Myandagaro ni ukwezi kuzobamwo ibikorwa vy’intibagirwa!
Agapapuro k’inkuru nziza gashasha kazoshikirizwa kw’isi yose
1. Ni isekeza ridasanzwe irihe rizokorwa kw’isi yose uko twegereza imyaka 100 Ubwami bumaze buvutse?
1 Ubwami bw’Imana buri mu gukwiza imyaka 100 buvutse. Ese ukuntu bibereye ko dutera iteka Yehova biciye kw’isekeza ridasanzwe! Muri Myandagaro tuzogira uruhara mu gikorwa kizorangurirwa kw’isi yose co gutanga agapapuro k’inkuru nziza gashasha kavuga ngo Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima? Ako gapapuro k’inkuru nziza kararemesha abasomyi kurondera muri Bibiliya inyishu z’ibibazo bafise kakongera kagasigura ingene wa muhora wa jw.org ushobora kubafasha.
2. Twoshobora gute kugira ico duterereye kw’ ‘ijwi rirenga ryo gushemeza Yehova’ rizovuzwa muri Myandagaro?
2 Ijwi rirenga ryo gushemeza: Kugira ngo abamamaji bashobore gufashwa kwagura ubusuku, harashizweho intunganyo idasanzwe kuri uwo wese yipfuza gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri Myandagaro. Muri ukwo kwezi, abamamaji babatijwe bazokwemererwa gukora ubutsimvyi bwo gufasha bw’amasaha 30. Kubera ko ukwezi kwa Myandagaro gufise imisi ya gatanu, iya gatandatu n’iy’iyinga itanitanu, abamamaji benshi baba bari ku bikorwa canke kw’ishure mu ndwi hagati bazoshobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Niba ufise inyigisho ya Bibiliya iteye imbere canke umwana yoshobora kuba umwamamaji, nuvugane n’umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere udatebaganye. Ese ukuntu bizobaremesha igihe bazokwifatanya natwe ari abamamaji muri ukwo kwezi kudasanzwe! Naho abatsimvyi basanzwe benshi bakunze gufata akaruhuko muri Myandagaro igihe baba bamaze gukwiza amasaha asabwa ku mwaka, vyoshoboka ko bahindura urutonde rwabo kugira ngo bagire uruhara bimwe bishitse muri iryo sekeza ridasanzwe. Iki ni co gihe c’uko imiryango iganira ukuntu izogira ico iterereye kw’ ‘ijwi rirenga ryo gushemeza Yehova’ rizovuzwa muri Myandagaro.—Ezr. 3:11; Imig. 15:22.
3. Twizigiye iki ku bijanye n’iryo sekeza ridasanzwe?
3 Naho mu myaka iheze twagize uruhara mu masekeza nk’ayo, turizigiye ko iri ryoryo rizoba iry’intibagirwa. Muri Myandagaro twoba tuzoshobora kuronka igitigiri gishasha c’amasaha, ic’abamamaji n’ic’abatsimvyi bo gufasha? Uko turangiza umwaka w’umurimo wa 2014, ese Yehova yohezagira utwigoro tw’abasavyi biwe bo kw’isi yose two gutuma ukwezi kwa Myandagaro kuba ukwezi kudasanzwe kwo gushingamwo intahe!—Mat. 24:14.