ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/1 rup. 13-17
  • “Abafise agatima kabereye” bariko barakira neza inkuru nziza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Abafise agatima kabereye” bariko barakira neza inkuru nziza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwamamaze utagira nkunzi
  • Imihezagiro abamamaza ‘badatezura’ biteze
  • Igikoresho ngirakamaro gifasha kwiga Bibiliya
  • ‘Ntiduhebe gukora iciza’
  • Uravye ingene yari ameze kera n’ingene ameze ubu, yararonse ububasha bwo guhinduka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • ‘Barazana inkuru nziza z’ivyiza’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • “Ugume uri maso ku busuku wemeye mu Mukama”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Tumenyeshe Inkuru Nziza Tubishashaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/1 rup. 13-17

“Abafise agatima kabereye” bariko barakira neza inkuru nziza

“Abo bose bari bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera bacika abemera”.​—IBIK. 13:48.

1, 2. Abakirisu bo mu ntango bitabiriye gute ubuhanuzi bwa Yezu buvuga yuko inkuru nziza yokwamamajwe mw’isi yose?

IGITABU ca Bibiliya c’Ibikorwa kirimwo inkuru iteye akamwemwe yigana ingene abakirisu bo mu ntango bitabiriye ubuhanuzi bwa Yezu, ubuvuga yuko inkuru nziza y’Ubwami yokwamamajwe mw’isi yose (Mat. 24:14). Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, abo bamamaji b’abanyamwete baraciriye inzira abo bose bobiganye. Kuba abigishwa ba Yezu b’i Yeruzalemu barashinze intahe babigiranye umwete vyatumye abantu ibihumbi, harimwo n’“isinzi rinini ry’abaherezi” basidukanye n’iyonka baza mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere.​—Ibik. 2:41; 4:4; 6:7.

2 Abamisiyonari bo mu ntango barafashije n’abandi benshi baraba abakirisu. Nk’akarorero, Filipo yaragiye i Samariya, aho amasinzi yateze yompi ivyo yavuga (Ibik. 8:5-8). Paulo yaragize ingendo ahantu henshi ari kumwe na bagenziwe batandukanye, aramamaza ubutumwa bwa gikirisu muri Shipure, mu turere twa Aziya Ntoya, muri Makedoniya, mu Bugiriki no mu Butaliyano. Mu bisagara yamamajemwo, Abayuda n’Abagiriki indiri n’indiri baracitse abemera (Ibik. 14:1; 16:5; 17:4). Tito yaranguriye ubusuku i Kirete (Tito 1:5). Petero na we yariko akorera cane i Babiloni yivuye inyuma, kandi igihe yandika ikete ryiwe rya mbere, nko mu 62-64 G.C., ico gikorwa abakirisu bariko bararangura cari kizwi cane i Ponto, i Galatiya, i Kapadokiya, muri Aziya no muri Bitiniya (1 Pet. 1:1; 5:13). Ese ukuntu ivyo vyari ibihe biteye akamwemwe! Emwe, abamamaji bo mu kinjana ca mbere bari abanyamwete ku buryo n’abansi babo bavuga yuko ngo bari “batembagaje isi”!​—Ibik. 17:6; 28:22.

3. Ni ivyiza ibihe abamamaji b’Ubwami bariko barironkera mu bikorwa bijanye n’ukwamamaza barangura, kandi ivyo bituma wumva umerewe gute?

3 No mu bihe vya none, ishengero rya gikirisu ryaragize iterambere ryibonekeza. Ntiwumva uremeshejwe igihe usomye raporo y’umwaka y’Ivyabona vya Yehova maze ukibonera ivyiza turiko turironkera hirya no hino kw’isi? Ntuhimbarwa no kumenya ko abamamaji b’Ubwami bayoboye inyigisho za Bibiliya zirenga imiliyoni zitandatu mu mwaka w’umurimo wa 2007? Vyongeye, nk’abantu imiliyoni cumi bitavye Icibutso c’urupfu rwa Yezu Kristu mu mwaka uheze, abo bakaba batari Ivyabona vya Yehova, barashimishijwe n’inkuru nziza bimwe bihagije kugira ngo bitabe urwo rubanza ruhambaye. Ivyo vyerekana ko tugifise vyinshi vyo gukora.

4. Ni bande bariko barakira neza ubutumwa bw’Ubwami?

4 Muri iki gihe, cokimwe no mu kinjana ca mbere, “abo bose . . . bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera” bariko barakira neza ubutumwa bwerekeye ukuri (Ibik. 13:48). Yehova ariko aratuma mwene abo bantu baza mw’ishirahamwe ryiwe (Soma Hagayi 2:7.). Ni agatima akahe dukwiye kuguma tugaragaza ku bijanye n’ubusuku bwa gikirisu kugira ngo tugire uruhara bimwe bishitse muri ico gikorwa co gutororokanya abo bantu?

Niwamamaze utagira nkunzi

5. Ni abantu bameze gute Yehova atonesha?

5 Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baratahuye yuko “Imana itagira nkunzi, mugabo [ko] mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi [imwemera]” (Ibik. 10:34, 35). Umuntu ategerezwa kwizera inkuka y’incungu ya Yezu niba yipfuza kugiriranira ubucuti bwiza na Yehova (Yoh. 3:16, 36). Kandi Yehova agomba yuko “abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri”.​—1 Tim. 2:3, 4.

6. Ni igiki abamamaji b’Ubwami bategerezwa kwirinda gukora, kandi kubera iki?

6 Vyoba ari bibi abamamaji b’inkuru nziza bihutiye gucira abantu urubanza bafatiye ku bwoko bwabo, ku kibanza bafise mu kibano, ku kuntu baboneka, kw’idini barimwo canke ku kindi kintu cose kibaranga. Zirikana gatoyi: Ntukenguruka cane kubona umuntu yatanguye kukubwira ivyerekeye ukuri kwo mu Vyanditswe atigeze akwinuba? Ni kubera iki none woreka kubwira uwo wese yokwumviriza ubutumwa bushoboye kurokora ubuzima?​—Soma Matayo 7:12.

7. Ni kubera iki dutegerezwa kwirinda gucira urubanza abo tubwira inkuru nziza?

7 Yehova yaragenye Yezu ngo abe Umucamanza, akaba ari co gituma ata burenganzira bwo gucira urubanza umuntu n’umwe dufise. Ivyo birabereye kubera yuko tutameze nka Yezu; twebwe turashobora gucira abandi urubanza dufatiye gusa “ku bipfa kubonekera amaso [yacu]” canke “ku vyo [du]pfa kwumvisha amatwi” yacu, magingo Yezu we ashobora gusoma ivyiyumviro vy’ibwina mu mutima.​—Yes. 11:1-5; 2 Tim. 4:1.

8, 9. (a) Sauli yari umuntu ameze gute imbere y’uko aba umukirisu? (b) Ni igiki dukwiye kwigira ku vyashikiye intumwa Paulo?

8 Abantu bava mu mice nka yose y’ubuzima barabaye abasavyi ba Yehova. Akarorero kamwe kibonekeje ni akerekeye Sauli w’i Taruso, uwahavuye yitwa intumwa Paulo. Sauli yari Umufarizayo yarwanya abakirisu bimwe bibi. Kubera yari yarajijutse aherejeko yuko ngo abo bakirisu batari abasenga b’ukuri, ni co gituma yahama ishengero rya gikirisu (Gal. 1:13). Ufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, Sauli ategerezwa kuba yasa n’umwe mu bantu bitoshobotse na gato ko bacika abakirisu. Yamara, Yezu yarabonye iciza mu mutima wa Sauli maze aramucagura kugira ngo arangure igikorwa kidasanzwe. Ivyo vyatumye Sauli aba umwe mu bari bagize ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere bakorana umwete mwinshi rwose.

9 Ni igiki twigira ku vyashikiye intumwa Paulo? Mu cibare cacu, kumbure hoba hari imigwi y’abantu isa n’iyiterekwa ubutumwa dushikiriza. Naho vyosa n’ibiri kure nk’ukwezi kwiyumvira yuko hari n’umwe muri abo bantu azohava acika umukirisu, ntidukwiye kureka kugerageza kuzirikana na bo. N’abantu mbere twokwiyumvira yuko batoshobora na gato gushimishwa n’ubutumwa dushikiriza usanga rimwe na rimwe babwakira neza. Twashinzwe igikorwa co kuguma tubwira abantu bose inkuru nziza ‘tudatezura’.​—Soma Ibikorwa 5:42.

