ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/12 rup. 4
  • Ingene twotanguza ibiyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twotanguza ibiyago
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twoshikiriza ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2012
km 2/12 rup. 4

Ingene twotanguza ibiyago

Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Ntwarante

“Abantu benshi barahimbaza ivuka rya Yezu. Ariko woba wibaza ko bihambaye kwibuka urupfu rwiwe?” Rindira yishure. Nuce umuha Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’agatwe ka mbere ku rupapuro rwa 16 mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.

Umunara w’Inderetsi 1 Nzero

“Hari vyinshi dushobora kwigira ku bagabo n’abagore bahambaye babayeho kera. Si ko nawe ubibona? [Rindira yishure.] Uyu murongo uravuga umwe muri abo bagabo bahambaye, akaba ari we wenyene yitwa ‘umugenzi w’Imana’ muri Bibiliya. [Soma Yakobo 2:23.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma Imana yamwita umugenzi wayo kikavuga n’ico dushobora kwigira ku karorero kiwe.”

Be maso! Nzero–Ntwarante

“Abantu benshi biyumvira yuko Imana igishigikira intambara bafatiye ku gihe c’Abisirayeli. Ariko turavye aya majambo Yezu yabwiye Petero muri Matayo 26:52, woba wibaza ko ari ko biri? [Soma ico canditswe uce urindira agire ico abivuzeko.] Iki kiganiro kirerekana imvo zimwezimwe zerekana ko ata ntambara n’imwe ishigikiwe n’Imana muri iki gihe.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 14.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika