ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/10 rup. 9
  • Ukuri kurashobora guhindura ubuzima bwawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuri kurashobora guhindura ubuzima bwawe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Vyoba bigikenewe ko tumenya ukuri?
    Ibindi biganiro
  • Abakirisu Basenga mu Mpwemu no mu Kuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ni igiki kizogufasha gutahura Bibiliya?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ugusenga Imana mu Kuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/10 rup. 9

Ukuri kurashobora guhindura ubuzima bwawe

USHOBORA kuba warumvise canke warigishijwe kimwe muri ivyo binyoma vyerekeye Imana vyashizwe ku kabarore muri ibi biganiro bikurikirana. Naho ari ukwo, woshobora kugonanwa guhindura ivyo wemera, na canecane nimba umaze igihe kirekire uvyemera.

Ukwo kugonanwa kurumvikana. Amadini amwamwe arabuza abantu kugereranya inyigisho zayo n’ivyo Bibiliya ivuga. Ayandi aragerageza kuburanira inyigisho zayo z’ikinyoma mu kuvuga yuko Bibiliya igoye, ko atari uwo ari we wese ashobora kuyitahura. Yamara, benshi mu bigishwa ba Yezu bari abantu basanzwe, batize amashure ahanitse, mugabo baratahura ivyo yigisha.​—Ivyakozwe 4:13.

Woshobora kandi kureka gusuzuma ivyo wemera utinya yuko kubigira vyokwerekana ko utagira ukwizera. Ariko none, wiyumvira yuko Imana yogushavurira ngo ni uko uravye muri Bibiliya, ino ikaba irimwo ubutumwa yashikirije abantu, kugira ngo utahure ivyo Imana igusaba? Ahubwo nyabuna Ijambo ryaryo rikuremesha kwisuzumira Ivyanditswe, riti: “Mwiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.”​—Abaroma 12:2.

Birahambaye ko umenya ukuri kwerekeye Imana, atari kugira gusa ngo wimenyere ibintu bishasha, mugabo kubera ko bishobora gutuma ubuzima bwawe burushiriza kumera neza. (Yohani 8:32) Deanne, umwe twavuga mu kiganiro gitangura, asigaye yizera Ijambo ry’Imana. Yigana ati: “Nagiye gutahura ko Ivyanditswe vyumvikana cane aho ntanguriye kwiga Bibiliya. Ubu ndazi ko Yehova atari Imana itagira kamere ariko ko ari Dawe wo mw’ijuru munyarukundo. Ubuzima bwanje busigaye bufise intumbero koko.”

Kumbure watanguye kwiga Bibiliya utabona yuko bikugirira akamaro. Nimba ari ukwo biri, ntutane n’akabando. Kugerageza gutahura Bibiliya igihe wigishijwe ibinyoma ku vyerekeye Imana, bimeze nko kugerageza guteranya ivyuma vy’imashini wisunze igitabu kitari icayo. Woshobora guteranya ivyuma bimwebimwe vy’iyo mashini mugabo ugaca uhagarika kubera yuko udashobora guteranya ivyuma bisigaye. Ariko rero, ukoresheje igitabu c’iyo mashini urashobora guteranya neza ivyuma vyayo.

Woba wipfuza kumenya ukuri kwerekeye Imana? Turagusavye witure Ivyabona vya Yehova bo ng’aho iwanyu canke wandike ukoresheje aderese ibereye mu ziri ku rupapuro rwa 4 rw’iki kinyamakuru kugira ngo bagufashe kwiga Bibiliya ku muhana iwawe ata co barinze kugusaba.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 9]

“Mwiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.”​—ROMANS 12:2

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika