Ingeso mbi
Umukirisu akwiye kwirinda ingeso mbi izihe?
Akaborerwe; kunywa birenze
Img 20:1; 23:20, 29-35; 1Kr 5:11; 6:9, 10
Raba kandi Ef 5:18; 1Tm 3:8; Tt 2:3; 1Pt 4:3
Raba kandi «Kunywa inzoga»
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 9:20-25—Nowa yaraborewe, bituma Hamu n’umuhungu wiwe Kanani bakora igicumuro gikomeye
Dn 5:1-6, 30—Umwami Belushazari kamaze kumushika yaratutse Yehova, yikwegera ivyago we n’ubwami bwiwe
Amacakubiri; kuzana akagwi k’idini
Amajambo ateye isoni canke ibijajuro biteye isoni
Amashusho y’ibiterasoni
Raba «Amashusho y’ibiterasoni»
Amatati
Raba «Amatati; amahane»
Gucokorana
Raba kandi Img 17:5; 22:10; 2Pt 3:3, 4
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
2Ng 36:15-21—Abasavyi b’Imana b’abagarariji bariboneyeko kubera ko bacokoye intumwa zayo, bashinyagurira abahanuzi bayo
Yb 12:4; 17:2; 21:3; 34:7—Umugororotsi Yobu yaracokowe igihe yari mu bigeragezo bitoroshe
Guhiganwa
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Mr 9:33-37; 10:35-45—Yezu yarakosoye intumwa ziwe incuro n’izindi kubera agatima zari zifise ko guhiganirwa ibibanza vy’imbere
3Yh 9, 10—Diyotirefe yarakunda «kwishira imbere» mu bavukanyi
Gukoresha nabi amaraso
It 9:4; Gus 12:16, 23; Ivk 15:28, 29
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
1Sm 14:32-34 —Abisirayeli baracumuye kuri Yehova mu kurya inyama zitakuwemwo amaraso neza
Gusenga ibigirwamana
Raba «Gusenga ibigirwamana»
Gusigana inkore ku maso
Yb 32:21, 22; Zb 5:9; 12:2, 3; Img 26:24-28; 29:5
Raba kandi Img 28:23; 1Ts 2:3-6
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Lk 18:18, 19—Yezu yaranse guhabwa izina ry’icubahiro atabereye
Ivk 12:21-23—Umwami Herodi Agiripa yaremeye kwitwa imana maze Yehova aramuhana arapfa
Gutanga canke kwakira igiturire
Kv 23:8; Zb 26:9, 10; Img 17:23
Raba kandi Gus 10:17; 16:19; Zb 15:1, 5
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Sm 8:1-5—Abahungu b’umuhanuzi Samweli, aho kwigana akarorero keza ka se, bararya igiturire bakagoreka imanza
Neh 6:10-13—Shemaya yarahawe amahera n’abansi b’abasavyi b’Imana kugira avuge ubuhanuzi bw’ikinyoma, mu ntumbero yo gutera ubwoba buramatari Nehemiya ngo igikorwa ca Yehova ntigitere imbere
Gutera ubwoba
Raba kandi Zb 10:4, 7; 73:3, 8
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
Ivk 4:15-21—Inama nkuru y’Abayuda yarateye ubwoba abigishwa ba Yezu kugira bahagarike igikorwa co kwamamaza inkuru nziza
Gutukana
Mt 5:22; 1Kr 6:9, 10; Ef 4:31
Raba kandi Kv 22:28; Ums 10:20; Yud 8
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
2Sm 16:5-8; 1Bm 2:8, 9, 44, 46—Shimeyi yaratutse umwami Yehova yarobanuje amavuta kandi yarabihaniwe
Inyifato iteye isoni kandi y’akagagazo; ubuhumane; ubusambanyi; kurenga ibigo
Raba «Ubusambanyi»
Kubesha; kurenga ku masezerano
Raba «Kubesha»
Kubesha; kwambika ibara abandi
Raba «Kubesha»
Kunyaga; ubwambuzi
Zb 62:10; 1Kr 5:10, 11; 6:9, 10
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Yr 22:11-17—Yehova yaraciriye urubanza umwami Shalumu (Yehowahazi) kubera ko yanyaga abandi, agakora n’ibindi bicumuro bikomeye
Lk 19:2, 8—Umukuru w’abatozakori yitwa Zakayo yarigaye igicumuro co kunyaga abandi, asezerana gusubiza ivyo yanyaze
Ivk 24:26, 27—Intumwa Pawulo ntiyahaye buramatari Felisi igiturire yari yiteze
Kurwana; ububisha; ubukozi bw’ikibi
Raba kandi 1Tm 3:2, 3; Tt 1:7
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
Kv 21:22-27—Amategeko ya Musa yarahana abagabo barwana hakagira uwukomereka canke uwupfa
Kwiba
Raba «Kwiba»
Kwidagadura birenze
Rm 13:13; Gl 5:19, 21; 1Pt 4:3
Raba kandi Img 20:1; 1Kr 10:31
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
Dn 5:1-4, 30—Igihe umwami Belushazari yari ku «nzimano idasanzwe» yari yateguye, yaranyoye ararenza maze asuzugura Yehova, bimukwegera akarambaraye
Kwidodomba; kwidoga
Raba kandi Gh 11:1
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Gh 14:1-11, 26-30—Abisirayeli baridogeye Musa na Aroni ariko Yehova yabonye ko ari we bidogeye
Yoh 6:41-69—Abayuda baridogeye Yezu, bamwe mu bigishwa biwe bareka kumukurikira
Kwiyemera
Raba «Kwiyemera»
Ubukunzi bw’inda
Raba kandi Lk 21:34, 35
Ubwicanyi
Raba kandi Mt 5:21, 22; Mr 7:21
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 4:4-16—Kayini yarishe mwenewabo, wa mugororotsi Abeli, naho Yehova yari yamuhanuye abigiranye urukundo
1Bm 21:1-26; 2Bm 9:26—Umwina watumye wa mwami mubi Ahabu n’umwamikazi Yezebeli bicisha Naboti n’abahungu biwe
Urusaku; kwita mu bitaturaba
Img 25:23; 1Ts 4:11; 2Ts 3:11; 1Pt 4:15
Raba kandi Img 20:19; 1Tm 5:13