Imihezagiro abamamaza ‘badatezura’ biteze

10. Ni kubera iki tudakwiye kureka kubwira inkuru nziza abantu basa n’abatinyitse? Vuga ivyabonywe aho iwanyu.

10 Turashobora guhendwa n’ivyo tubona. Nk’akarorero, hari uwitwa Ignacioa yatanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova igihe yari apfungiwe mu gihugu kimwe co muri Amerika y’Epfo. Abantu baramutinya kubera yuko yari inkazi. Ivyo vyatuma abo mw’ibohero yarimwo bahingura utuntu bakongera bakatugurisha ku banyororo bagenzi babo, bakoresha Ignacio mu kwishuza abateba kwishura. Ariko rero, uko Ignacio yagenda aratera imbere mu vy’impwemu akongera agashira mu ngiro ivyo yaba ariko ariga, uwo yahoze ari inkazi kandi ahahaza abandi, yahavuye acika umuntu w’umutima mwiza. Nta n’umwe agikoresha Ignacio mu kwishuza abamuheraniye; ubu wewe arahimbarwa n’uko ukuri kwo muri Bibiliya be n’impwemu y’Imana vyahinduye kamere yahorana. Arakenguruka kandi kubona abamamaji b’Ubwami bigoye bakigana na we bari abantu bitwararika ivyiyumviro vy’abandi.

11. Ni kubera iki tuguma dusubira kugendera abantu?

11 Kimwe mu bintu bituma tuguma tugendera abantu tuba tumaze kubwira inkuru nziza ni uko ivyabo be n’ukuntu babona ibintu bishobora guhinduka kandi koko birahinduka. Hari aho abantu bamwebamwe duheruka kugendera boba mu nyuma bararwaye bikomeye, barirukanywe ku kazi canke bakaba barabuze uwabo (Soma Umusiguzi 9:11.). Ibiba mw’isi vyoshobora gutuma abantu bazirikana ata gufyina ku bijanye na kazoza kabo. Mwene ivyo bintu birashobora gutuma umuntu yoba yahora atanegwa inkuru nziza canke mbere ayirwanya, ayakira neza. Ku bw’ivyo rero, ntidukwiye kureka kubwira abandi inkuru nziza igihe cose habonetse akaryo kabereye.

12. Dukwiye kubona gute abantu tubwira inkuru nziza, kandi kubera iki?

12 Kuvangura abandi canke kubacira urubanza usanga ari impengamiro abantu basanganywe. Yehova wewe abona abantu umwumwe wese ukwiwe. Arabona iciza gishobora kuva mu muntu uwo ari we wese (Soma 1 Samweli 16:7.). Turakwiye kwihatira kubigenza gutyo mu busuku turangura. Hariho ivyabonywe vyinshi vyerekana iciza kiva ku kubona ibintu mu buryo bubereye ku bijanye n’abo bose tubwira inkuru nziza.

13, 14. (a) Ni kubera iki umutsimvyi umwe yavyifashemwo mu buryo butari bwo igihe yahura n’umukenyezi umwe mu busuku? (b) Ni igiki dushobora kwigira kuri ico cabonywe?

13 Hari umuvukanyikazi w’umutsimvyi umwe yitwa Sandra yari mu busuku bw’inzu ku nzu mw’izinga rimwe ryo muri Karayibe igihe yahura n’uwitwa Ruth, uno akaba yaragira uruhara cane mu birori bimwe vyo kwidagadura (ivyo bita carnaval) bigirwa muri iryo zinga. Ruth yari amaze kwitirirwa umwamikazi w’ivyo birori muri iryo zinga ryose incuro zibiri. Yarashimishijwe mu buryo budasanzwe n’ivyo Sandra yariko amubwira ku buryo baciye batunganya kwigana Bibiliya. Sandra aravuga ivyo yibuka ati: “Igihe nashika muri salo, nasanganiwe n’urufoto amahero rwa Ruth yisakaye ibihuzu vyambarwa mu gihe c’ivyo birori hamwe n’udushimwe yari yaratsindiye. Narihenze mu kwibwira yuko umuntu yari rurangiranwa gutyo kandi yagira uruhara ukuraho muri ivyo birori, atoshimishijwe n’ukuri. Ku bw’ivyo, narahagaritse ivyo gusubira kumugendera”.

14 Haciye igihe, Ruth yaraje ku Ngoro y’Ubwami, maze ikoraniro rirangiye aca abaza Sandra ati: “Kubera iki wahevye kuza kunyigisha?”. Sandra yarasavye imbabazi maze baca batunganya gusubira kwiga. Ruth yarateye imbere ningoga, aramanura amafoto yiwe ajanye na vya birori, aratangura kugira uruhara mu bikorwa vyose vy’ishengero, maze aregurira ubuzima bwiwe Yehova. Emwe, Sandra yahavuye atahura yuko yari yabanje kuvyifatamwo nabi.

15, 16. (a) Vyagenze gute igihe umwamamaji umwe yabwira inkuru nziza incuti yiwe? (b) Ni kubera iki ibijanye na kahise k’incuti yacu bidakwiye kuduca intege ngo tureke kuyibwira inkuru nziza?

15 Hariho kandi ivyiza abenshi babwiye inkuru nziza abo mu miryango yabo batizera bironkeye, n’igihe nyene vyasa n’ibitashoboka ko abo bantu bokwakiriye neza inkuru nziza. Fata nk’akarorero ivyerekeye umuvukanyikazi wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yitwa Joyce. Muramuwe, kuva mu buyabaga bwiwe yama yapfunzwe yongera apfungurwa. Joyce yigana ati: “Abantu bavuga yuko ubuzima bwiwe ata co bwari bumaze kubera ko yafata ibiyayuramutwe, akiba, agakora n’ibindi bibi umuyoro. Naho vyari ukwo, nagumye ndamubwira ukuri kwo muri Bibiliya mu kiringo c’imyaka 37, kandi hari iciza vyavuyemwo”. Utwigoro yagiranye ukwihangana kugira ngo afashe iyo ncuti yiwe twarahezagiwe cane igihe amaherezo uwo muntu yatangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova kandi akagira amahinduka akomeye mu buzima bwiwe. Uwo muramu wa Joyce aherutse kubatizwa afise imyaka 50 kw’ihwaniro ry’intara rimwe ryabereye i Kaliforoniya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Joyce avuga ati: “Nararize kubera umunezero. Ndahimbawe cane n’ukuba ntigeze ndamuheba!”.

16 Hari aho wotinya kubwira bamwebamwe mu ncuti zawe ukuri kwo muri Bibiliya kubera kahise kabo. Yamara rero, ivyo ntivyabujije Joyce kuganiriza muramuwe. Ariko none, woshobora gute kumenya ibiri mu mutima w’uwundi muntu? Hari aho uwo muntu yoba ariko arondera ata gufyina ukuri kwerekeye Imana. Ku bw’ivyo rero, ntureke kumuronsa akaryo ko kumenya ukwo kuri.​—Soma Imigani 3:27.

Igikoresho ngirakamaro gifasha kwiga Bibiliya

17, 18. (a) Raporo ziva hirya no hino kw’isi zivuga iki ku bijanye n’agaciro ka ca gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? (b) Ni ibintu bishimishije ibihe wiboneye igihe wariko urakoresha ico gitabu?

17 Raporo ziva mu bihugu vyo hirya no hino kw’isi zerekana yuko abantu benshi b’umutima nziraburyarya bariko barakira neza ca gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? gifasha kwiga Bibiliya. Umuvukanyikazi umwe w’umutsimvyi wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yitwa Penni yaratanguye kuyobora inyigisho zitari nke akoresheje ico gitabu. Zibiri muri izo zari iz’abantu bahumuye bari bafise ishaka ryinshi mu madini yabo. Penni ntiyari azi neza ukuntu abo bantu bokwakiriye ukuri kwo mu Vyanditswe gushikirizwa muri ico gitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Ariko yandika ati: “Kubera yuko amayagwa ashikirizwa mu buryo butomoye, bwumvikana kandi burashe, ntivyabagoye kwemera yuko ivyo bariko bariga ari ukuri, babigira ata guhigimanga kandi ata mutima usimba”.

18 Umwamamaji umwe wo mu Bwongereza yitwa Pat yaratanguye kwigana Bibiliya n’umugore umwe w’impunzi yari yaje ava mu gihugu co muri Aziya. Uwo mugore yari yabwirijwe guhunga igihugu ciwe kubera ko umugabo wiwe be n’abahungu biwe bari batwawe n’abasoda b’abarwanyi, ntiyasubira kubakubita n’iryahumwe. Ubuzima bwiwe bwari bwarageramiwe kenshi, inzu yiwe iraturirwa yongera arasambanywa ku nguvu n’abantu benshi bakurakuranwa. Ivyo vyose vyatumye yumva ko ata co yari akibereyeho, kandi yari yariyumviriye incuro n’izindi kwiyahura. Ariko rero, iyo nyigisho ya Bibiliya yaratumye agira icizigiro. Pat yandika ati: “Kuba ico gitabu Ivyo Bibiliya yigisha gisigura ibintu mu buryo bworoshe kandi kikaba kirimwo ibigereranyo vyoroshe gutahura, vyaragize ikintu kinini bikoze kuri we”. Uwo mutohoji yarateye imbere ningoga, arakwiza ibisabwa vyo kuba umwamamaji atarabatizwa, mu nyuma araserura ko yipfuza kubatizwa kw’iteraniro ryokurikiye. Ese ukuntu biteye akanyamuneza gufasha abantu b’umutima nziraburyarya gutahura no gukenguruka icizigiro Ivyanditswe bitanga!

‘Ntiduhebe gukora iciza’

19. Ni kubera iki igikorwa co kwamamaza cihutirwa cane?

19 Uko umusi urengana, ni ko igikorwa twashinzwe co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa kirushiriza kuba icihutirwa. Abantu ibihumbi bafise agatima kabereye baritabira igikorwa turangura uko umwaka utashe. Yamara, “umusi uhambaye [“wa Yehova”, NW] uri hafi”, ivyo na vyo bikaba bisobanura yuko abari mu mwiza wo mu vy’impwemu bariko “bagenda [“badandagirana baja”, NW] gutikizwa”.​—Zef. 1:14; Imig. 24:11.

20. Umwumwe wese muri twebwe akwiye kwiyemeza gukora iki?

20 Biracashoboka ko dufasha mwene abo bantu. Ariko, kugira ngo tubafashe, birahambaye cane ko twigana abakirisu bo mu kinjana ca mbere, “ababandanya badatezura kwigisha no kumenyesha inkuru nziza yerekeye Kristu, ari we Yezu” (Ibik. 5:42). Niwigane akarorero kabo mu kwumira kw’ibanga no mu bihe bigoye, mu kwitwararika ‘ubuhanga bwawe bwo kwigisha’ no mu kubwira inkuru nziza abantu bose utagira nkunzi. ‘Ntiduhebe gukora iciza’, kubera ko nitwashishikara kubigenza gutyo, tuzokwimbura imihezagiro agasenga iva ku gutoneshwa n’Imana.​—2 Tim. 4:2; soma Abagalatiya 6:9.

[Akajambo k’epfo]

a Bamwebamwe si ko bitwa.

Wokwishura gute?

• Ni bande bariko barakira neza inkuru nziza?

• Ni kubera iki dukwiye kwirinda kwihutira gucira urubanza abo tubwira inkuru nziza?

• Ni ivyiza ibihe turiko turaronka biciye kuri ca gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

[Ifoto ku rup. 13]

Abantu ibihumbi b’umutima nziraburyarya bariko barakira neza inkuru nziza

[Ifoto ku rup. 15]

Ni igiki dushobora kwigira ku mahinduka intumwa Paulo yagize?

[Ifoto ku rup. 16]

Abamamaji b’inkuru nziza ntibihutira gucira abantu urubanza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika