingorane nomwituye. Naho abavyeyi banje batari bafise amahera menshi, baranguriye ikinga rishasha. Ndacafise fagitire y’iryo kinga, kandi iyo ndayiravye amosozi aradengera mu maso. Dawe na mawe bapfuye mu 1961, ariko amajambo aranga ubukerebutsi ya dawe aracumvikana mu matwi yanje; ayo majambo yarandemesheje yongera arampumuriza mu myaka yose maze mu murimo.
Uwundi muntu yambereye isoko ry’indemesho ni umuvukanyikazi w’imyaka 75 wo mw’ishengero rya Sedan yitwa Elise Motte. Mu ci, narafata ikinga ryanje nkaja kwamamaza mu bigwati vya kure, Elise na we akansangayo aje n’igariyamoshi. Ariko rero, umusi umwe abakozi bo kw’igariyamoshi baragize yegereyegere, bica bituma Elise abura ukuntu ataha. Ikintu conyene nashobora gukora, kwari ukumuheka inyuma kw’ikinga ryanje maze nkamutahana, bikaba bitari vyoroshe kurinyonga. Bukeye, nagiye njanye umudo nja gutora Elise i muhira iwe. Yarahagaritse gufata gariyamoshi, hanyuma mu duhera yaziganije, sasita aragura akayi turanywa. Ni nde yari kwibaza ko ikinga ryanje ryokoze akazi ko guheka?
Amabanga yiyongera
Mu 1950, baransavye kuba umucungezi w’umuzunguruko mu karere kose ko mu Buraruko bw’Ubufaransa. Kubera ko nari mfise imyaka 23 gusa, ikintu ca mbere canjemwo bwabaye ubwoba. Niyumviriye ko ibiro vy’ishami vyari vyihenze! Ibibazo vyaranyuragiranye mu mutwe: ‘Ubwo ndakwije ibisabwa mu buryo bw’impwemu no mu bw’umubiri kugira ngo nkore ico gikorwa? Noshobora gute kwihanganira ivyo kuza ndahindagura uburaro uko indwi itashe’? N’ikindi kandi, kuva ngifise imyaka itandatu, narafashwe n’indwara y’amaso yitwa strabisme. Iyo ndwara yatumye ijisho ryanje rimwe riturumbuka. Ivyo vyatumye nguma mbura uko nifata, nibaza ukuntu abandi babibona. Ikinezereje, ico gihe narafashijwe cane na Stefan Behunick, uwari yarasohotse rya shure ry’i Gileyadi rimenyereza abamisiyonari. Umuvukanyi Behunick yari yarirukanywe muri Polonye kubera igikorwa ciwe co kwamamaza, hanyuma aca arungikwa mu Bufaransa. Uburindutsi bwiwe bwarankoze ku mutima rwose. Yarubaha Yehova be n’ukuri bimwe bigera kure. Hari abibaza ko yankarira, yamara naramwigiyeko vyinshi. Ugushira amanga kwiwe kwaramfashije kurushiriza kugira ukwizigira.
Igikorwa c’umuzunguruko catumye nibonera ibintu biteye umunezero mu murimo wo mu ndimiro. Mu 1953, baransavye kuja kugendera umugabo umwe yitwa Paoli yaba mu Bumanuko bw’igisagara ca Paris, yari yaragirishije abonema y’Umunara w’Inderetsi. Twarabonanye, maze ndamenya ko yari yarakukurutse mu gisirikare kandi ko yaryohewe n’Umunara w’Inderetsi. Yambwiye yuko aho amariye gusoma ikiganiro kivuga ivy’Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu mu nomero yaheruka gusohoka, yahimbaje Icibutso ari wenyene aca amara uwo mugoroba wose asoma Amazaburi. Ikiganiro twagiraniye camaze igice kitari gito c’umuhingamo. Imbere y’uko ngenda, twaraganiriye kandi mu ncamake ivy’ukubatizwa. Mu nyuma, naramurungikiye ubutumire bwo kwitaba iteraniro ryacu ry’umuzunguruko ryari kugirwa mu ntango z’umwaka wa 1954. Yaraje, kandi mu bantu 26 babatijwe kuri iryo teraniro, harimwo umuvukanyi Paoli. Ivyabonywe bene ivyo, n’ubu biracambera isoko ry’umunezero.
Rosa: Muri Gitugutu 1948, naratanguye ubutsimvyi. Aho mariye gukorera i Anor hafi yo mu Bubiligi, narungitswe gukorera i Paris, ndi kumwe n’uwundi mutsimvyi yitwa Irène Kolanski (ubu yitwa Leroy). Twaba mu kumba gatoyi i Saint-Germain-des-Près mu gisagara hagati. Kubera ko ntari umunyamuji, naratinya abanya Paris. Nibaza ko bose ari abantu bahanitse kandi ko bazi ubwenge cane. Mugabo biciye ku kubabwira inkuru nziza, sinatevye kumenya ko batari batandukanye n’abandi bantu. Akenshi umunyezamu wo ku rugi yaratwirukana, kandi gutanguza inyigisho za Bibiliya vyari bigoye. Ariko rero, ico nticabujije ko haboneka abantu bakira ubutumwa twashikiriza.
Kw’iteraniro ry’umuzunguruko ryabaye mu 1951, twe na Irène twarabajijwe ibibazo ku vyerekeye umurimo wacu w’ubutsimvyi. Ndabapfinze uwatubajije! Yari umucungezi w’ingenzi akiri muto yitwa Marian Szumiga. Twari tumaze kubonana rimwe, ariko inyuma y’iryo teraniro, twaciye dutangura kuza turandikirana. Twe na Marian twari dufise ibintu vyinshi duhurijeko, ushizemwo n’ivy’uko twempi twabatijwe mu mwaka umwe tukongera tugatangura ubutsimvyi mu mwaka umwe. Ariko icari gihambaye kuruta, twempi twipfuza kuguma mu murimo w’igihe cose. Nuko rero tumaze kubirimbura tubijanisha n’isengesho, twarubakanye ku wa 31 Mukakaro 1956. Aho ntereye iyo ntambwe, nari ntanguye uburyo bushasha bwo kubaho. Uretse ko nari mbaye inarugo, nategerezwa kandi guherekeza Marian mu gikorwa c’umuzunguruko, ivyo bikaba vyansaba kuza ndahindura uburyamo uko indwi itashe. Mu ntango ntivyari vyoroshe na gato, ariko umunezero mwinshi wari uturindiriye.
Ubuzima bushimishije
Marian: Mu myaka n’iyindi, twaratewe agateka ko kuza turafasha mu vyo gutegura amahwaniro atari make. Ndibuka canecane ihwaniro ryabaye mu 1966, i Bordeaux. Ico gihe, ibikorwa vy’Ivyabona vya Yehova muri Porotigali vyari bibujijwe. Gutyo rero, porogarama y’ihwaniro yashikirijwe no mu rurimi rw’igiporotigali kugira ngo Ivyabona bari baje mu Bufaransa baryungukireko. Abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bakirisu bo muri Porotigali baraje, mugabo urugamba rwari ruhari kwari ukuronka aho barara. Kubera ko Ivyabona b’i Bordeaux batari bafise ivyumba bihagije mu mazu yabo, twarakotesheje ikizu kigaragara barabiramwo amasenema, kiba ari co tugira uburaro. Twarakuyemwo intebe zose duca dukoresha igitambara bakingiriza ku mukiruruko kugira tuhacemwo uburyamo bubiri, bumwe bw’abavukanyi, ubundi bw’abavukanyikazi. Twarashizeho kandi ubwogero be n’ivyo kwogerezamwo ibintu, turasasa ubwatsi hasi, tuburenzako ibishuka bigumye. Bose barashimye ivyo bintu twatunganije.
Igihe ibiringo vy’ihwaniro vyaba biheze, twaraja kuraba abavukanyi n’abavukanyikazi bacu muri ubwo buraro. Wasanga harangwa akayaga keza utoraba. Ese ukuntu twaremeshejwe n’ibintu vyari vyarabashikiye naho bari bamaze imyaka bihanganira ukurwanywa! Igihe bataha ihwaniro riheze, twese twarakoroye amosozi.
Akandi gateka twari twagatewe imyaka ibiri imbere y’aho, mu 1964, igihe nasabwa kuba umucungezi w’intara. N’ico gihe nyene naribajije nimba nkwije ibisabwa kugira ngo nkore ico gikorwa. Mugabo naribwiye nti: “Ababijejwe ko barinze bansaba kwemera ico gikorwa, biboneka ko biyumviriye ko ndagishoboye”. Cari ikintu ciza gukorana n’abandi bacungezi b’ingenzi. Narabigiyeko vyinshi. Benshi muri bo ni uburorero bwiza mu vyo kwihangana no gukomera kw’ibanga, izo zikaba ari kamere zihambaye mu nyonga za Yehova. Naratahuye ko Yehova azi aho adusanga mu gihe twize kurindira.
Mu 1982, ibiro vy’ishami vyaradusavye kandi kwitwararika umugwi mutoyi w’abamamaji 12 b’Abanyapolonye i Boulogne-Billancourt, ku nkengera y’igisagara ca Paris. Ntavyo twari twiteze. Nari nzi amajambo amwamwe ya gitewokarasi mu rurimi rw’igipolonye, ariko vyarangora kwubaka amungane. Yamara, ubuntu be n’umutima wo gusenyera ku mugozi umwe vy’abo bavukanyi, vyaramfashije cane. Muri iki gihe, hari abamamaji nka 170 muri iryo shengero, harimwo n’abatsimvyi bashika hafi 60. Mu nyuma, twe na Rosa twaragendeye kandi imigwi be n’amashengero bikoresha ururimi rw’igipolonye muri Otirishe, muri Danemarike, no mu Budagi.
