Tubwire abandi ivyerekeye “umuco w’isi”
1. Ni umuco mwinshi uwuhe wari waravuzwe mw’Ijambo ry’Imana, kandi ni urubanza uruhe rutuma uwo muco witwararikwa mu buryo budasanzwe?
1 Yehova abicishije ku muhanuzi Yesaya, yavuze ati: “Abantu bāgendera mu mwiza babonye umuco mwinshi, abāba mu gihugu c’igitūtu c’urupfu ni bo bākiwe n’umuco” (Yes. 9:2). Uwo “muco mwinshi” wabonekeye mu bikorwa vya Yezu Kirisitu, Umwana w’Imana. Igikorwa co kwamamaza yakoze igihe yari ngaha kw’isi be n’ivyiza vyavuye ku nkuka yatanze, vyarafashije abari mu mwiza kuryohora kamere yabo y’ivy’impwemu. Umuco nk’uwo ni wo abantu bakeneye muri iki gihe c’umwiza. Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba ziraturonsa akaryo kadasanzwe ko kubwira abandi ivyerekeye “umuco w’isi” (Yoh. 8:12). Mu mwaka uheze, abantu amamiliyoni barerekanye ukuntu bizera mu kwifatanya natwe mu kugamburuka itegeko rya Yezu rigira riti: “Murakore murtya kugira ngo kibe icibutso canje” (Luka 22:19). Ko twimirije guhimbaza Icibutso c’uyu mwaka, dushobora gute none kugira uruhara mu bijanye no kubwira abandi ivyerekeye uwo muco mwinshi Yehova yatumye wakira abantu?—Flp. 2:15.
2. Dushobora gute kurushiriza gukenguruka bimwe bivuye ku mutima inkuka y’incungu, kandi ivyo bizovamwo iki?
2 Mu gutsimbataza ugukenguruka kuva ku mutima: Ikiringo c’Icibutso ni igihe ciza co kuzirikana ku rukundo ruhambaye Yehova na Yezu berekanye mu gutanga inkuka y’incungu ku bw’abantu bose (Yoh. 3:16; 2 Kor. 5:14, 15). Nitwazirikana kuri urwo rukundo, nta gukeka ko bizotuma turushiriza gukenguruka bimwe bivuye ku mutima urwo rubanza rweranda. Vyoba vyiza abasavyi b’Imana bose barondeye umwanya wo gusoma no kuzirikana ku bisomwa bidasanzwe vyo muri Bibiliya bijanye n’Icibutso, nk’uko vyerekanwa muri ka gatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi. Kuzirikana kuri kamere ntangere za Yehova, izihishurwa mu buryo butangaje biciye kuri iyo ncungu, bituma twiratira Yehova we Mana yacu. Kuzirikana ku co iyo ncungu isobanura kuri umwumwe wese muri twebwe, bizorushiriza gukomeza urukundo ruva ku mutima dukunda Imana be n’Umwana wayo, vyongere bitume dukora ivyo Imana igomba uko dushoboye kwose.—Gal. 2:20.
3. Dushobora gute kwerekana ko dukenguruka Icibutso?
3 Nitwakenguruka mu buryo bugera kure intunganyo Yehova yashizeho yo kudukiza, ishaka dufitiye Icibutso rizogira ico rikoze ku batohoji ba Bibiliya, ku bo dusubira kugendera, ku ncuti, ku babanyi, ku bo twigana, ku bo dukorana be no ku bandi duhora dutumira kuri urwo rubanza rudasanzwe (Luka 6:45). Ku bw’ivyo rero, nugire akigoro kadasanzwe ko gutumira bene abo bantu bose, ubahe agakaratasi k’ubutumire bw’Icibutso kugira kaze karabibutsa urwo rubanza. Kugira ntihagire uwo bibagira, benshi babonye ko ari ngirakamaro kugumana urutonde rw’abo bama batumira ku Cibutso, bakaza bararwongerako abandi batumire bashasha uko umwaka utashe. Mu gihe ivyo tubigize mu buryo buri ku rutonde, tukongera tugakora uko dushoboye kwose kugira ngo dutumire abashimishijwe, vyoshobora kuba uburyo bwiza bwo kwerekana ko dukengurukira Yehova Imana ku bw’ “ingabire y[iwe] nziza itovugwa”.—2 Kor. 9:15.
4. Ni ibiki bishobora kuzodufasha kwongereza umwanya tumara mu busuku muri Ntwarante no muri Ndamukiza?
4 Mu kwongereza umwanya tumara mu busuku: Woba ushobora kwongereza umwanya umara mu busuku muri Ntwarante no muri Ndamukiza? Niwakora uko ushoboye kwose mu kubwira abandi “ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo”, nta gukeka ko Imana izoguhezagira. Kubera ko Yehova ari we Soko ry’umuco wose w’ivy’impwemu, yategetse ati: “Umuco [ni] wāke, uvuye mu mwiza” (2 Kor. 4:4-6). Mu gihe vyoba bikenewe, abakurambere bazotunganya ivy’uko hoba amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro yiyongereye, be n’uko abera mu bibanza vyiyongereye, bongere baje imbere abandi mu vyo gushigikira abamamaji bipfuza kumara umwanya wiyongereye mu busuku. Aho hashobora kuba harimwo intunganyo zijanye no kwamamaza ku mabarabara hakiri kare mu gitondo canke kwamamaza mu vyibare bikorerwamwo ivy’ubudandaji be n’izijanye no kwamamaza biciye kuri telefone ku muhingamo canke ku kagoroba. Kwishingira amasaha ushobora gushitsa maze ukihatira kuyashitsa, vyoshobora kugufasha kwongereza umwanya umara mu busuku. Kuri benshi, guha Yehova ibintu vyabo vy’igiciro kinini kuruta harimwo n’agateka ko gukora ubutsimvyi bwo gufasha.—Kol. 3:23, 24.
