UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | EZEKIYELI 46-48
Imihezagiro Abisirayeli boronse bagarukanywe
Urusengero Ezekiyeli yeretswe rwarakomeje Abisirayeli bari mu bunyagano, ruranemeza ko ugusenga kw’ukuri kwogarukanywe nk’uko abahanuzi bari barabivuze. Abisirayeli bohezagiwe kandi bagashira imbere ugusenga kw’ukuri.
Iryo yerekwa ryerekana ko ibintu vyotunganijwe neza, hakaba ugusenyera ku mugozi umwe n’umutekano
Igihugu cokwimbutse, kigasagamba
Umuryango wose woronse intoranwa
Imbere y’uko bagabangana ico gihugu, bobanje guha Yehova igice kidasanzwe c’ubutaka nk’“intererano”
Nokwerekana gute ko gusenga Yehova biza imbere mu buzima bwanje? (w06 15/4 27-28 ing. 13-14)