Ibintu bihinduka
Ubuzima bwacu bwari ubwo kugendera amashengero atandukanye, mugabo kubera amagara yanje yatera aba mabi, vyadusavye guhagarika igikorwa cacu c’ubugenduzi mu 2001. Twaronse inzu mu gisagara ca Pithiviers, aho mushikanje Ruth aba. Ibiro vy’ishami vyaratugiriye ubuntu bitugena kuba abatsimvyi badasanzwe, turanagabanirizwa amasaha dusabwa gukora baravye ukuntu ivyacu vyifashe.
Rosa: Umwaka wa mbere tumaze guhagarika igikorwa c’umuzunguruko ntiwanyoroheye. Iryo hinduka ryari rikomeye ku buryo numva umengo nta co nkimaze. Maze nariyibukije nti: “Urabona, uracashobora kuguma ukoresha neza umwanya wawe be n’inkomezi usigaranye mu kuba umutsimvyi”. Muri iki gihe ndahimbawe kubona nkorana n’abandi batsimvyi mw’ishengero ryacu.
Yehova yamye nantaryo atubungabunga
Marian: Ndashimira Yehova cane kubona Rosa yarambereye umugenzi muri iyi myaka 48 iheze. Muri iyo myaka yose namaze mu gikorwa c’ubugenduzi, yaranshigikiye cane. Nta n’umusi n’umwe nigeze numva avuga ngo ‘icompa tukicara uruhande rumwe maze tukagira iwacu’.
Rosa: Rimwe na rimwe, nagira gutya nkumva umuntu ambwiye ati: “Ubwo buzima bwanyu ntibusanzwe. Mwama mubana n’abandi”. Mugabo vy’ukuri, ico bita “ubuzima busanzwe” ni igiki? Akenshi usanga twebwe abantu twirundaniriza ibintu vyinshi bishobora kutubera intambamyi ntidukurikirane ibikorwa vyo mu vy’impwemu. Ico dukenera gusa ni aho kuryama hameze neza, imeza be n’utundi tuntu dukeyi twa nkenerwa. Bwa batsimvyi, twari dufise utuntu dukeyi mu vy’umubiri, yamara twari dufise ivyo dukeneye vyose kugira ngo dukore ivyo Yehova agomba. Rimwe na rimwe barambaza bati: “Uzobigenza gute niwasaza udafise inzu yawe canke amahera ya pansiyo?”. Naca nsubiramwo amajambo ya Zaburi 34:10, agira ati: “Abarondera Uhoraho ntibazogira iciza bakena”. Yehova yamye nantaryo atubungabunga.
Marian: Ni vyo! Kukaba nka ko, Yehova yaraduhaye ibiruta ivyo twari dukeneye. Nk’akarorero, mu 1958, barampisemwo ngo nserukire umuzunguruko wacu mw’ihwaniro mpuzamakungu i New York. Ariko rero, nta mahera twari dufise yo kugura itike ya Rosa. Umusi umwe ku mugoroba, hari umuvukanyi yaduhaye ibahasha yanditseko “New York”. Ingabirano yarimwo yatumye dushobora kujana na Rosa!
Twe na Rosa ntitwicuza na gato ku bijanye n’imyaka tumaze mu murimo wa Yehova. Nta co twahomvye ahubwo twaronse vyose, ni ukuvuga ubuzima bumara akanyota kandi buteye umunezero mu murimo w’igihe cose. Yehova ni Imana y’igitangaza. Twarize kumwizigira n’umutima wacu wose, kandi urukundo tumukunda rwararushirije kwongerekana. Bamwebamwe mu bavukanyi bacu bakirisu, ukudahemuka kwabo kwatumye batakaza ubuzima. Ariko rero, ndemera yuko uko imyaka irengana umuntu ashobora kandi kugenda aratanga ubuzima bwiwe buhorobuhoro. Ivyo ni vyo twe na Rosa twihatiye gukora gushika n’ubu, kandi ni vyo twiyemeje gukora muri kazoza.
[Akajambo k’epfo]
a Inkuru y’ubuzima ya Louis Piéchota ivuga ngo “J’ai survécu à la ‘marche de la mort’”, yasohowe mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Munyonyo 1980.
[Ifoto ku rup. 20]
François Szumiga n’umukenyezi wiwe Anna be n’abana babo Stéphanie, Stéphane, Mélanie, na Marian nko mu 1930. Marian ni uwo ahagaze ku ntebe
[Ifoto ku rup. 22]
Hejuru: Hariko herekanwa ibisohokayandikiro vya Bibiliya ku meza yo mw’isoko i Armentières, mu Buraruko bw’Ubufaransa mu 1950
[Ifoto ku rup. 22]
Ibubamfu: Stefan Behunick ari kumwe na Marian mu 1950
[Ifoto ku rup. 23]
Marian na Rosa buca bagira ubugeni
[Ifoto ku rup. 23]
Rosa (ku mpera ibubamfu) hamwe n’uwo bakorana ubutsimvyi ari we Irène (agira kane uvuye ibubamfu), bariko baratangaza iteraniro mu 1951
[Ifoto ku rup. 23]
Mu kugendera imizunguruko ahanini amakinga ni yo yakoreshwa