5. Benshi bariko barungukira gute kuri ya ntunganyo yagirwa yo kugabanya amasaha abakora ubutsimvyi bwo gufasha basabwa?
5 Woba ushobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha? Ubu haraciye imyaka irenga indwi amasaha abatsimvyi bo gufasha basabwa gushitsa agabanijwe. Iyo ntunganyo yashizweho kugira ngo yorohereze benshi kuruta, bashobore kwironkera umunezero uva ku gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Woba urabigerageza? Bamwebamwe baramaze kumenyera gukora ico gikorwa uko umwaka utashe. Mu mashengero menshi, abamamaji batari bake baruzuriza hamwe za nkaratasi zo gusabirako uwo murimo, kandi ico kiraba ikintu co mu vyo ishengero riba riranguye muri uwo mwaka kizana umuhezagiro. Woba ushobora gutegekanya ko hagira ukwezi wogiramwo umunezero mu gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri iki kiringo c’Icibutso? Ndamukiza kwoshobora canecane kuba ukwezi kwiza kuri bamwebamwe, kubera yuko kuzoba gufise impera z’imishamvu zitanu.
6. Ni intunganyo ziteye umunezero izihe zashizweho?
6 Ishengero ryanyu ryoba rizogenderwa n’umucungezi w’umuzunguruko muri Ntwarante canke muri Ndamukiza? Hariho uwundi muhezagiro ushobora kwironkera. Nk’uko vyamaze gutangazwa, muri uyu mwaka w’umurimo wa 2006, umuntu wese azoba ariko arakora ubutsimvyi bwo gufasha mu kwezi umucungezi w’umuzunguruko azoba yagendeye ishengero, azotumirwa kwitaba igice ca mbere c’inama umucungezi agirana n’abatsimvyi mu ndwi aba agendeye ishengero. Nta gukeka ko ibintu bikomeza mu vy’impwemu bizoshikirizwa muri iyo nama bizofasha abatsimvyi benshi bo gufasha kurondera gushikira agateka ko kuba abatsimvyi basanzwe. Ikindi kandi, muri Ntwarante tuzohimbarwa no gufasha abantu kuza mu muco w’ivy’impwemu dukoresheje ca gitabu gishasha Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? gifasha kurongora inyigisho. Ni kubera iki utokwigira umugambi wo gutanguza inyigisho za Bibiliya muri ico gitabu gishasha?
7, 8. (a) Ni igiki gishobora kudufasha kugira urutonde tugakora ubutsimvyi bwo gufasha? (b) Ugusenyera ku mugozi umwe kw’abagize umuryango gushobora gute gufasha, kandi umuryango wose ushobora gute kuhungukira?
7 Uko uzirikana kuri ya masaha 50 asabwa ku batsimvyi bo gufasha, nurabe urutonde ruzotuma ushobora gutuma umuco werekeye ukuri waka, mu kwama wamamaza nk’amasaha 12 ku ndwi ku ndwi. Nubiganire n’abamaze kubigerageza bigakunda, hamwe n’abandi. Ivyo vyoshobora kubaremesha kugira ngo bifatanye nawe. Abamamaji bakuze cokimwe n’abakiri bato basanze bitagoye cane gushitsa uwo mugambi mwiza mu gihe bagize urutonde rwiza. Nusenge ku bw’ico kintu. Nimba rero bishoboka, niwitegure, maze uce ubukora!—Mal. 3:10.
8 Imiryango myinshi yasanze ko mu gihe abagize umuryango bashigikiranye bishobora gutuma n’imiburiburi umwe mu bagize umuryango ashitsa uwo mugambi. Umuryango umwe warafashe ingingo yuko ababatijwe bose uko ari batanu bakora ubutsimvyi bwo gufasha. Abandi bana babiri batari bwabatizwe baragize akigoro kadasanzwe ko kwongereza umwanya bamara mu gikorwa. None uwo muryango wungukiye gute kuri ako kigoro kadasanzwe wagize? Banditse bati: “Kwari ukwezi guhimbaye cane, kandi ubumwe buri hagati yacu twumva butsimbataye bimwe bikomeye. Turakengurukira Yehova kuri iyo mihezagiro myiza utoraba!”.
9. Twoshobora gute kureka umuco wacu ukaka muri iki kiringo c’Icibutso?
9 Mbega igikorwa kidasanzwe tuzokora muri Ntwarante no muri Ndamukiza coba kizotwongerereza ishaka dufise kikanatuma turushiriza kwiyegereza Dawe wa twese wo mw’ijuru? Ivyo bizovana ahanini n’utwigoro umwe wese muri twebwe azogira mu bijanye no kurushiriza gutsimbataza urukundo dukunda Imana n’Umwana wayo hamwe no kwongereza umwanya amara mu busuku. Ese umwiyemezo wacu womera nk’uwo umwanditsi wa Zaburi yari afise, uwaririmvye ati: “Ndashimisha Uhoraho cane akanwa kanje, mbere nzomushimira hagati mw ishengero” (Zab. 109:30). Yehova azohezagira igikorwa tuzorangurana umwete muri iki kiringo c’Icibutso. Nimuze rero tureke umuco mwinshi wake kugira ngo abantu benshi kuruta bashobore kuva mu mwiza, maze ‘bagire umuco w’ubuzima’.—Yoh. 8:12.