Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 12 Ntwarante
INDWI ITANGURA KU WA 12 NTWARANTE
Ururirimbo rwa 40 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 18 ing. 1-5, n’inzitiro ku rup. 142, 144 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Yeremiya 5-7 (Imin. 10)
No. 1: Yeremiya 5:15-25 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Isi yaremwe kugira ngo ibe Iparadizo (td 20A) (Imin. 5)
No. 3: Yehova akingira gute abasavyi biwe ibintu bibageramira mu vy’impwemu? (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Nutsimbataze ubuhanga bw’ukwigisha—Igice ca 2. Insiguro ishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, urupapuro rwa 57 ingingo ya 3, gushika ku gatwe kari ku rupapuro rwa 59.
Imin. 10: Twame dushikanira Imana ikimazi c’ishemezo. (Heb. 13:15) Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 2006 urupapuro rwa 32 be n’uwo ku wa 1 Ruheshi 2008 urupapuro rwa 26. Raba kandi igitabu c’umwaka co mu 2011, urupapuro rwa 59 ingingo ya 1-2, n’urupapuro rwa 71 ingingo ya 1. Saba abumviriza bavuge ivyigwa bahigiye.
Imin. 10: “Muragume mugira ibi.” Ibibazo n’inyishu. Numenyeshe ishengero isaha Icibutso kizoberako be n’ahantu kizobera.
Ururirimbo rwa 109 n’isengesho