ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 53:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Twese twarayerereye nk’intama+; twarahindukiye umwe wese agana inzira yiwe bwite; Yehova ubwiwe yatumye ikosa ryacu twese rihura n’uyo+.

  • Mariko 10:45
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 45 Kuko mbere n’Umwana w’umuntu yaje, atari kugira akorerwe+, ariko kugira akorere abandi, no kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu*+ ya benshi+.”

  • Abaheburayo 2:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 mugabo tubona Yezu, uwagizwe uwuri munsi gatoyi y’abamarayika+, yambitswe urugori rw’ubuninahazwa+ n’iteka ku bwo kuba yarashikiwe n’urupfu+, kugira ngo biciye ku buntu ata wari abukwiriye bw’Imana, ahonjereze urupfu umuntu wese+.

  • Abaheburayo 9:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 mugabo mu gihimba kigira kabiri umuherezi mukuru ni we wenyene yinjirayo rimwe mu mwaka+, atibagiye amaraso+, ayo ashikana ku bwiwe+ no ku bw’ibicumuro abantu bakoze ku kutamenya+.

  • Abaheburayo 9:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 yarinjiye, mugabo atinjiranye amaraso+ y’impene n’ay’ibimasa, ahubwo yinjiranye amaraso yiwe bwite+, rimwe rizima, ahantu heranda, hanyuma aronka ukurokorwa kwacu kw’ibihe bidahera+.

  • 1 Yohani 2:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Kandi uyo ni ikimazi+ c’impongano+ ku bw’ibicumuro vyacu+, yamara atari ku bw’ivyacu+ gusa ahubwo kandi ku bw’ivy’isi yose+.

  • Ivyahishuwe 1:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 no kuri Yezu Kristu, “ca Cabona Cizigirwa+,” “Imfura mu kuva mu bapfuye+,” n’“Umutware w’abami b’isi+.”

      Umwe adukunda+ kandi yatubohoye mu bicumuro vyacu biciye ku maraso yiwe bwite+—

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika