Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 12 Ruhuhuma
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8 canke ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bubereye mu cibare canyu, nimugire umwerekano w’ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero na Réveillez-vous! yo muri Nzero. Muri umwe muri iyo myerekano, niherekanwe ukuntu umuntu yokwishura ku majambo yoshobora guhagarika ikiyago avuga ngo ‘Ivyerekeye idini nta vyo ngomba’.—Raba agatabu Uburyo bwo Gutanguza Ibiyago, rup. 9-10.
Imin. 35: “Dukwize hose kamere nziza za Yehova”.a Gishikirizwe n’umucungezi w’umurimo. Ico kiganiro kigeze aho mubona ko hari ivyiyumviro bibereye, nimutangaze igihe Icibutso kizoberako be n’aho kizobera, intunganyo zerekeye amakoraniro yiyongereye yo gusohoka mu ndimiro be n’abatsimvyi bafasha ishengero ryiyemeje kuzoshikako muri Ndamukiza.
Ururirimbo rwa 147 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 19 Ruhuhuma
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 20: “Niwigane wa Mwigisha Ahambaye igihe ukoresha igitabu Ivyo Bibiliya yigisha”.b Igihe murimbura ingingo ya 6, nimugire umwerekano mugufi werekana umwamamaji ariko arakoresha uruzitiro ruri ku mpera y’ikigabane ca 6 c’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha mu kugira isubiramwo ry’ico kigabane bari kumwe n’uwo yigisha.
Imin. 20: Woba ushobora gutanguza inyigisho ya Bibiliya muri Ntwarante? Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Mu gice ca mbere c’ukwezi kwa Ntwarante tuzoshikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha dufise intumbero yo gutanguza inyigisho za Bibiliya. Nimwihweze inama zitangwa mu nyongera yo mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2006, ku rupapuro rwa 3-6. Mukoresheje imwe mu nama zitangwa ku rupapuro rwa 6 rw’ico Gikorwa dukorera Ubwami, canke ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bubereye mu cibare iwanyu, nimugire umwerekano w’ingene umwamamaji yotanguza inyigisho ya Bibiliya akigendera umuntu ari bwo bwa mbere. Nimusabe abumviriza bigane ivyabonywe bidasanzwe vyabashikiye igihe bakoresha ico gitabu, canecane mu vyo gutanguza inyigisho za Bibiliya.
Ururirimbo rwa 220 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 26 Ruhuhuma
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nimusome raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyemeza ko intererano mwatanze zashitse. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8 canke ubundi buryo bwo gutanguza ikiyago bubereye mu cibare canyu, nimugire umwerekano w’ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nzero be na Réveillez-vous! yo muri Nzero. Muri umwe muri iyo myerekano, niherekanwe umwamamaji ariko arakorera mu cibare kiberamwo ubucuruzi.
Imin. 15: “Ntukibagire abahororokewe”.c Shiramwo insasanuro zishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 2004, urupapuro rwa 21-22, ingingo ya 13-16.
Imin. 20: “Niwigane Kristu mu busuku urangura”.d Nimba umwanya ubakundiye, nimusabe abumviriza basome bongere bagire ico bavuze ku vyanditswe vyatanzwe yamara bitasubiwemwo.
Ururirimbo rwa 18 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 5 Ntwarante
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Nimuhe umwe wese mu bitavye ikoraniro ikopi imwe y’ubwo butumire, mwongere muce irya n’ino intunganyo yagizwe ng’aho iwanyu ijanye n’ugushikiriza ubwo butumire mu cibare canyu. Himiriza bose kubigiramwo uruhara mu buryo bushitse. Nimushiremwo umwerekano werekana ukuntu ubwo butumire bwokoreshwa. Udukuru twa gitewokarasi.
Imin. 15: Twamamaze inkuru nziza mu buryo buri ku rutonde. Insiguro be no guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba, kuva ku gatwe kari ku rupapuro rwa 102 gushika ku mpera y’ico kigabane.
Imin. 15: “Twabikijwe ubutunzi”.e Nimba umwanya ubibakundiye, nimusabe abumviriza bagira ico bavuze ku vyanditswe vyatanzwe ariko bitasubiwemwo.
Ururirimbo rwa 104 n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
e Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.