ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwbr25 Nzero rup. 1-14
  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2025
  • Udutwe
  • 6-12 NZERO
  • UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA ZABURI 127-134
  • Bavyeyi, nimubandanye kwitwararika ingabire y’agaciro mwaronse
  • w21.08 5 ing. 9
  • Nuhe agaciro ikibanza ufise mu muryango wa Yehova
  • w19.12 26 ing. 20
  • Bavyeyi, nimwigishe abana banyu gukunda Yehova
  • Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
  • it-1 543
  • Ibiti bivugwa muri Bibiliya
  • 13-19 NZERO
  • UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA ZABURI 135-137
  • «Umukama wacu arahambaye kuruta izindi mana zose»
  • it-1 914 ing. 4-5
  • Ububasha, ibikorwa biranga ububasha
  • w21.11 6 ing. 16
  • Twungukira gute ku rukundo rudahemuka rwa Yehova?
  • Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
  • it-2 1175
  • Ya
  • NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
  • ijwfq ikiganiro 7
  • Ivyabona vya Yehova boba ari abakirisu?
  • 20-26 NZERO
  • UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA ZABURI 138-139
  • Ntureke ngo ubwoba bukubuze kugira uruhara mw’ikoraniro
  • w19.01 10 ing. 10
  • Nushemeze Yehova mw’ishengero
  • w23.04 21 ing. 7
  • Turemeshanye ku makoraniro y’ishengero
  • Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
  • it-2 490 ing. 10
  • Imbabazi
  • NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
  • ijwyp ikiganiro 105
  • Nokora iki mfise amasoni?
  • Numenye igituma utinya kuvuga
  • Nutegekanye ico wokora
  • 27 NZERO–2 RUHUHUMA
  • UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA ZABURI 140-143
  • Nukore uhuza n’isengesho watuye Yehova umusaba ngo agufashe
  • w22.02 12 ing. 13-14
  • ‘Niwumvirize amajambo y’abantu b’inkerebutsi’
  • w10 15/3 32 ing. 4
  • Nugumane “ubutyoroke bw’umutima” muri ibi bihe bitoroshe
  • w15 15/3 32 ing. 2
  • Kwubaka “mu Mukama gusa”​—Vyoba bikibereye?
  • Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
  • it-2 1134
  • Ubumara
  • NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
  • ijwfq ikiganiro 21
  • Kubera iki mutemera guterwa amaraso?
  • Ivyiyumviro bitari vyo abenshi bafise
  • Kubera iki Ivyabona vya Yehova batemera guterwa amaraso?
  • Ivyiyumviro biriko birahinduka
  • 3-9 RUHUHUMA
  • UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA ZABURI 144-146
  • «Hahiriwe abantu Imana yabo ari Yehova!»
  • w18.04 32 ing. 3-4
  • Ibibazo vy’abasomyi
  • w22.10 28 ing. 16-17
  • Nugume ukomeza icizigiro cawe
  • w18.01 26 ing. 19-20
  • Ni urukundo nyabaki ruzana agahimbare nyakuri?
  • Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
  • it-1 125 ing. 1
  • Ibikoko
  • 10-16 RUHUHUMA
  • UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA ZABURI 147-150
  • Turafise imvo nyinshi zo gushemeza Yehova
  • w17.07 18 ing. 5-6
  • Kubera iki ‘twoshemeza Ya’?
  • w17.07 18 ing. 7
  • Kubera iki ‘twoshemeza Ya’?
  • w17.07 21 ing. 18
  • Kubera iki ‘twoshemeza Ya’?
  • Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
  • it-2 438
  • Inyoni
  • 17-23 RUHUHUMA
  • UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA IMIGANI 1
  • Yemwe bakiri bato, muzokwumviriza nde?
  • w17.11 29 ing. 16-17
  • Ntureke ngo hagire ikikubuza kuronka agashimwe
  • w05 15/2 19-20 ing. 11-12
  • Tuzigame akaranga kacu k’ubukirisu
  • Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
  • it-2 1005
  • Imburabwenge
  • 24 RUHUHUMA–2 NTWARANTE
  • UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA IMIGANI 2
  • Kubera iki wokwiyigisha Bibiliya ubigiranye umwete?
  • w22.08 18 ing. 16
  • ‘Nubandanye kugendera mu kuri’
  • w22.10 19 ing. 3-4
  • Ubukerebutsi nyakuri buguma bushira ijwi hejuru
  • w16.09 23-24 ing. 2-3
  • Yemwe rwaruka, nimukomeze ukwizera kwanyu
  • Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
  • it-1 1195 ing. 4
  • Ugutungana
Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2025
mwbr25 Nzero rup. 1-14

Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

© 2024 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania

6-12 NZERO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA ZABURI 127-134

Bavyeyi, nimubandanye kwitwararika ingabire y’agaciro mwaronse

w21.08 5 ing. 9

Nuhe agaciro ikibanza ufise mu muryango wa Yehova

9 Yehova yarahaye abantu ubushobozi bwo kuvyara abana, be n’ibanga ryo kubigisha kumukunda no kumukorera. Nimba uri umuvyeyi, woba ukenguruka iyo ngabire idasanzwe? Naho Yehova yahezagiye cane abamarayika, ntiyabateye iryo teka. Ku bw’ivyo rero, abavyeyi barakwiye gukenguruka agateka ko kuba bafise abana. Abavyeyi barajejwe ibanga rihambaye kandi ryeranda, ryo kurera abana babo “mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Ef. 6:4; Gus. 6:5-7; Zab. 127:3) Kugira ngo ishirahamwe rya Yehova rifashe abavyeyi muri iryo banga, ryarasohoye ibikoresho vyinshi bishingiye kuri Bibiliya, nk’ibitabu, amavidewo, indirimbo be n’ibiganiro vyo ku rubuga rwacu. Ivyo birerekana ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru be n’Umwana wiwe bakunda cane urwaruka rwacu. (Luka 18:15-17) Igihe abavyeyi bihetse kuri Yehova bakongera bagakora uko bashoboye kwose kugira bitwararike abana babo b‘agaciro, Yehova arahimbarwa. Vyongeye, abo bavyeyi baba batumye abana babo bashobora kuba mu bagize umuryango wa Yehova ibihe bidahera!

w19.12 26 ing. 20

Bavyeyi, nimwigishe abana banyu gukunda Yehova

20 Nimumenye neza abana banyu. Zaburi ya 127 igereranya abana n’imyampi. (Soma Zaburi 127:4.) Nka kurya nyene imyampi ishobora gukorwa mu bintu bitandukanye kandi ikaba itangana, ni ko n’abana usanga batandukanye. Abavyeyi rero bakwiye kumenya ingene bokwigisha umwe wese mu bana babo. Hari umugabo n’umugore bo muri Isirayeli y’ubu bashoboye gufasha abana babo babiri gukorera Yehova. None babifashijwemwo n’iki? Bagira bati: “Umwana wese twamwigisha Bibiliya ukwiwe.” Ariko ntiwumve, serugo wese ni we araba nimba bikenewe canke bishoboka ko n’abana biwe bokwiga gutyo.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-1 543

Ibiti bivugwa muri Bibiliya

Umwanditsi wa zaburi yafatiye ku bintu bimwebimwe biranga igiti c’umwelayo igihe yasezeranira abatinya Yehova ati: «Abana bawe [bazomera] nk’imivyaro y’igiti c’umwelayo ikikuje imeza yawe.» (Zb 128:1-3) Akenshi barakata udushami tw’igiti c’umwelayo, bakadutera. Vyongeye, ku mizi y’ibiti vy’imyelayo vyasatuye haranagako imivyaro, bigatuma ivyo biti bidahona. Cokimwe n’iyo mivyaro, abana bokikuje se wabo, bigatuma umuryango uhimbarwa.

13-19 NZERO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA ZABURI 135-137

«Umukama wacu arahambaye kuruta izindi mana zose»

it-1 914 ing. 4-5

Ububasha, ibikorwa biranga ububasha

Imana irafise ububasha budasanzwe ku bidukikije. Kugira Yehova yerekane ko ari Imana y’ukuri, vyitezwe ko agira ububasha budasanzwe ku bidukikije yaremye, ivyo akabigira mu buryo buhuye n’izina ryiwe. (Zb 135:5, 6) Izuba, ukwezi, imibumbe n’inyenyeri bikurikiza urutonde vyashingiwe. Ikirere (gituma haba umuyaga, imvura, n’ibindi nk’ivyo) kiragamburuka amategeko akigenga. Inzige zigenda mu kigwi n’inyoni zikaza zirimuka. Kubera ko ivyo bintu vyose hamwe n’ibindi vyinshi vyama bikurikiza urutonde vyashingiwe, ntibihagije kugira bitume abantu barwanya Imana canke abasenga imana z’ikinyoma baninahaza izina ryayo.

Naho biri ukwo, Yehova Imana yarashobora kwerekana ko ari Imana mu gutuma ivyaremwe n’ububasha buri mu bidukikije bikora mu buryo butandukanye n’uko vyari bisanzwe, akenshi bikaba ku gihe cashinzwe. Mbere naho ibiringo kanaka, nk’igihe c’uruzuba, igihe c’imvura canke irindi hindagurika ry’ikirere vyari ibintu bimenyerewe, kuba vyarakoreshejwe mu gushitsa ubuhanuzi bwa Yehova vyonyene vyatumye biba ibidasanzwe. (Gereranya na 1Bm 17:1; 18:1, 2, 41-45.) Ariko rero, akenshi ibiringo nk’ivyo vyaba bidasanzwe, kumbure kubera urugero canke ubukomezi bwavyo (Kv 9:24) canke vyabaye mu buryo butari bumenyerewe, canke mbere ata wari bwabibone, canke bikaba ku gihe bitari bwigere biberako.​—Kv 34:10; 1Sm 12:16-18.

w21.11 6 ing. 16

Twungukira gute ku rukundo rudahemuka rwa Yehova?

16 Iyo tugize Yehova ubuhungiro bwacu turumva ko dutekanye. Ariko rero mu bihe bimwebimwe, twoshobora gucika intege cane ku buryo bitugora guhaguruka. None muri ivyo bihe Yehova aca adukorera iki? (Soma Zaburi 136:23.) Aca acisha amaboko yiwe munsi yacu, akatuduza buhorobuhoro, akadufasha guhaguruka. (Zab. 28:9; 94:18) Ingene tuvyungukirako: Kumenya ko dushobora kwama twiheka ku Mana ngo idufashe, biratwibutsa ko twahezagiwe mu buryo bubiri. Ubwa mbere, aho twoba tuba hose kw’isi, turafise ubuhungiro butagira inkomanzi. Ubwa kabiri, Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda, aratwitwararika cane.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-2 1175

Ya

Ijambo Ya rikunda gukoreshwa mu guserura inyiyumvo zigera kure mu mashemezo no mu ndirimbo, mw’isengesho no mu gutakamba. Rirakoreshwa kandi mu kwigina intsinzi n’ukurokoka, canke mu kumenyekanisha ukuboko gukomeye kw’Imana hamwe n’ububasha bwayo. Uburorero bwerekana ukwo kuntu rikoreshwa mu buryo budasanzwe ni bwinshi. Imvugo ngo «Shemeza Ya!» (Haleluya) irakoreshwa mu mazaburi mu buryo bwo gushemeza Imana. Aha mbere iboneka ni muri Zaburi 104:35 (akajambo k’epfo). Mu yandi mazaburi hari aho iboneka mu ntango gusa (Zb 111, 112, akajambo k’epfo), hari n’aho iboneka hagati (135:3, akajambo k’epfo), rimwe na rimwe ikaboneka mu mpera gusa (Zb 104, 105, 115-117, akajambo k’epfo), ariko akenshi iraboneka mu ntango no mu mpera (Zb 106, 113, 135, 146-150, akajambo k’epfo). Mu gitabu c’Ivyahishuwe, ibiremwa vyo mw’ijuru birakoresha iyo mvugo incuro nyinshi mu gushemeza Yehova.​—Ivh 19:1-6, akajambo k’epfo.

Ahandi haboneka ijambo «Ya» na ho nyene rikoreshwa mu gushemeza Yehova mu ndirimbo no mu kumutakambira. Hariho indirimbo y’ukurokoka Musa yaririmvye. (Kv 15:2, akajambo k’epfo) Aho iryo jambo riboneka muri Yesaya, bashira hamwe ayo mazina abiri «Ya, Yehova», ivyo bikaba vyerekana ugushimika. (Yes 12:2; 26:4) Igihe Hezekiya yarwara agahakwa gupfa maze agakizwa ku gitangaro, yaraseruye inyiyumvo ziwe zikomeye mu cese co gushemeza Yehova, aza arasubiramwo ijambo Ya. (Yes 38:9, 11, akajambo k’epfo) Hariho itandukaniro hagati y’abapfuye badashobora gushemeza Ya, hamwe n’abazima biyemeje kubaho bamushemeza. (Zb 115:17, 18; 118:17-19, akajambo k’epfo) Ayandi mazaburi arerekana amasengesho yo gukenguruka ubukiriro, gukingirwa hamwe no gukosorwa.​—Zb 94:12; 118:5, 14, akajambo k’epfo.

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

ijwfq ikiganiro 7

Ivyabona vya Yehova boba ari abakirisu?

Ego. Turi abakirisu kubera imvo zikurikira:

● Turihatira gukurikiza neza inyigisho za Yezu Kristu no kwigana inyifato yiwe.​—1 Petero 2:21.

● Twemera ko tuzoronka ubukiriro biciye gusa kuri Yezu, ko “ata rindi zina munsi y’ijuru ryatanzwe mu bantu dutegerezwa gukirizwamwo.”​—Ivyakozwe 4:12.

● Iyo umuntu abaye Icabona ca Yehova, abatizwa mw’izina rya Yezu.​—Matayo 28:18, 19.

● Amasengesho yacu tuyacisha mw’izina rya Yezu.​—Yohani 15:16.

● Twemera ko Yezu ari we Mutwe w’abagabo bose, ni ukuvuga uwagenywe ngo abaganze.​—1 Abakorinto 11:3.

Ariko rero, hari vyinshi dutandukaniyeko n’ayandi madini y’abakirisu. Nk’akarorero, twemera ko Bibiliya yigisha ko Yezu ari Umwana w’Imana, atari mu bagize ubutatu. (Mariko 12:29) Ntitwemera ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa, ntitwemera ko Bibiliya yigisha yuko Imana ibabariza abantu mu muriro udahera, canke ko indongozi mw’idini zikwiye kugira amazina y’icubahiro azishira hejuru y’abandi.​—Umusiguzi 9:5; Ezekiyeli 18:4; Matayo 23:8-10.

20-26 NZERO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA ZABURI 138-139

Ntureke ngo ubwoba bukubuze kugira uruhara mw’ikoraniro

w19.01 10 ing. 10

Nushemeze Yehova mw’ishengero

10 Igihe ugerageje kuduza ukuboko ngo wishure ku makoraniro, woba uca utekerwa n’ubwoba? Nimba ari ko biri, nturi wenyene. Erega twese turagira ubwoba ku rugero kanaka igihe turiko turishura. Kugira utsinde ubwo bwoba, urakeneye kubanza kumenya ico buvako. Woba utinya ko wohava wibagira ivyo washaka kuvuga canke ko wohava uvuga ibitari vyo? Woba wibaza ko utaza gutanga inyishu itomoye nk’iz’abandi? Mu bisanzwe, kugira ubwoba nk’ubwo birashobora kuba ikintu ciza. Birerekana ko wicisha bugufi be n’uko ubona ko abandi bakuruta. Yehova arashima cane iyo kamere. (Zab. 138:6; Flp. 2:3) Ariko kandi Yehova yipfuza ko umushemeza ukongera ukaremesha abavukanyi na bashiki bacu ku makoraniro. (1 Tes. 5:11) Aragukunda kandi azokuronsa umutima rugabo ukeneye.

w23.04 21 ing. 7

Turemeshanye ku makoraniro y’ishengero

7 Hari aho wosanga kurimbura ibiganiro bimwebimwe vyasohotse mu Minara y’Inderetsi bigufashije. Nk’akarorero, nutegure neza. (Imig. 21:5) Igihe uzi neza ivyo muza kwiga, biroroha ko wumva utekanye hageze ko wishura. Vyongeye, nutange inyishu ngufi. (Imig. 15:23; 17:27) Igihe utanze inyishu ngufi ntuhagarika umutima cane. Gutanga inyishu ngufi nko mu ryungane rimwe canke abiri gusa, biratuma vyoroha ko abavukanyi na bashiki bacu bayitahura, kuruta inyishu ndende irimwo ivyiyumviro vyinshi. Iyo utanze inyishu ngufi mu majambo yawe bwite, uba werekanye ko wateguye neza kandi ko utahura ivyo muriko muriga.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-2 490 ing. 10

Imbabazi

Vyongeye, umukirisu asabwa kubabarira abandi amakosa yabo ataravye incuro bamucumuyeko. (Lk 17:3, 4; Ef 4:32; Kl 3:13) Imana ntibabarira abantu banka kubabarira abandi. (Mt 6:14, 15) Ariko n’igihe hoba hakozwe igicumuro gikomeye bigatuma «umubisha» akurwa mw’ishengero, igihe kigeze uwo muntu arashobora kubabarirwa igihe yerekana ko yigaya vy’ukuri. Ico gihe, abagize ishengero bose barerekana ko bamukunda. (1Kr 5:13; 2Kr 2:6-11) Mugabo abakirisu ntibasabwa kubabarira abakora ibicumuro n’ibigirankana babitumwe n’umutima mubi kandi ntibigaye. Abantu mwene abo baba ari abansi b’Imana.​—Heb 10:26-31; Zb 139:21, 22.

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

ijwyp ikiganiro 105

Nokora iki mfise amasoni?

Inkuru ibabaje: Amasoni arashobora gutuma uhomba abagenzi beza be n’ibintu vyiza wari kumenya.

Inkuru nziza: Kugira amasoni ntivyama ari bibi. Birashobora kugufasha kwiyumvira imbere yo kuvuga, bikongera bigatuma urushiriza kuba umuntu yihweza kandi yumviriza.

Igishimishije kuruta: Nimba uri umuntu w’amasoni ubu, ntibica bisigura ko ari ko uzokwama umeze. Urashobora kugabanya ingaruka amasoni ashobora kukugirako. Iki kiganiro kiraza kukwereka uko wobigenza.

Numenye igituma utinya kuvuga

Amasoni arashobora gutuma utinya kuvugana n’abantu amaso mu yandi. Ivyo bica bituma wumva umengo uri akahebwe, nk’aho woba wugaraniwe ahantu hari umwiza. Ivyo birashobora kugutera ubwoba. Ariko hamwe wogerageza kumenya igituma utinya kuvuga, woshobora gusanga ubwo bwoba budafise ishingiro. Raba uburorero butatu bw’ibintu bituma abantu batinya kuvuga.

● Ikintu ca 1: “Sinzi ico novuga.”

Ukuri: Akenshi usanga abantu badakunda kwibuka ivyo wavuze, ahubwo bibuka ukuntu ivyo wavuze vyatumye biyumva. Urashobora kurengera ubwoba ufise mu kurushiriza kuba umuntu yumviriza abandi, kandi yitwararika ivyo bariko baravuga.

Zirikana kuri iki kintu: Wewe ushima umugenzi ameze gute? Umuntu avuga menshi canke umuntu yumviriza?

● Ikintu ca 2: “Norambira abantu.”

Ukuri: Abantu ntibazobura kugira ico bakwiyumviyeko, waba ufise amasoni canke ata yo ufise. Urashobora kurengera ubwoba ufise, ukayagisha abantu kugira bakubone nk’uko uri koko.

Zirikana kuri iki kintu: Nimba wibaza ko abantu bose bakubona nabi, ubwo ntiwoba uriko urabarenganya mu kubiyumvira ukutariko?

● Ikintu ca 3: “Hamwe novuga ikosa nobura iyo nkwirwa.”

Ukuri: Rimwe na rimwe, twese birashika tukavuga amakosa. Urashobora kurengera ubwo bwoba mu kubona mwene utwo dukosa nk’akaryo ko kwerekana ko utishira hejuru.

Zirikana kuri iki kintu: None ntunezerwa igihe uri kumwe n’abantu bemera amakosa yabo?

Wari ubizi? Abantu benshi bibaza ko kuba bandika cane amamesaje kuri telefone ari icerekana ko ata masoni bafise. Ariko ubugenzi nyakuri bushoboka igihe uyaga n’abantu amaso mu yandi. Umuhinga mu bijanye n’amagara yo mu mutwe be n’ivy’ubuhinga bwa none yitwa Sherry Turkle, yandika ati: “Igihe tubonana n’abantu amaso mu yandi kandi tukayaga na bo, ni ho turushiriza kuba abagenzi.”

Nutegekanye ico wokora

● Niwirinde kwigereranya n’abandi. Si ngombwa ngo ube umutezi w’inkuru wa cane. Ahubwo, intumbero wokwishingira ni iyo kurengera amasoni yawe kugira ntuhombe abagenzi beza be n’ibintu vyiza wari kumenya.

“Si mpaka ngo uvuge amajambo menshi canke ngo wiharize ikiyago. Niwidondore umuntu ubonye ari bwo bwa mbere canke umubaze utubazo dusanzwe.”​—Alicia.

Ico Bibiliya ivuga: “Umwe wese yerekane ico igikorwa ciwe bwite kimaze, ni ho azogira imvo yo kwirata ku bimuraba ubwiwe wenyene, atari mu kwigereranya n’uwundi.”​—Abagalatiya 6:4.

• Nube umuntu yihweza. Niwihweze abantu bakunda kuyaga maze ugire ico wigiye ku kuntu bayagisha abandi. Ni ibiki biborohera? Ni ibiki bibagora? Ni ubuhanga ubuhe bafise ubona nawe wotsimbataza?

“Niwihweze abantu boroherwa no kuronka abagenzi maze ugire ivyo ubigiyeko. Igihe bahuye n’umuntu ari bwo bwa mbere, niwitegereze ukuntu bavyifatamwo n’ukuntu bamuyagisha.”​—Aaron.

Ico Bibiliya ivuga: “Icuma gikarishwa n’icuma. Ni ko n’umuntu akarisha uwundi.”​—Imigani 27:17.

• Nubaze ibibazo. Akenshi, usanga abantu bakunda guserura ukuntu babona ibintu. Rero kubabaza ibibazo ni bwo buryo bwiza bwo gutangura kubayagisha. Ivyo mbere biratuma batagumiza umutima kuri wewe.

“Kwitegura imbere y’igihe biratuma udahagarika umutima. Imbere y’uko uja ahantu uza guhurira n’abandi, urashobora no kwiyumvira ibintu bikeya wovuga canke ibibazo wobaza kugira ngo ntuze guhagarika umutima cane uhuye n’abantu mutamenyeranye.”​—Alana.

Ico Bibiliya ivuga: “Umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.”​—Abafilipi 2:4.

27 NZERO–2 RUHUHUMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA ZABURI 140-143

Nukore uhuza n’isengesho watuye Yehova umusaba ngo agufashe

w22.02 12 ing. 13-14

‘Niwumvirize amajambo y’abantu b’inkerebutsi’

13 Nubone ko impanuro ari icerekana ko Imana igukunda. Yehova atwipfuriza ineza. (Imig. 4:20-22) Igihe aduhanuye biciye kw’Ijambo ryiwe, ku gitabu gishingiye kuri Bibiliya canke ku mukirisu azi utuntu n’utundi, aba ariko aratwereka ko adukunda. Mu Baheburayo 12:9, 10 havuga ko “abigira ku nyungu yacu.”

14 Nushire umutima ku mpanuro uhawe, aho kuwushira ku kuntu uyihawe. Rimwe na rimwe, twoshobora kwiyumvira ko uwaduhaye impanuro atayiduhaye mu buryo bwiza. Ego ni ko, uwutanga impanuro arakwiye kugerageza kuyitanga mu buryo butuma uwuyihawe ayemera bitagoranye. (Gal. 6:1) Ariko rero nimba ari twe tuyihawe, vyoba vyiza dushize umutima kuri iyo mpanuro, mbere n’igihe twoba twiyumvira ko yatanzwe mu buryo butabereye. Twoshobora kwibaza duti: ‘Naho ntashima uburyo nahawe iyo mpanuro, hoba hari ukuri kuri muri yo? Noba nokwirengagiza utunenge tw’uwampaye iyo mpanuro maze nkagira ico ndayigiyeko?’ Vyoba vyiza turondeye gukura icigwa ku mpanuro iyo ari yo yose duhabwa.​—Imig. 15:31.

w10 15/3 32 ing. 4

Nugumane “ubutyoroke bw’umutima” muri ibi bihe bitoroshe

Abasavyi b’Imana bamwebamwe baracitse intege bitewe n’imikazo iva ku baturwanya, ku ngorane z’ivy’ubutunzi, no ku ndwara ikomeye. Mu bihe bimwebimwe, imitima yabo na yo nyene yarahamererewe nabi. N’Umwami Dawidi ivyo vyaramushikiye. Yavuze ati: “Umushaha wanje undendebukiramwo, umutima wanje ukūmirirwa muri jewe.” (Zab. 143:4) Ni ibiki none vyamufashije kwihanganira ibihe nk’ivyo? Dawidi yaributse ivyo Imana yagiriye abasavyi bayo be n’ukuntu we ubwiwe yarokowe. Yarazirikanye ivyo Yehova yari yarakoze ku bw’izina ryiwe rikomeye. Dawidi yaguma yitwararika ivyo Imana yakoze. (Zab. 143:5) Muri ubwo buryo nyene, kuzirikana ibijanye n’Umuremyi wacu be n’ivyo yadukoreye hamwe n’ivyo abandanya kudukorera, bizodufasha kwihangana n’igihe tuzoba turi mu bigeragezo.

w15 15/3 32 ing. 2

Kwubaka “mu Mukama gusa”​—Vyoba bikibereye?

Vyoshobora gushika ukumva umerewe nka wa mwanditsi w’amazaburi Dawidi, uwavuze ati: “Nunyaruke, ewe Yehova! Inkomezi zanje zirarangiye. Mu maso hawe ntuhampishe.” (Zab. 143:5-7, 10) Mu bihe nk’ivyo, nuhe So wo mw’ijuru akaryo ko kukwereka ivyo akugombako ivyo ari vyo. Ivyo urashobora kubigira mu gufata akanya ko gusoma Ijambo ryiwe no kuzirikana ku vyo usoma. Uzorushiriza gutahura amategeko yiwe wongere ubone ukuntu yafashije abasavyi biwe muri kahise. Niwamutega yompi, uzorushiriza kubona ko kumugamburukira biranga ubukerebutsi.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-2 1134

Ubumara

Imvugo ngereranyo. Amajambo umubisha avuga yo kubesha no kwambika ibara umuntu agereranywa n’ubumara bw’inzoka bwica; arasiga iceyi uwo muntu. (Zb 58:3, 4) Bivugwa ko abambika ibara abandi «mu kanwa kabo huzuyeyo ubumara bw’imamba», nka kurya nyene ubumara bw’imamba bwuzuye mu kanwa kayo no ku twinyo twayo two hejuru. (Zb 140:3; Rm 3:13) Ururimi rw’umuntu igihe rukoreshejwe mu kwambika ibara abandi, mu kubavuga nabi, mu kuvuga inyigisho z’ikinyoma, canke amajambo ababaza, ruba «rwuzuye ubumara bwica.»​—Yak 3:8.

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

ijwfq ikiganiro 21

Kubera iki mutemera guterwa amaraso?

Ivyiyumviro bitari vyo abenshi bafise

● Iciyumviro kitari co: Ivyabona vya Yehova ntibemera ubuvuzi canke ngo bemere kuvurwa.

Ukuri: Turarondera ko twe n’imiryango yacu tuvurwa mu buryo bwiza bushoboka. Iyo turwaye, turivuza ku baganga bashoboye kutuvura canke kutubaga badakoresheje amaraso. Turashima amaterambere yashitsweko mu vy’ubuvuzi. Washaka, uburyo bwo kuvura hadakoreshejwe amaraso bwashitsweko kugira bukoreshwe mu kuvura Ivyabona vya Yehova n’abandi bose bariko barabwungukirako. Mu bihugu vyinshi, umurwayi wese ubu arashobora guhitamwo kwirinda ingorane zishobora kuva ku guterwa amaraso, nk’indwara zandukira ziciye mu maraso, ukuba umubiri worwanya ayo maraso kubera ko usanzwe urwanya ikintu cose kitari icawo cinjiye muri wo, be n’ukwihenda umuntu ashobora kugira.

● Iciyumviro kitari co: Ivyabona vya Yehova bemera ko ukwizera ari kwo gukiza umuntu.

Ukuri: Nta vy’ugukiza abantu mu kubasengera tugira.

● Iciyumviro kitari co: Kuvurwa hadakoreshejwe amaraso birazimvye cane.

Ukuri: Kuvurwa hadakoreshejwe amaraso biragabanya amahera umuntu asohora.

● Iciyumviro kitari co: Ivyabona vya Yehova benshi, ushizemwo n’abana, barapfa ku mwaka ku mwaka kubera banse guterwa amaraso.

Ukuri: Ico ciyumviro ntigifise ishingiro na gato. Abaganga bama babaze ibihimba bigoye cane badakoresheje amaraso, nko kubaga umutima, kubaga mu ngingo, no gufata igihimba c’umubiri bakagikura bakagisubiriza ikindi. Abarwayi, harimwo n’abana, bavurwa hadakoreshejwe amaraso akenshi usanga bakira neza canke bakagira amagara meza kurusha abatewe amaraso. Uko biri kwose, nta n’umwe ashobora kwemeza ko umurwayi azopfa kubera yanse guterwa amaraso canke azokira kubera yemeye guterwa amaraso.

Kubera iki Ivyabona vya Yehova batemera guterwa amaraso?

Twanka kuyaterwa kubera ukwemera kwacu, si ku bw’impamvu zijanye n’ubuvuzi. Isezerano rya kera be n’Isezerano rishasha bidutegeka bitomora ngo twirinde amaraso. (Itanguriro 9:4; Abalewi 17:10; Gusubira mu vyagezwe 12:23; Ivyakozwe 15:28, 29) N’ikindi kandi, Imana ibona ko amaraso agereranya ubuzima. (Abalewi 17:14) Rero, twanka guterwa amaraso kubera tugamburukira Imana no kubera tuyubaha nka yo Mutanzi w’ubuzima.

Ivyiyumviro biriko birahinduka

Hari igihe mu vy’ubuvuzi babona ko kuvura hadakoreshejwe amaraso birimwo akaga rwose, mbere ko ari nk’ukwiyahura, ariko muri iyi myaka ya vuba ico ciyumviro carahindutse. Nk’akarorero, mu 2004, hari ikiganiro casohotse mu kinyamakuru cigisha ivy’ubuvuzi cavuze yuko “bwinshi mu buhinga bwo kuvura bwatejwe imbere ngo bukoreshwe mu kuvura Ivyabona vya Yehova buzoba bwo buryo bukoreshwa mu kuvura mu myaka iri imbere.” Hari ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe (Heart, Lung and Circulation) cavuze mu 2010 giti: “‘Kubaga hadakoreshejwe amaraso’ ntibikwiye kugirwa ku Vyabona vya Yehova gusa ahubwo ni bwo buryo bukwiye kwama bwakoreshejwe no mu kubaga abandi.”

Abaganga ibihumbi n’ibihumbi bo hirya no hino kw’isi ubu barakoresha uburyo bwo kubaga butuma umuntu adatakaza amaraso menshi kugira babage ibihimba bigoye cane batiriwe baratera umurwayi amaraso. Ubwo buryo bwo kuvura busubirira ugutera amaraso burakoreshwa no mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, kandi n’abarwayi benshi batari Ivyabona vya Yehova barisabira ko ari bwo bwokoreshwa mu kubavura.

3-9 RUHUHUMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA ZABURI 144-146

«Hahiriwe abantu Imana yabo ari Yehova!»

w18.04 32 ing. 3-4

Ibibazo vy’abasomyi

2. Iyo mvugo nshasha irahuje n’ibindi bivugwa muri iyo Zaburi. Kuba mu murongo wa 12 hakoreshwa ijambo “gutyo,” bisobanura ko imihezagiro ivugwa mu mirongo ya 12 gushika 14 yerekeye abagororotsi, ari na bo basaba ‘kwidegemvya no kurokorwa’ mu kuboko kw’ababisha (umurongo wa 11). Iryo hinduka ririgaragaza no mu murongo wa 15. Ng’aho, ijambo “hahiriwe” riza kabiri ryerekeza ku bagororotsi, kandi hompi hakunganirana. Ubuhirwe buvugwa aho hantu hompi rero bwerekeza kuri ba bantu nyene, ni ukuvuga “abantu Imana yabo ari Yehova!” Ikindi na co, igiheburayo co mu ntango candikwa ata tumenyetso tw’igisomwa tugiyemwo, nk’akarorero twa mugina. Abahinduzi bategerezwa rero kumenya insobanuro nyakuri iyo ari yo, bisunze ukuntu igiheburayo cakoresha indyoshamvugo, bakaraba amakikuro y’ico gisomwa be n’ibindi bice vya Bibiliya bijanye.

3. Iyo mvugo nshasha irahuje n’ibindi bice vya Bibiliya bivuga imihezagiro Imana yasezeraniye abasavyi bayo b’abizigirwa. Uburyo bushasha ijambo asher ryahinduwe, butuma iyo zaburi ica ishira ahabona icizigiro gifise ishingiro ca Dawidi. Yari yizigiye ko Imana imaze kurokora Abisirayeli mu maboko y’abansi babo, yociye ibaronsa agahimbare n’ukuroranirwa. (Lew. 26:9, 10; Gus. 7:13; Zab. 128:1-6). Nk’akarorero, mu Gusubira mu vyagezwe 28:4 hagira hati: “Hazohezagirwa icamwa c’inda yawe, n’umwimbu w’ubutaka bwawe, n’icamwa c’ibitungwa vyawe, n’imitavu y’inka zawe, n’uruvyaro rw’umukuku wawe.” Nkako, ku ngoma ya Salomo umuhungu wa Dawidi, iryo hanga ryaragize amahoro n’ukuroranirwa vy’akataraboneka. Vyongeye, ingoma ya Salomo yaranzwe n’ibintu vyerekeza ku vyobaye ku Ngoma ya Mesiya.​—1 Abm. 4:20, 21; Zab. 72:1-20.

w22.10 28 ing. 16-17

Nugume ukomeza icizigiro cawe

16 Icizigiro dufise co kubaho ibihe bidahera, ni ingabire Imana yaduhaye. Turiteze kazoza keza tudakekeranya. Ico cizigiro kitubera nk’inanga y’ubwato, kikatugumya kugira ngo dushobore kwihanganira ingorane, uruhamo, eka mbere n’urupfu. Kitubera nk’inkofero, kigakingira ivyiyumviro vyacu kugira ngo duce kure ikibi maze twumire ku ciza. Icizigiro cacu gishingiye kuri Bibiliya kiratuma turushiriza kwiyegereza Imana, kikongera kikadufasha kubona ko idukunda cane. Kuguma dukomeza icizigiro cacu biratugirira akamaro cane.

17 Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abaroma, yabaremesheje “[kunezerwa] mu cizigiro.” (Rom. 12:12) Paulo yaranezerwa kuko yari azi neza ko agumye ari intahemuka yoronse ubuzima budahera mw’ijuru. Na twebwe turanezerererwa icizigiro cacu kuko tuzi neza ko Yehova azoshitsa ivyo yasezeranye. Nk’uko umwanditsi wa zaburi yabivuze, ‘hahiriwe uwizigira Yehova Imana, Umwe agumya ukuri gushika igihe kitagira urugero.’​—Zab. 146:5, 6.

w18.01 26 ing. 19-20

Ni urukundo nyabaki ruzana agahimbare nyakuri?

19 Isi ya Shetani iramaze imyaka nka 6.000 iteza abantu amagorwa, mugabo igiye guhera. Yuzuyemwo abantu bikunda birenze urugero kandi bakunda cane amahera be n’ibinezereza. Ni abantu bahahamira amaronko, bagashira imbere ivyipfuzo vyabo mu buzima. Abo bantu ntibigera bagira agahimbare nyakuri. Ahubwo riho, nk’uko umwanditsi wa zaburi yabivuze, “hahiriwe uwufise Imana ya Yakobo bwa mutabazi wiwe, icizigiro ciwe kikaba kiri muri Yehova Imana yiwe.”​—Zab. 146:5.

20 Abasavyi ba Yehova baramukunda cane, kandi baguma biyongera buri mwaka. Ivyo birerekana ko Ubwami bw’Imana buganza kandi ko bugiye kuzana imihezagiro y’akataraboneka kw’isi. Gukora ivyo Imana igomba no kumenya ko duhimbara Segaba w’ibiriho vyose ni vyo bizana umunezero nyakuri kandi uramba. Abakunda Yehova bazogira umunezero ibihe bidahera! Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ingeso zimwezimwe ziterwa n’ubwikunzi, turabe n’ingene zitandukanye na kamere abasavyi ba Yehova bagaragaza.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-1 125 ing. 1

Ibikoko

Bibiliya idusaba gufata neza ibiremwa bitobito. Nakare, Yehova avuga ko we ubwiwe abironsa ivyo birya abigiranye urukundo kugira bibeho neza. (Img 12:10; Zb 145:15, 16) Amategeko ya Musa yarimwo no kwitwararika ibitungwa. Igihe umuntu abonye igitungwa cazimiye, yasabwa kugishikiriza beneco. Igihe na ho caba kiremerewe n’umuzigo bategerezwa kukiremurura. (Kv 23:4, 5) Bategerezwa kubikoresha babigiranye ubuntu. (Gus 22:10; 25:4) Na vyo nyene vyategerezwa kwungukira ku karuhuko k’isabato cokimwe n’abantu. (Kv 20:10; 23:12; Gus 5:14) Ibikoko bikaze bategerezwa kubicungera canke bakavyica. (It 9:5; Kv 21:28, 29) Kubangurira ibikoko bibiri bidasangiye ubwoko vyari bibujijwe.​—Lw 19:19.

10-16 RUHUHUMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA ZABURI 147-150

Turafise imvo nyinshi zo gushemeza Yehova

w17.07 18 ing. 5-6

Kubera iki ‘twoshemeza Ya’?

5 Yehova ntiyahumurije gusa Abisirayeli uko bagize ihanga, yaranahumurije umwumwe ku giti ciwe. No muri iki gihe ni ko abigenza. Uwanditse iyo zaburi yavuze ko Yehova “akiza abavunitse umutima; agatubika ahantu habababaza.” (Zab. 147:3) Vy’ukuri, Yehova aritwararika abafise ingorane, zaba izo ku mubiri canke izo ku mutima. Muri iki gihe, Yehova arashashaye kuduhumiriza no kudukiza ibikomere dufise ku mutima. (Zab. 34:18; Yes. 57:15) Araturonsa ubukerebutsi n’inkomezi kugira ngo dushobore kuvyifatamwo neza mu ngorane zose zodushikira.​—Yak. 1:5.

6 Ubukurikira, umwanditsi w’iyo zaburi aca atwerekeza mu kirere, akavuga ko Yehova “[aharura] igitigiri c’inyenyeri” be n’uko “zose azihamagara mu mazina yazo.” (Zab. 147:4) Kubera iki none asa n’uwuhinduye ikiyago, akavuga ivyerekeye ibisyo vyo mu kirere? Rimbura iki kintu: Naho uwo mwanditsi yabona inyenyeri, ntiyari azi namba igitigiri cazo. Ariko uko imyaka yagiye irarengana, abanyasiyansi bagiye baramenya ko inyenyeri ari nyinshi bimwe bihebuje. Hari abavuga ko igalagisi tubamwo yonyene, iyitwa Nzira Nyamweru, irimwo inyenyeri amamiliyaridi. Kandi amagalagisi ari mu kirere ashobora kuba aharurwa mu mamiliyaridi ibihumbi n’ibihumbi! Mu bisanzwe, kuri twebwe abantu inyenyeri ntizigira igitigiri! Mugabo Umuremyi arazizi neza zose, ku buryo imwimwe yose yayihaye izina. (1 Kor. 15:41) Tuvuge iki none kuri twebwe abantu? Nimba Imana izi aho inyenyeri yose iba iri ku gihe kanaka, na wewe ubwawe irakuzi. Irazi aho uri, ingene wiyumva, n’ivyo ukenera igihe cose!

w17.07 18 ing. 7

Kubera iki ‘twoshemeza Ya’?

7 Uretse ko Yehova akwitwararika ku giti cawe, arafise n’ububasha bwo kugufasha mu ngorane zigushikira mu buzima. (Soma Zaburi 147:5.) Vyoshika ukumva ko ingorane ufise ikomeye cane ku buryo udashobora kuyihanganira. Ariko Yehova aratahura ko turi abanyantege nke, ‘akibuka ko turi umukungugu.’ (Zab. 103:14) Kubera ko tudatunganye, birashika tukaza turakora amakosa. Urazi ingene twicuza igihe twavuze nabi, twagize ivyiyumviro bibi canke twagiriye abandi ishari! Naho ivyo bintu bitigera bishikira Yehova, aradutahura mu buryo bugera kure!​—Yes. 40:28.

w17.07 21 ing. 18

Kubera iki ‘twoshemeza Ya’?

18 Uwo mwanditsi wa zaburi yari azi ingene abasavyi b’Imana ba kera bari baratewe agateka kadasanzwe. Ni bo gusa Yehova yahaye “ijambo” ryiwe be n’“ingingo nyobozi ziwe n’ingingo ziwe z’ubutungane.” (Soma Zaburi 147:19, 20.) Muri iki gihe, ni twe twenyene kw’isi dufise agateka ko kwitirirwa izina ry’Imana. Kuba tuzi Yehova tukaba dufise n’Ijambo ryiwe rituyobora, bituma tugiranira na we ubucuti budasanzwe. Cokimwe n’uwanditse Zaburi ya 147, wumva none udafise imvo zumvikana zo ‘gushemeza Ya’, kandi ukaremesha n’abandi kubigenza gutyo nyene?

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-2 438

Inyoni

Umwanditsi wa zaburi yaratumiye «inyoni» ngo zishemeze Yehova. (Zb 148:1, 10) Ziramushemeza biciye ku kuntu zimeze no ku kuntu ziremwe mu buryo buhanitse. Inyoni imwe yoshobora kugira amubi ava ku 1.000 gushika ku yarenga 20.000. Ariko ku kagongo k’iryubi rimwe usanga hashamitseko utundi tugongo dutoduto amajana, kuri buri kagongo gatoya hakaba hariko utwoya dutoduto amajana, no kuri buri koya hakaba hariko utundi twoya tunzwinya amajana. Rero bigereranywa ko iryubi rimwe ry’inuma rireha na santimetero 15 usanga ririko utwoya ibihumbi amajana n’utundi twoya dutoduto amamiliyoni. Ukuntu amababa y’inyoni n’umubiri wayo bimeze birahanitse cane kandi bikora neza kurusha indege. Amagufa y’inyoni arafise umuheha hagati, ivyo bigatuma itaremera. Inyoni imwe yo mu bwoko bw’ibisiga ishanje amababa ireha n’imetero 2 ariko igikankara cayo gishobora gupima amagarama 110 gusa. Mu miheha y’amagufa amwamwe y’amababa y’inyoni nininini zarara mu kirere hariyo ibintu biyashigikira bimeze nk’amatanga, bisa n’ibiri mu mababa y’indege.

17-23 RUHUHUMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA IMIGANI 1

Yemwe bakiri bato, muzokwumviriza nde?

w17.11 29 ing. 16-17

Ntureke ngo hagire ikikubuza kuronka agashimwe

16 Tuvuge iki nimba uri umuyabaga ukaba ubona ko abavyeyi bawe bakirisu batagutahura canke ko bataguha umwidegemvyo? Ivyo birashobora kukubabaza cane bigatuma mbere ukekeranya ko gukorera Yehova ari bwo buzima bwiza. Ariko hamwe ivyo vyotuma uheba gukorera Yehova, ntiwoteba kubona ko abavyeyi bawe batinya Imana be n’abagize ishengero ari bo bakwitwararika kuruta uwundi muntu uwo ari we wese.

17 Hamwe abavyeyi bawe batokwigera bagukosora, ubwo ntiwokwibaza nimba vy’ukuri bagukunda? (Heb. 12:8) Ariko ushobora kuba ubabazwa n’ingene abavyeyi bawe bagukosora. Aho kubabazwa n’uburyo bagutoza indero, nugerageze gutahura ko bashobora kuba bafise impamvu babigenza gutyo. Nutekane rero, wirinde gutwarwa n’ishavu igihe bagukosoye. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Uwo wese atangira amajambo yiwe aba afise koko ubumenyi, kandi umuntu w’ugutahura agira umutima utekanye.” (Imig. 17:27) Niwishingire umugambi wo kuba umuntu ahumuye ashobora kwakira impanuro atekanye, akayungukirako uko yoba itanzwe kwose. (Imig. 1:8) Kugira abavyeyi bakunda Yehova vy’ukuri, ni umuhezagiro. Nta gukeka ko bipfuza kugufasha kuronka agashimwe.

w05 15/2 19-20 ing. 11-12

Tuzigame akaranga kacu k’ubukirisu

11 Nurondere guhimbara Imana, nturondere guhimbara abantu. Kuba turi mu mugwi munaka birashobora kudufasha gushinga akaranga kacu ku rugero runaka, kandi ivyo ni ibisanzwe. Twese turakenera abagenzi, kandi gushimwa n’abandi bituma twumva tumerewe neza. Mu buyabaga, eka mbere no mu gihe umuntu amaze kwiterera mu myaka, akosho k’urunganwe karashobora gukomera, kagatuma umuntu agira icipfuzo gikomeye co gushaka kwigana abandi canke gushimwa na bo. Mugabo abagenzi be n’urunganwe ntibama nantaryo baturonderera ineza. Rimwe na rimwe usanga bironderera gusa umuntu bafadikanya mu gukora ikibi (Imigani 1:11-19). Igihe umukirisu atwawe n’akosho k’urunganwe, akenshi aca agerageza guhisha ico ari (Zaburi 26:4). Intumwa Paulo yagabishije ati: “Nimureke gufata imigenzo y’iyi si” (Abaromani 12:2, UB). Yehova araturonsa inkomezi zo mu mutima zidufasha kunanira akosho kava ku bandi karondera gutuma tumera nka bo.​—Abaheburayo 13:6.

12 Iyo akosho kava ku bandi kageramiye ingene tubona akaranga kacu ka gikirisu, vyoba vyiza twibutse yuko kuguma turi intahemuka ku Mana bihambaye cane kuruta ivyiyumviro vy’abantu canke ibishimwa na benshi. Amajambo yo muri Kuvayo 23:2 ni ingingo ngenderwako ibereye. Agira ati: “Ntimuze muherēre ku ruhande rwa benshi bari mu nama y’ibibi”. Igihe benshi mu Bisirayeli bakekeranya ku bushobozi Yehova afise bwo gushitsa imihango yiwe, Kalebu yaranse rwose kuja ku ruhande rwa benshi. Yaremera adakeka yuko imihango y’Imana ari iyo kwizigirwa, kandi yarahezagiwe cane kubera impagararo yagize (Guharūra 13:30; Yosuwa 14:6-11). Woba nawe nyene witeguriye kunanira akosho k’ivyiyumviro vya benshi kugira ngo uzigame ubucuti ufitaniye n’Imana?

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-2 1005

Imburabwenge

Muri Bibiliya, ijambo «imburabwenge» ntiryerekeza ku muntu atagira ubwenge. Muri rusangi ryerekeza ku muntu yirengagiza ibibereye, agakora ibintu bitaranga inyifato runtu kandi bidahuye n’ingingo ngenderwako z’Imana. Amajambo atandukanye y’igiheburayo yerekeza kuri iryo jambo ni kesil («imburabwenge»; Img 1:22), ʼèwil («ikijuju»; Img 12:15), naval («ikijuju»; Img 17:7), na léts («ikigaba»; Img 13:1). Ijambo ry’ikigiriki aphrôn ryerekeza ku «kijuju» (Lk 12:20), anoêtos ryerekeza ku «mburabwenge» (Gl 3:1), môros ·na ryo rikerekeza ku ‘kijuju.’ (Mt 23:17; 25:2)

24 RUHUHUMA–2 NTWARANTE

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA IMIGANI 2

Kubera iki wokwiyigisha Bibiliya ubigiranye umwete?

w22.08 18 ing. 16

‘Nubandanye kugendera mu kuri’

16 Si twese usanga dukunda gusoma no kwiga. Naho ari ukwo, Yehova adusaba ‘kuguma turondera’ kugira ngo turushirize gutahura ukuri. (Soma Imigani 2:4-6.) Igihe tubigize vyama bitugirira akamaro. Umuvukanyi umwe yitwa Corey, avuga ko igihe aba ariko arasoma Bibiliya yitunira ku murongo umwumwe. Avuga ati: “Ndasoma buri kajambo k’epfo kose, ngasoma buri canditswe batanze mu marabiro yo mu nkingi, nkongera nkagira ubushakashatsi bwiyongereye. . . . Ubwo buryo nkoresha ndiko ndasoma buratuma ndahungukira ibintu vyinshi.” Twaba dukoresha ubwo buryo canke ubundi, iyo tugize akigoro tugafata umwanya wo kwiyigisha Bibiliya, tuba twerekanye ko duha agaciro ukuri.​—Zab 1:1-3.

w22.10 19 ing. 3-4

Ubukerebutsi nyakuri buguma bushira ijwi hejuru

3 Ubukerebutsi budondorwa ko ari ubushobozi bwo gukoresha ivyo tuzi kugira dufate ingingo nziza. Ariko rero ubukerebutsi nyakuri burimwo n’ibindi. Bibiliya ivuga iti: “Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi, kandi ubumenyi bwa wa Mweranda Rwose ni kwo gutegera.” (Imig. 9:10) Igihe rero dushaka gufata ingingo ihambaye, turakwiye kwisunga “ubumenyi bwa wa Mweranda Rwose,” ni ukuvuga ukuntu Yehova abona ibintu. Ivyo turashobora kubigira mu gusoma Bibiliya be n’ibitabu vyacu bishingiye kuri yo. Tubigenjeje gutyo, tuba twerekanye ko dufise ubukerebutsi nyakuri.​—Imig. 2:5-7.

4 Yehova ni we wenyene ashobora gutanga ubukerebutsi nyakuri. (Rom. 16:27) Kubera iki twovuga ko ari we Sôko ry’ubukerebutsi? Ubwa mbere, kubera ko Yehova ari Umuremyi, arazi neza ivyo yaremye vyose kandi arabitahura. (Zab. 104:24) Ubwa kabiri, ivyo Yehova akora vyose biranga ubukerebutsi. (Rom. 11:33) Ubwa gatatu, impanuro ziranga ubukerebutsi Yehova atanga zama zigirira akamaro abazishira mu ngiro. (Imig. 2:10-12) Nimba dushaka kuronka ubukerebutsi nyakuri, turakwiye kwemera ukwo kuri kw’ishimikiro tukongera tukakwisunga igihe dufata ingingo y’ico twokora.

w16.09 23-24 ing. 2-3

Yemwe rwaruka, nimukomeze ukwizera kwanyu

2 Nimba uri umusavyi wa Yehova akiri muto canke ukaba uriko uriga ivyerekeye Yehova, woba wumva umenga wokwemera inyigisho benshi bemera, nk’imwe ivuga ko ibintu vyabayeho biciye kw’ihindagurika, aho kwemera ko vyaremwe? Nimba ari ukwo biri, hariho ibintu wokora kugira ngo ukomeze ukwizera kwawe. Kimwe muri vyo, ni ugukoresha ubushobozi bwo kwiyumvira Imana yaguhaye, bukaba “buzoguma bugucungereye.” Buzogukingira amafilozofiya y’iyi si ashobora gusenyura ukwizera kwawe.​—Soma Imigani 2:10-12.

3 Ukwizera nyakuri gushingiye ku kumenya Imana ata makosa. (1 Tim. 2:4) Igihe rero wiga Ijambo ry’Imana be n’ibitabu vyacu bishingiye kuri ryo, niwirinde gusoma ucishako. Nukoreshe ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira kugira ngo ‘utegere’ ivyo usoma. (Mat. 13:23) Reka turimbure ingene kubukoresha bishobora gutuma urushiriza kwizera ko Imana ari Umuremyi be n’uko Bibiliya ivuga ukuri. Kandi ibimenyamenya bihari ni umuyoro.​—Heb. 11:1.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-1 1195 ing. 4

Ugutungana

Birashoboka ko umuntu agira ugutungana nk’ukwo, ariko ntibishoboka bivuye ku nkomezi ziwe, ahubwo bishoboka bivuye ku kwizera Yehova no kumwizigira hamwe no ku nkomezi atanga. (Zb 25:21) Imana isezerana kuba «inkinzo» n’«igihome gikomeye», igakingira inzira y’abagendera mu gutungana. (Img 2:6-8; 10:29; Zb 41:12) Kubera ko bama barajwe ishinga no gushimisha Yehova, biratuma badahungabana mu buzima, bakaguma batumbereye ku mugambi wabo. (Zb 26:1-3; Img 11:5; 28:18) Ariko nk’uko Yobu yavyiboneye mbere bikanamuzazanira, abantu b’intungane barashobora gushikirwa n’ingorane kubera amategeko y’ababisha kandi bagapfira hamwe n’ababisha. Mugabo Yehova adukura amazinda ko abona ingene abatagira amahinyu babayeho kandi asezerana ko intoranwa yabo ari iy’ibihe bidahera, ko kazoza kabo kazorangwa n’amahoro, kandi ko bazotorana ivyiza. (Yb 9:20-22; Zb 37:18, 19, 37; 84:11; Img 28:10) Nk’uko vyari kuri Yobu, kugira umuntu abe uwubereye kandi yubahwe, bivana n’uko aba ari intungane, ntibivana n’uko aba ari umutunzi. (Img 19:1; 28:6) Abana bafise umuvyeyi nk’uwo baba bahiriwe. (Img 20:7) Bararonka iragi ryiza bivuye ku karorero k’umuvyeyi wabo, bakungukira ku kuba avugwa neza kandi yubahwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika