ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/2 rup. 4-7
  • Ubuzima bwawe bufise agaciro kangana iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuzima bwawe bufise agaciro kangana iki?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Nta n’imwe ihara”
  • “N’umushatsi wo ku mitwe yanyu wose warahurūwe”
  • “Vyahinguranywe ubwenge”
  • “Azokiza umukene ah’azotakambira”
  • Yehova yaraharuye “umushatsi wo ku mitwe yanyu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Iratwitegereza ikabona agaciro dufise
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • 2 Niwironse ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Nta gishobora «kudutandukanya n’urukundo rw’Imana»
    Niwiyegereze Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/2 rup. 4-7

Ubuzima bwawe bufise agaciro kangana iki?

MU GIHE inganda zariko ziratikira i Buraya mu Ntambara ya mbere y’isi yose, hariko haragirwa utwigoro dukomeye kugira ngo ubuzima bushobore kurokorwa muri ka gace k’isi kitwa Antaragitike. Uwitwa Ernest Shackleton, akaba yari umugenduzi w’uturere yamuka ku Mwongereza no ku munya Irilande, hamwe n’abo bari bafatanije urugendo, barashikiwe n’ivyago igihe ikibarafu casavya ubwato barimwo bwiswe Endurance, buca buranyika. Shackleton yarakoze uko ashoboye kwose kugira arabe ko yobashikana ahantu hatekanye, abajanye kw’izinga ryitiriwe inzovu riri mw’ibahari Atalantike y’Epfo. Ariko ubuzima bwabo bwari bukiri mu kaga gakomeye.

Shackleton yabonye ko ata kundi bari kuhakura agatwe kiretse batabaje abahigi ba vya bifi vy’ibimizi bita baleines bari kw’izinga riri mu Bumanuko bw’igihugu ca Jorojiya. Iryo zinga ryari ku bilometero 1.100 uvuye aho bari bari, akaba yari afise gusa akato kareha n’imetero 7 yari yakuye muri bwa bwato bwanyika bwitwa Endurance. Ntibari bazi ko bahakura agatwe.

Ariko kw’itariki 10 Rusama 1916, bamaze imisi 17 amaganya ari yose, Shackleton n’abantu bakeyi bari kumwe, barashitse mu Bumanuko bwa Jorojiya, ariko kubera yuko ikiyaga cari kimeze nabi cane, babwirijwe kwogorokera ku ruhande batashaka gushikirako rw’iryo zinga. Kugira bashike aho bari bagiye, babwirizwa kugira urugendo rw’ibilometero 30 baca mu misozi batazi kandi yuzuyeko ibibarafu. Ata n’uwari avyiteze, uravye ingene hari imbeho y’igikonyozi be n’ingene ata bikoresho vyiza bakoresha mu kuduga imisozi bari bafise, Shackleton n’abo bari bafatanije urugendo barashitse aho bari bagiye, kandi yarashoboye kurokora abo bari kumwe bose bari babuze ayo bacira n’ayo bamira. Ni kubera iki Shackleton yemeye kugira akigoro kageze iyo hose? Umwanditsi yitwa Roland Huntford yandika inkuru z’ubuzima, yanditse ati: “Intumbero yiwe yari iyo kurokora abantu biwe bose”.

“Nta n’imwe ihara”

Ni igiki catumye abantu ba Shackleton batihebura rwose igihe bari bakoraniye hamwe bifumbereje, barindiririye muri ako “gahinga ka nyaganande k’ibitandara n’ibibarafu kareha n’ibilometero 30 kuva ku mpera gushika ku yindi”? Ni uko bari bizigiye ko indongozi yabo yoshikije umuhango yari yabahaye wo kubarokora.

Umuryango w’abantu muri iki gihe umeze nk’abo bantu bari babuze gitabara bari kuri rya zinga ryitiriwe inzovu. Benshi babayeho nabi bimwe bitavugwa kandi usanga baguma bagwa bavyuka kugira gusa babe baramaze kabiri. Ariko barashobora kwizigira badakeka yuko Imana ‘izokiza impahazwa’ agahahazo n’amagorwa (Yobu 36:15). Shira amazinda, Imana ibona ko ubuzima bw’umwumwe wese ari ubw’agaciro. Yehova Imana we Muremyi avuga ati: “Uz’unyambaze ku musi w’amagorwa, nzogukiza”.​—Zaburi 50:15.

Vyoba bikugora kwemera yuko Umuremyi abona ko wewe ubwawe uri n’agaciro mu bantu amamiliyaridi baba kw’isi? Raba ivyo umuhanuzi Yesaya yanditse ku vyerekeye inyenyeri amamiliyaridi ziri mu bigwi amamiliyaridi vy’inyenyeri biri mu kirere amahero kidukikije. Yanditse ati: “Ni mwunamure amaso yanyu murābe hejuru, murābe uwaremye izo nyenyeri uw’ari we, asohora ingabo zazo mu bitigiri: azihamagara zose mu mazina; kubg’ububasha bg’ubushobozi bgiwe, no kubg’inkomezi ziwe nyinshi, nta n’imwe ihara”.​—Yesaya 40:26, ni twe dushimitse.

Woba utegera ico ivyo bisobanura? Ikigwi c’inyenyeri turimwo ari co Nzira Nyamweru, izuba be n’imibumbe irizunguruka bikaba gusa ari agace kaco, kirimwo n’imiburiburi inyenyeri imiliyaridi 100. None hari ibindi bigwi vy’inyenyeri bingahe? Nta n’umwe abizi neza, mugabo bigereranywa yuko hoba hari ibigwi vy’inyenyeri bishika ku miliyaridi 125. Ese ukuntu igitigiri c’inyenyeri gitegerezwa kuba giteye akoba! Ariko igitangaje, Bibiliya itubwira yuko Umuremyi w’isi n’ijuru azi izina ry’imwimwe yose muri izo nyenyeri.

“N’umushatsi wo ku mitwe yanyu wose warahurūwe”

Hari aboharira bavuga bati: ‘Kumenya gusa amazina y’inyenyeri amamiliyaridi canke ay’abantu amamiliyaridi ntibica bisigura ko umuntu avyitwararika kimwe cose ukwaco’. Orodinateri ifise ikibanza gihagije yoshobora gutekera amazina y’abantu amamiliyaridi, yamara nta wovuga yuko iyo orodinateri yitwararika umwumwe wese muri bo. Ariko rero, Bibiliya yerekana yuko Yehova Imana azi amazina y’abantu amamiliyaridi, akongera akabitwararika umwumwe ukwiwe. Intumwa Petero yanditse ati: “Muyikorere amaganya yanyu yose, kukw ibababara”.​—1 Petero 5:7.

Yezu Kirisitu yavuze ati: “Mbeg’utunyoni tubiri ntitugurwa ikuta? Ariko muri two nta na kamwe gakorokera hasi, So atabizi. Ariko n’umushatsi wo ku mitwe yanyu wose waraharūwe. Nuko ntimutinye: mwebge muruta utunyoni twinshi” (Matayo 10:29-31). Urabona yuko Yezu atavuze yuko Imana yomenye gusa ivyashikiye utunyoni tw’utujuri canke ivyashikiye abantu. Yavuze ati: “Mwebge muruta utunyoni twinshi”. Ni kubera iki wewe uturuta? Ni kubera yuko ‘waremwe mw’ishusho y’Imana’, ukaba ushobora gutsimbataza no kugira inyifato runtu, ubwenge, ukanakunda ivy’impwemu, ivyo bikaba bigaragaza kamere ziri hejuru z’Imana.​—Itanguriro 1:26, 27.

“Vyahinguranywe ubwenge”

Ntuhendwe n’amajambo avugwa n’abatemera ko hariho Umuremyi. Bavuga yuko waremwe n’inguvu zo mu bidukikije ziyadukije, zitagira kamere z’umuntu. Bavuga yuko utaremwe “mw’ishusho y’Imana”, ngo ukaba rero ata ho utaniye n’ibindi bikoko biri kuri iyi si, harimwo n’utunyoni tw’utujuri.

Wumva bisobanutse kuri wewe yuko ubuzima bwabonetse ku gihamana, canke ko bwazanywe n’inguvu yiyadukije? Twisunze ivyavuzwe na Michael J. Behe, uwo akaba ari umuhinga mu bijanye n’uduhimba dutoduto cane tugize ibinyabuzima, “urusobangane rusiga ubwenge rw’ibibera mu binyabuzima” rugenga ubuzima rutuma ico ciyumviro kiba ikitumvikana na gato. Avuga yuko ivyo bintu bibera mu binyabuzima bitobura gutuma umuntu ashika ku ciyumviro c’uko “ubuzima buri kw’isi, uhereye ku tunyabuzima turi hanyuma y’utundi . . . bwahinguranywe ubwenge”.​—Darwin’s Black Box​—The Biochemical Challenge to Evolution.

Bibiliya itubwira yuko ubwoko bwose bw’ubuzima buri kw’isi bwahinguranywe ubwenge. Itubwira kandi yuko Yehova Imana Umuremyi w’isi n’ijuru ari we Sôko ry’ivyo bintu vyose vyahinguranywe ubwenge.​—Zaburi 36:9; Ivyahishuriwe 4:11.

Ntureke ngo ukuba dutegerezwa kuba mw’isi yuzuyemwo umubabaro n’ugucumukura bikubuze kwemera yuko hariho Umuremyi yashizeho isi n’ubuzima bwose buri kuri yo. Uramiza ku muzirikanyi ibi bintu bibiri vy’ukuri kw’ishimikiro. Ica mbere: Imana si yo yashizeho ikibi tubona hirya no hino. Ica kabiri: Imana iri n’ishingiro ryo kureka kikabandanya mu gihe kinaka. Nk’uko iki kinyamakuru gikunze kubivuga, Yehova Imana yaretse ikibi ngo kibandanye mu gihe gitoyi gusa, kugira ngo ashobore gutorera umuti rimwe rizima vya bibazo vyerekeye ikibereye n’ikitabereye vyavyuka igihe abantu batangura gutera akagere ubusegaba bwiwea.​—Itanguriro 3:1-7; Gusubira mu vyagezwe 32:4, 5; Umusiguzi 7:29; 2 Petero 3:8, 9.

“Azokiza umukene ah’azotakambira”

Ariko ntiwumve, naho muri iki gihe abantu benshi bategerezwa kubaho mu buryo buteye agahinda, ubuzima buguma ari ingabirano nziza igitangaza. Vyongeye, turakora ivyo dushoboye vyose kugira tubuzigame. Ubuzima bwo muri kazoza Imana yasezeraniye abantu buratandukanye rwose n’ubw’abantu bagwa bavyuka kugira gusa babe baramaze kabiri mu bintu bigoye kandi bibabaza, nka kumwe kwa ba bantu ba Shackleton bari kuri rya zinga ryitiriwe inzovu. Umugambi Imana ifise ni uwo kudukura muri ubu buzima bwuzuyemwo amaganya kandi butagira intumbero, kugira ngo dushobore ‘gucakira ubuzima nyakuri’ yari yateguriye abantu yaremye.​—1 Timoteyo 6:19.

Imana izokora ivyo vyose kubera yuko umwe wese muri twebwe ari n’agaciro mu nyonga zayo. Yaratunganije ivy’uko Umwana wayo Yezu Kirisitu atanga inkuka y’incungu ikenewe kugira adukureko icaha, agasembwa, be n’urupfu twarazwe n’abavyeyi bacu ba mbere Adamu na Eva (Matayo 20:28). Yezu Kirisitu yavuze ati: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [ni] rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese . . . ahabge ubu[zima] budashira”.​—Yohani 3:16.

Imana izokorera iki abantu usanga mu buzima bwabo barembejwe n’umubabaro n’agahahazo? Ku vyerekeye Umwana wayo, Ijambo ry’Imana ritubwira riti: “Azokiza umukene ah’azotakambira, n’umugorwa atagira gitabara. Azogirira akagongwe uworoshe n’umukene, amagara y’abakene azoyakiza. Azobacungura, abakize agahahazo n’umuryano; kand’amaraso yabo azoba ay’igiciro mu nyonga ziwe”. Ni kubera iki izokora ivyo bintu? Ni kubera yuko “amaraso yabo [canke, ubuzima bwabo] azoba ay’igiciro mu nyonga z[ayo]”.​—Zaburi 72:12-14, ni twe dushimitse.

Umuryango w’abantu umaze ibinjana unanijwe n’umutwaro w’icaha n’agasembwa; ni nk’aho uriko ‘uranihishwa’ n’ububabare bwinshi be n’ugucumukura. Imana yabaye irabireka kubera yari izi yuko ishobora gutorera umuti amabi yose vyokweze (Abaroma 8:18-22). Ubu bwa vuba igiye “guhindura ibintu vyose bisha” biciye ku ntwaro y’Ubwami bwayo burongowe n’Umwana wayo Yezu Kirisitu.​—Ivyakozwe 3:21; Matayo 6:9, 10.

Ivyo bizoba birimwo ukuzura abantu bacumukuye bongera barapfa muri kahise. Imana irabibuka (Yohana 5:28, 29; Ivyakozwe 24:15). Bagiye kuronka ubuzima “busāgutse”, ni ukuvuga ubuzima budahera butunganye mw’isi izoba yabaye iparadizo, itagiramwo umubabaro n’ugucumukura (Yohana 10:10; Ivyahishuriwe 21:3-5). Umuntu wese azoba ariho ico gihe azoshobora kunezererwa ubuzima bimwe bishitse yongere atsimbataze za kamere be n’ubushobozi bitangaje biranga abaremwe “mw ishusho y’Imana”.

Woba ari ho uzoba uri kugira unezererwe ubwo buzima Yehova yasezeranye? Biva kuri wewe. Tukuremesheje kwungukira ku ntunganyo Imana yashizeho kugira ngo iyo mihezagiro yose ishoboke. Abanditsi b’iki kinyamakuru bazohimbarwa no kugufasha kubigira.

[Akajambo k’epfo]

a Ushaka kumenya ido n’ido kuri ico ciyumviro, raba ikigabane ca 8 kivuga ngo “Ni Kuki Imana Ireka Abantu Bagacumukura?”, mu gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 4, 5]

Ba bantu bari babuze ayo bacira n’ayo bamira, bari bizigiye ko Shackleton yoshikije umuhango yari yabahaye wo kubarokora

[Abo dukesha ifoto]

© CORBIS

[Ifoto ku rup. 6]

“Mwebge muruta utunyoni twinshi”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika