Ugukorera mu Mpisho Kwose Ni Ukw’Iki?
“NTA kiremereye nk’ibanga.” Ivyo ari vyo vyose, ukwo ni ko umugani umwe w’Igifaransa uvuga. Ivyo none vyoba bisigura igituma twumva tumerewe neza igihe tuzi ibanga ariko rimwe na rimwe umutima ukatwanka igihe tudashobora kuvuga ivyaryo? Yamara, haraciye ibinjana abenshi bashima gukorera mu mpisho, bakikorakoranya bagira imigwi ikorera mu mpisho kugira bakurikirane ikintu kimwe.
Muri ayo mashirahamwe akorera mu mpisho, aya kare rwose kuruta twari utugwi tw’ivy’idini tugirira ivy’ugusenga mu mpisho twasanzwe muri Misiri, mu Bugiriki, no mu Buroma. Mu nyuma imwimwe muri iyo migwi yarakebeje irava mu vy’idini hanyuma ija mu vya politike, ivy’ubutunzi, canke ivyo mu mibano. Nk’akarorero, igihe imihari y’abadandaza yashingwa mu Buraya hagati y’ikinjana ca 6 n’ica 16 G.C., abayigize bagiye ku gukorera mu mpisho barondera canecane kwikingira mu vy’ubutunzi.
Imigwi ikorera mu mpisho muri ibi bihe turimwo kenshi yashinzwe kubera impamvu za gipfasoni, kumbure “ku bwo gufasha abantu no kugira neza,” nk’uko bivugwa n’igitabu Encyclopædia Britannica, no “ku bw’ugushitsa imigambi y’ivy’abagiraneza hamwe n’iy’ivy’ukwigisha.” Amashirahamwe amwamwe y’ubuvukanyi, imihari y’urwaruka, imihari yo mu kibano, hamwe n’iyindi migwi, na yo nyene irakorera mu mpisho, canke ugasanga muri yo ibikorerwa mu mpisho ntibibuze. Iyo migwi kenshi usanga ata migabo ifise y’ugukora ikibi, abayigize bakabona ko gukorera mu mpisho bibaryohera. Ibirori vyo mu mpisho vy’ukwatira biranyura umutima cane kandi bigakomeza ubugenzi n’ubumwe. Abayigize baraharonkera ukwiyumvamwo ko atari ibitabwa kandi bari n’ico bakurikirana. Amashirahamwe akorera mu mpisho y’ubwo bwoko ubusanzwe ntahanamiye abatayarimwo. Abo hanze ntibumva ko hari ico bahomvye kubera ko batazi nya mabanga.
Igihe Ugukorera mu Mpisho Kubonetsemwo Ingeramizi
Imigwi yose ikorera mu mpisho ntihisha ibintu ku rugero rumwe. Ariko, nk’uko bivugwa n’igitabu Encyclopædia Britannica, abafise “amabanga mu mabanga” ni bo bateye ingeramizi bidasanzwe. Gisigura ngo “hakoreshejwe amazina ameze ukundi, ugusuzumwa canke ukuja barahishurirwa ibintu,” abayigize bo ku mutwe barigora “bakishira ku ruhande,” gutyo bakaba batumye “abo hasi bagira akigoro gakenewe kugira bashikire ibibanza vyo hejuru.” Ingeramizi yama iri mu migwi mwene iyo si agaseseshwarumuri. Abo mu ngazi zo hasi bashobora kuba batazi namba ivyigerero nyavyo vya nya shirahamwe, kubera baba bataratera imbere gushika kuri urwo rugero rw’uguhishurirwa ibintu. Ntibigoye kuja mu mugwi ufise imigambi hamwe n’ubuhinga bwo kuyishikira utazi neza, kandi vy’ukuri, ngirango bataranagusigurira neza imigambi yayo. Ariko umuntu yātiwe akinjira muri mwene uwo mugwi, mu nyuma ashobora gusanga bigoye kuwuvamwo; ameze nk’uwuboshwe n’imigozi y’ukutamena ibanga.
Ariko ugukorera mu mpisho kurerekana ingeramizi nini mbere kuruta, igihe umugwi ukurikirana imigambi iteye kubiri n’amategeko canke y’ubukozi bw’ikibi hanyuma rero ukagerageza guhisha yuko n’ukubaho ubaho. Canke mu gihe ukubaho kw’iryo shirahamwe rikorera mu mpisho kuzwi n’imigambi yaryo ikaba izwi, abarigize hamwe n’imigambi ryimirije kurangura rishobora kugerageza kubigumiza mu mpisho. Uko ni na kwo bimeze ku migwi ya bagaterabwoba ikomeye cane ija iranyuzamwo ikababaza isi ikoresheje ibitero vyabo vy’agaterabwoba.
Egome, ugukorera mu mpisho kurashobora gukwegera ingorane abantu umwumwe canke abanyagihugu tubafatiye hamwe. Iyumvire twa tugwi tw’imisore dukorera mu mpisho duhīga rukôko abantu ata co bazira, amashirahamwe y’inkozi z’ikibi nka rimwe rikorera mu kinyegero ryitwa Mafia, imigwi y’ugushira hejuru abazungu nk’umwe witwa Ku Klux Klan,a tutavuze ya migwi myinshi ya bagaterabwoba hirya no hino kw isi ibandanya gutangīra utwigoro tugirwa tw’ukurondera amahoro n’umutekano.
None Ubu Iyo Migwi Igeze ku Biki?
Mu myaka y’1950, bivuye kuri kwa gukebana kw’Abarusiya n’Abanyamerika, hari imigwi yo mu mpisho yungunganijwe mu bihugu bitari bike vyo mu Buraya bwo mu Burengero ngo ibe ishingiro ry’imihari yorwanya Abarusiya hamwe boramuka bagerageje kwigarurira Uburaya bwo mu Burengero. Nk’akarorero, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru Focus c’ikidagi, “amadepo 79 y’ibirwanisho yo mu mpisho” yarashinzwe muri Otirishe muri ico kiringo. Wagomba si ibihugu vyose vy’i Buraya vyari bizi ko iyo migwi ibaho. Ikinyamakuru kimwe caravugishije ukuri mu ntango y’imyaka y’1990 kiti: “Ibintu bikiri ibitazwi ni ukugene menshi muri ayo mashirahamwe akora kino gihe hamwe n’ico yahavuye agashikako ubuheruka.”
Ego koko. Ni nde vy’ukuri ashobora kumenya igitigiri c’imigwi ikorera mu mpisho yoba uyu mwanya nyene ibogamiye cane ku kibi kuruta uko uwo ari we wese muri twebwe yoshobora kuvyiyumvira?
[Akajambo k’epfo]
a Uwo mugwi wo muri Reta Zunze Ubumwe hariho ibintu vy’idini wagumije vyo mu mashirahamwe yakorera mu mpisho imbere yawo, mu gukoresha umusaraba waka umuriro bwa kimenyetso cawo. Kera, waguma ugira ibitero vy’ijoro, abawugize bakaba bari bambaye amakanzu yera kandi bakenyeye imyerupe, kandi ishavu ryabo bakarita ku birabure, ku Bagatolika, ku Bayahudi, ku banyamahanga, no ku masendika.