“Muragume mugira ibi”—Icibutso kizohimbazwa ku wa 5 Ndamukiza
1. Kubera iki guhimbaza Icibutso bihambaye?
1 “Muragume mugira ibi mu kunyibuka.” (Luka 22:19) Mu kuvuga ayo majambo, Yezu yarategetse abayoboke biwe kwibuka urupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka. Uravye ibintu vyose incungu yashitseko, nta wundi musi uhambaye kandi w’agaciro ku bakirisu kuruta Icibutso bahimbaza ku mwaka ku mwaka. Uko ihimbaza ry’Icibutso rizoba muri uyu mwaka kw’igenekerezo rya 5 Ndamukiza ryegereza, twokwerekana gute ko dukengurukira Yehova?—Kol. 3:15.
2. Twokwerekana gute ko dukenguruka Icibutso?
2 Kwitegura: Mu bisanzwe, turitegurira ibintu tubona ko bihambaye. Turashobora gutegura imitima yacu ku bw’Icibutso mu gusuzumira hamwe uko tugize umuryango ivyabaye mu misi ya nyuma y’ubuzima bwa Yezu bwo kw’isi no mu kubizirikanako. (Ezr. 7:10) Bimwe mu vyanditswe bivuga ivyabaye muri iyo misi turabisanga mu kirangamisi no mu gatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi. Urutonde rwuzuye rw’ivyo vyanditswe hamwe n’ibigabane vy’igitabu Umuntu Ahambaye bihuye n’ivyo vyanditswe ruri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma 2011 ku rupapuro rwa 23-24.
3. Twokwerekana kandi gute ko dukenguruka Icibutso?
3 Kwamamaza: Turashobora kandi kwerekana ko dukenguruka Icibutso mu kugira uruhara bimwe bishitse mu busuku. (Luka 6:45) Ku wa gatandatu igenekerezo rya 17 Ntwarante hazotangura isekeza kw’isi yose ryo gutumira abandi ku Cibutso. Woba ushobora guhindura urutonde rwawe kugira umare umwanya wiyongereye mu busuku, kumbure mu gukora ubutsimvyi bwo gufasha? Ubona gute mubiganiriye kuri wa mugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango?
4. Guhimbaza Icibutso bishobora kutugirira akamaro akahe?
4 Vy’ukuri, kwitaba Icibutso ku mwaka ku mwaka biratugirira akamaro! Uko tuzirikana ku butanzi Yehova yagaragaje mu gutanga Umwana wiwe w’ikinege bwa ncungu biratuma umunezero wacu n’urukundo dukunda Yehova vyongerekana. (Yoh. 3:16; 1 Yoh. 4:9, 10) Ivyo bituma tutaba tukibaho ku bwacu. (2 Kor. 5:14, 15) Bituma kandi twipfuza gushemeza Yehova ku mugaragaro. (Zab. 102:19-21) Vy’ukuri, twebwe abasavyi ba Yehova bakenguruka turarindiranye igishika akaryo tuzoronka ko “[g]utangaza urupfu rw’Umukama” mu gihe co guhimbaza Icibutso kw’igenekerezo rya 5 Ndamukiza.—1 Kor. 11:26.