Yesaya 53:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Twese twarayerereye nk’intama+; twarahindukiye umwe wese agana inzira yiwe bwite; Yehova ubwiwe yatumye ikosa ryacu twese rihura n’uyo+. Mariko 10:45 Bibiliya y’isi nshasha 45 Kuko mbere n’Umwana w’umuntu yaje, atari kugira akorerwe+, ariko kugira akorere abandi, no kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu*+ ya benshi+.” Abaheburayo 2:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 mugabo tubona Yezu, uwagizwe uwuri munsi gatoyi y’abamarayika+, yambitswe urugori rw’ubuninahazwa+ n’iteka ku bwo kuba yarashikiwe n’urupfu+, kugira ngo biciye ku buntu ata wari abukwiriye bw’Imana, ahonjereze urupfu umuntu wese+. Abaheburayo 9:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 mugabo mu gihimba kigira kabiri umuherezi mukuru ni we wenyene yinjirayo rimwe mu mwaka+, atibagiye amaraso+, ayo ashikana ku bwiwe+ no ku bw’ibicumuro abantu bakoze ku kutamenya+. Abaheburayo 9:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 yarinjiye, mugabo atinjiranye amaraso+ y’impene n’ay’ibimasa, ahubwo yinjiranye amaraso yiwe bwite+, rimwe rizima, ahantu heranda, hanyuma aronka ukurokorwa kwacu kw’ibihe bidahera+. 1 Yohani 2:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Kandi uyo ni ikimazi+ c’impongano+ ku bw’ibicumuro vyacu+, yamara atari ku bw’ivyacu+ gusa ahubwo kandi ku bw’ivy’isi yose+. Ivyahishuwe 1:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 no kuri Yezu Kristu, “ca Cabona Cizigirwa+,” “Imfura mu kuva mu bapfuye+,” n’“Umutware w’abami b’isi+.” Umwe adukunda+ kandi yatubohoye mu bicumuro vyacu biciye ku maraso yiwe bwite+—
6 Twese twarayerereye nk’intama+; twarahindukiye umwe wese agana inzira yiwe bwite; Yehova ubwiwe yatumye ikosa ryacu twese rihura n’uyo+.
45 Kuko mbere n’Umwana w’umuntu yaje, atari kugira akorerwe+, ariko kugira akorere abandi, no kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu*+ ya benshi+.”
9 mugabo tubona Yezu, uwagizwe uwuri munsi gatoyi y’abamarayika+, yambitswe urugori rw’ubuninahazwa+ n’iteka ku bwo kuba yarashikiwe n’urupfu+, kugira ngo biciye ku buntu ata wari abukwiriye bw’Imana, ahonjereze urupfu umuntu wese+.
7 mugabo mu gihimba kigira kabiri umuherezi mukuru ni we wenyene yinjirayo rimwe mu mwaka+, atibagiye amaraso+, ayo ashikana ku bwiwe+ no ku bw’ibicumuro abantu bakoze ku kutamenya+.
12 yarinjiye, mugabo atinjiranye amaraso+ y’impene n’ay’ibimasa, ahubwo yinjiranye amaraso yiwe bwite+, rimwe rizima, ahantu heranda, hanyuma aronka ukurokorwa kwacu kw’ibihe bidahera+.
2 Kandi uyo ni ikimazi+ c’impongano+ ku bw’ibicumuro vyacu+, yamara atari ku bw’ivyacu+ gusa ahubwo kandi ku bw’ivy’isi yose+.
5 no kuri Yezu Kristu, “ca Cabona Cizigirwa+,” “Imfura mu kuva mu bapfuye+,” n’“Umutware w’abami b’isi+.” Umwe adukunda+ kandi yatubohoye mu bicumuro vyacu biciye ku maraso yiwe bwite+—