Ivyabajijwe n’abasomyi bacu
Ni kubera iki Ivyabona Vya Yehova badakoresha ibishushanyo mu gusenga kwabo?
Kw’isi iyo iva ikagera, abahindu, ababuda, abagatolika, be n’abasenga mw’idini ry’aborotodogisi babona ko gukoresha ibigirwamana, ibishushanyo, canke udushusho ari ikintu nyamukuru kigize ugusenga kwabo. Mu mihingo yo muri Afirika, abantu barakoresha ibishushanyo bikozwe mu mbaho canke mu mabuye mu gusenga kwabo, bakaba bibaza ko ikimana kinaka canke impwemu yaco iri muri vyo.
Mu buryo butandukanye n’ubwo, Ivyabona vya Yehova ntibakoresha ibigirwamana canke ibishusho mu gusenga kwabo. Ugendeye ibibanza bagiriramwo amakoraniro, ivyitwa Ingoro z’Ubwami, nta dushusho tw’abitwa ngo ni aberanda canke ibishusho vya Yezu kibure ivya Mariya uzohasanga.a Kubera iki? Ehe raba ico Bibiliya ibivugako.
Ni ibiki Imana yasaba Abisirayeli?
Yehova Imana amaze kubohora Abisirayeli akabakura mu Misiri, yarabahaye ubuyobozi butomoye ku bijanye n’ukuntu yashaka ko bamusenga. Irya kabiri muri ya mabwirizwa akunda kwitwa ngo Amabwirizwa cumi, rigira riti: “Ntukibāzire igishushanyo, cank’igisa n’ishusho y’ikintu na kimwe kiri hejuru mw ijuru, canke hasi kw isi, canke mu mazi yo mu biyaga; ntuz’uvyikubite imbere, ntuz’ubisabe, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nd’Imana ifuha.”—Kuvayo 20:4, 5.
Mu gihe nyene Imana yariko iraha Musa ayo mabwirizwa, Abisirayeli bariko barakora imasa y’inzahabu, bikaba biboneka ko bariko barigana ugusenga ibikoko kwagirwa n’Abanyamisiri. Ico gishushanyo ntibagihaye izina ry’ikimana co mu Misiri. Ahubwo bavuze ko bariko basenga Yehova. (Kuvayo 32:5, 6) None Imana yavyakiriye gute? Yararakiye cane abasenze ico kigirwamana, kandi Musa yaragisanganguye.—Kuvayo 32:9, 10, 19, 20.
Mu nyuma, Yehova Imana yaratanze ayandi makuru y’ido n’ido yiyongera kuri rya bwirizwa rya kabiri. Abicishije kuri Musa, yaribukije Abisirayeli yuko batari bakwiye kwihingurira “igishushanyo, [ba]gishushanije n’ishusho iy’ari yo yose, ar’igishushanijwe mu kigabo canke mu kigore, canke mu gikōko canke mu gitunzwe kiri kw isi ic’ari co cose, canke mu kiguruka mu kirere ic’ari co cose, ar’igishushanyo c’ikinyonyera kigendera hasi ic’ari co cose, canke c’ifi iy’ari yo yose yo mu mazi yo mu biyaga.” (Gusubira mu vyagezwe 4:15-18) Biragaragara rero ko Abisirayeli batari bakwiye gukoresha ikigirwamana c’ubwoko na bumwe mu gusenga Imana.
Naho ari ukwo, Abisirayeli bahavuye baja mu vyo gusenga ibigirwamana. Kugira ngo Yehova abakosore, yararungitse abahanuzi bababuriye ibijanye n’ibihano vyari bigiye kubashikira kubera ugusenga ibigirwamana kwabo. (Yeremiya 19:3-5; Amosi 2:8) Abisirayeli uko bagize ihanga barirengagije imburi zivuye ku Mana. Ku bw’ivyo, mu 607 B.G.C., Yehova yararetse Abanyababiloni barasangangura Yeruzalemu maze iryo hanga baritwara mu bunyagano.—2 Ngoma 36:20, 21; Yeremiya 25:11, 12.
Ni ibiki abakirisu bo mu kinjana ca mbere bemera?
Igihe abatari Abayuda bahindukirira ubukirisu mu kinjana ca mbere, ntibabandanije gukoresha ibigirwamana mu gusenga Imana. Ehe raba ivyo Demetiriyo, umucuzi w’ifeza yahingura ibigirwamana muri Efeso yavuze ku bijanye n’igikorwa co kwamamaza Paulo yarangura. Yagize ati: “Bagabo, murazi neza yuko iki gikorwa ari co dukesha ugutunganirwa kwacu. Vyongeye, murabona kandi murumva ingene uyo Paulo yumvishije isinzi ritari rito akongera akarikebereza ku kindi ciyumviro, atari i Efeso gusa ariko hafi mu ntara ya Aziya yose, akavuga yuko izakozwe n’amaboko atari imana.”—Ibikorwa 19:25, 26.
Amajambo Paulo ubwiwe yivugiye aremeza ico kirego ca Demetiriyo. Igihe yariko abwira Abagiriki baba i Atene, yavuze ati: “Ntidukwiye kwiyumvira yuko Imana imeze nk’inzahabu canke ifeza canke ibuye, nk’ikintu cahinguwe n’ubuhinga be n’ubwenge bw’umuntu. Ego ni ko, Imana yarirengagije ibihe vy’ukutamenya mwene ukwo, yamara ubu iriko ibwira abantu yuko bose aho bari hose bakwiye kwigaya.” (Ibikorwa 17:29, 30) Kuri ivyo nyene, Paulo yandikiye abakirisu b’i Tesalonika abakeza muri aya majambo agira ati: “Mwahindukiriye Imana [muheba] ibigirwamana vyanyu.”—1 Abanyatesalonika 1:9.
Si Paulo gusa, n’intumwa Yohani yaragabishije abakirisu ngo birinde gukoresha ibishushanyo mu gusenga kwabo. Mu mpera z’ikinjana ca mbere, Yohani yababwiye ashikamye ati: “Mwirinde ibigirwamana.”—1 Yohani 5:21.
Ivyabona vya Yehova baragamburuka ubuyobozi butomoye Imana itanga bwo kudakoresha ibishushanyo vy’ubwoko na bumwe igihe bayisenga. Baremera ivyo Yehova Imana avuga ati: “Jewe ndi [“Yehova,” NW], iryo ni ryo zina ryanje; icubahiro canje sinzogiha uwundi, n’ishimwe ryanje sinzoriha ibigirwamana vy’ibibāzano.”—Yesaya 42:8.
[Akajambo k’epfo]
a Ingoro z’Ubwami zimwezimwe usanga zirimwo ibicapo vy’abantu bavugwa muri Bibiliya. Ariko rero, ayo mafoto akoreshwa ku bwo gushariza gusa, ntakoreshwa mu vyo gusenga nka kurya kw’udushusho two mu madini. Ivyabona vya Yehova ntibasenga ivyo bicapo, eka mbere ntibavyikubita imbere.
[Iciyumviro nyamukuru/Ifoto ku rup. 31]
“Jewe ndi [“Yehova,” NW], iryo ni ryo zina ryanje; icubahiro canje sinzogiha uwundi, n’ishimwe ryanje sinzoriha ibigirwamana vy’ibibāzano.”—Yesaya 42:8