ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 35:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Nuko mu gihe Isirayeli yari acumbitse+ muri ico gihugu, igihe kimwe Rubeni aragenda aryamana na Biluha incoreke ya se wiwe, maze Isirayeli aravyumva+.

      Abahungu ba Yakobo rero bari cumi na babiri.

  • Itanguriro 37:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Maze Rubeni abandanya kubabwira ati: “Ntimuvishe amaraso+. Nimumujugunyire muri iki cobo c’amazi kiri mu gahinga, kandi ntimushire ukuboko kw’inkazi kuri we+.” Intumbero yiwe yari iyo kumurokora mu kuboko kwabo kugira amusubize kwa se.

  • Itanguriro 49:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 “Rubeni, uri imfura yanje+, ingoga zanje n’ubuzibūra bwanje*+, agahebuza mw’iteka n’agahebuza mu nkomezi.

  • Kuvayo 6:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Aba ni bo bakuru b’inzu ya ba se: Bene Rubeni imfura ya Isirayeli+ bari Hanoki na Palu, Hezironi na Karumi+. Iyo ni yo miryango ya Rubeni+.

  • 1 Ngoma 5:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Bene Rubeni+ imfura ya Isirayeli—kuko yari imfura+; mugabo kubera yuko yahumanije uburiri bwa se+, uburenganzira bwiwe bw’imfura bwahawe bene Yozefu+ umuhungu wa Isirayeli, ku buryo atari kwandikwa hakurikijwe amamuko, ku bijanye n’uburenganzira bw’imfura.

  • Ivyahishuwe 7:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Mu muryango wa Yuda+, ni ibihumbi cumi na bibiri badomweko ikidodo;

      mu muryango wa Rubeni+, ibihumbi cumi na bibiri;

      mu muryango wa Gadi+, ibihumbi cumi na bibiri;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika