3Hanyuma Musa aba umwungere w’umukuku wa Yetiro+, umuherezi wa Midiyani, uwo yari abereye umukwe+. Igihe yari ashoreye umukuku ku ruhande rw’uburengero bw’agahinga, yaratevye ashika ku musozi w’Imana y’ukuri+, i Horebu+.
16 Ubuninahazwa bwa Yehova+ bubandanya kuba ku musozi Sinayi+, ca gicu na co kibandanya kuwupfuka kumara imisi itandatu. Amaherezo ku musi ugira indwi, ahamagarira Musa hagati muri nya gicu+.