Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 8 Kigarama
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nimwihweze muri make uburyo bwo kurabirako mu gutanguza ibiyago dusanga ku rupapuro rwa 8, mu gushikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo be na Réveillez-vous ! yo muri Munyonyo. Nusabe abumviriza bashoboye gushikiriza neza ivyo binyamakuru, bigane ukuntu babishikirije. Ni ikiganiro ikihe, ikibazo ikihe be n’icanditswe ikihe bakoresheje?
Imin. 15: Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ryo mu 2009. Insiguro ishikirizwa n’umucungezi w’ishure. Nimuganire ku vyiyumviro bikenewe gushimikwako aho iwanyu bivuye mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Gitugutu 2008. Nimusubire mwihweze uruhara umuhanuzi w’inyongera arangura. Nuremeshe bose kugira ubwira mu kwitwararika ibiganiro bashingwa, mu kugira uruhara mu kiganiro c’ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya be no mu gushira mu ngiro inama zitangwa ku ndwi ku ndwi zivuye mu gitabu Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi.
Imin. 20: “Uburyo ngirakamaro bwo gutanguza ibiyago.”a Nimugire umwerekano ushingiye ku majambo yo gutanguza ibiyago yerekanywe mu ngingo ya 5. Nimugire kandi umwerekano ushingiye ku majambo yo gutanguza ibiyago ari mu gatabu Uburyo bwo Gutanguza no Kubandanya Ibiyago Bishingiye Kuri Bibiliya (rup. 2-7) yoba abereye mu cibare canyu. Nuremeshe abavukanyi kwitwaza ako gatabu igihe bari mu murimo wo mu ndimiro be no kugakoresha mu kwishura ibibazo no mu gutsinda amajambo yohava ahagarika ibiyago. Nuremeshe bose kugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro mu mpera y’uwu mushamvu.
Indwi itangura ku wa 15 Kigarama
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami.
Imin. 10: Nukoreshe ugusubiramwo igihe uri mu busuku. Insiguro be n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, urupapuro rwa 207. Nimugire umwerekano mugufi ushingiye ku nama imwe canke zibiri dusanga muri ayo mayagwa.
Imin. 25: “Nube kirumara mu busuku urangura.”b Gishikirizwe n’umucungezi w’umurimo canke uwundi mukurambere. Niwerekane ukuntu ayo mayagwa yoshirwa mu ngiro aho iwanyu.
Indwi itangura ku wa 22 Kigarama
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nimusome raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyemeza ko intererano mwatanze zashitse. Nimuvuge ibisohokayandikiro tuzoshikiriza muri Nzero ivyo ari vyo, kandi hagire umukurambere agira umwerekano w’ukuntu vyoshikirizwa.
Imin. 15: Twitegurire gushikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo na Réveillez-vous! yo muri Munyonyo. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Umaze gushikiriza muri make ibiri muri ivyo binyamakuru, nubaze abumviriza ibiganiro vyoshobora gushimisha abantu bo mu cibare be n’igituma vyobashimisha. Ukoresheje bimwebimwe muri ivyo biganiro, nusabe abumviriza bavuge ikibazo bokoresha kugira ngo batanguze ikiyago, bavuge n’icanditswe bakuye muri ico kiganiro bosoma imbere yo gushikiriza ivyo binyamakuru. Nimusozere mu kwerekana ingene ikinyamakuru kimwekimwe cose coshikirizwa mukoresheje uburyo bwo kubishikiriza bwatanzwe ku rupapuro rwa 8 canke ubundi buryo bubereye mu cibare canyu.
Imin. 20: “Umusi udasanzwe wo gutanguza inyigisho za Bibiliya.”c Numenyeshe impera y’umushamvu yo muri Nzero aho ishengero rizokwihatira gutanguza inyigisho za Bibiliya. Nimwihweze inama tugirwa dusanga mu ngingo ya 3 mwongere mugire umwerekano ushingiye ku buryo bumwe canke bubiri bwatanzwe bwo gutanguza inyigisho za Bibiliya.
Indwi itangura ku wa 29 Kigarama
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl rup. 154, ing. 14–rup. 156 ing. 21
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Ivyahishuwe 15-22
Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 20: “Kwamamaza bisaba ukwihangana.”d Umwanya ubibakundiye, nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku vyanditswe vyatanzwe mugabo bitasubiwemwo.
Indwi itangura ku wa 5 Nzero
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl rup. 156, ing. 22–rup. 158 ing. 3 be n’uruzitiro
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 1-5
No. 1: Itanguriro 3:1-15
No. 2: Igituma Yezu yari Umwigisha Ahambaye (lr ikig. 1)
No. 3: Ni igiki kitari ic’ubusa? (1 Kor. 15:58)
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 15: Niwigane ukuntu Yezu yabona ubusuku. Insiguro be n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku gitabu “ Viens, suis-moi, ” urupapuro rwa 84-86, ingingo ya 16-21. Raba kandi km-RU 2/00, ikiganiro kivuga ngo ‘Niwamamaze rya Jambo . . . Uvyihutira.’
Imin. 15: “Ihwaniro ry’intara ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu 2009.”e Gishikirizwe n’umunyamabanga w’ishengero. Nushimike ku gituma bihambaye ko twama tugaragaza ivyamwa vy’impwemu igihe cose.—Gal. 5:22, 23.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
e Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.