ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 79
  • Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima wawe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima wawe?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ubwami bw’Imana
    Be maso!—2013
  • Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima wawe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 79
Ishusho y’umubiri w’umuntu, ahantu ata bwami nya bwami bwoshobora kuba

Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima wawe?

Inyishu Bibiliya itanga

Oya, Ubwami bw’Imana ntiburi mu mutima w’umukirisu.a Bibiliya irerekana neza aho buri mu kubwita “ubgami bgo mw ijuru.” (Matayo 4:​17, Bibiliya Yera) Rimbura ingene Bibiliya yerekana ko ubwo bwami ari intwaro nyakuri iganza iri mw’ijuru.

  • Ubwami bw’Imana burafise abatware, abatwarwa, amategeko, n’umugambi wo gutuma ivyo Imana igomba bikorwa mw’ijuru no kw’isi.​—Matayo 6:​10; Ivyahishuwe 5:​10.

  • Intwaro y’Imana ari bwo Bwami bwayo, izoganza “ibisata vy’abantu, imiryango y’amahanga n’indimi” zose zo kw’isi. (Daniyeli 7:​13, 14) Ubutegetsi bwayo ntibuva ku banyagihugu, ahubwo buva ku Mana ubwayo.​—Zaburi 2:​4-6; Yesaya 9:7.

  • Yezu yabwiye intumwa ziwe z’intahemuka ko bomusanze mu Bwami bwo mw’ijuru, ‘bakicara ku ntebe z’ubwami.’​—Luka 22:28, 30.

  • Ubwo Bwami burafise abansi, bukaba buzobahonya.​—Zaburi 2:​1, 2, 8, 9; 110:​1, 2; 1 Abakorinto 15:25, 26.

Bibiliya ntiyigisha ko Ubwami bwo mw’ijuru buri mu mutima wawe nk’aho bwoba buganza buri mu mutima w’umuntu. Ariko rero, irerekana ko “ijambo ry’ubwami” canke “inkuru nziza y’ubwami” bishobora kandi bikwiye kugira ico bikoze ku mitima yacu.​—Matayo 13:19; 24:14.

Amajambo ngo “ubgami bg’Imana buri muri mwebge” asobanura iki?

Ukuntu Bibiliya zimwezimwe zihindura amajambo ari muri Luka 17:21 kwatumye bamwebamwe bazazanirwa ku bijanye n’aho Ubwami bw’Imana buri. Nk’akarorero, Bibiliya Yera ivuga ngo “ubgami bg’Imana buri muri mwebge.” Kugira dutahure uwo murongo neza, dutegerezwa kwihweza uko ibintu vyari vyifashe igihe ayo majambo yavugwa.

Bamwe mu bakuru b’idini barwanya Yezu

Ubwami bw’Imana ntibwari mu mitima y’abansi ba Yezu b’intagondwa kandi b’abicanyi

Yezu yariko avugana n’Abafarizayo, ukaba wari umugwi w’abakuru b’idini bamurwanya kandi bagize uruhara mu mugambi wo kumwicisha. (Matayo 12:14; Luka 17:20) Wumva vyoba vyumvikana kwiyumvira yuko ubwo Bami bwari mu mitima yabo idadaraye? Yezu yababwiye ati: “Imbere mwuzuye ubwiyorobetsi n’ubugarariji.”​—Matayo 23:27, 28.

Izindi Bibiliya ziratomora neza amajambo ya Yezu dusanga muri Luka 17:21, ziti: “Ubwami bw’Imana buri kumwe namwe ng’aha.” (Ni twe dushimitse; Contemporary English Version) “Ubwami bw’Imana buri hagati yanyu.” (Bibiliya y’isi nshasha) Ubwami bwo mw’ijuru bwari “kumwe” n’Abafarizayo canke “hagati” yabo kubera yuko Yezu uwo Imana yatoye ngo azobe Umwami, yari imbere yabo.​—Luka 1:​32, 33.

a Amadini menshi y’abitwa abakirisu yigisha ko Ubwami bw’Imana buri mu muntu, canke mu mutima wiwe. Nk’akarorero, igitabu kimwe c’abagatolika (The Catholic Encyclopedia) kivuga giti: “Ubwami bw’Imana busigura . . . uburyo Imana itegeka mu mitima yacu.” Mu gitabu ciwe citwa Yezu w’i Nazareti, Papa Benedigito wa 16 na we yavuze ko “Ubwami bw’Imana buza biciye ku mutima ugamburuka.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika