ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 26:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Vyongeye, akora i Yeruzalemu ivyuma vy’intambara, vyateguwe n’abahinga, ngo bibe ku minara+ no mu mfuruka, kugira ngo birase imyampi n’amabuye maninimanini. Nuko ukuba rurangiranwa kwiwe+ kurakwiragira gushika kure, kuko yafashijwe mu buryo bw’agatangaza gushika akomeye.

  • Umusiguzi 9:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Habaye agasagara gatoyi, kandi abagabo muri ko bari bake; maze haza kuri nya gasagara umwami ahambaye, aragakikuza, yubaka ibihome bikomeye ngo agatere+.

  • Yesaya 37:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 “‘Yehova avuze rero ku vyerekeye umwami wa Ashuri+ ati: “Ntazokwinjira muri iki gisagara+ canke ngo aharase umwampi canke ngo ahahange n’inkinzo canke ngo aharundire igikuta co kuhasugereza+.”’

  • Yeremiya 6:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kuko ibi ari vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Nimwicire ibiti+, mudugirize Yeruzalemu igikuta co kumusugereza+. Ni igisagara gitegerezwa kugira ico kibazwa+. Hagati muri we ni agahahazo gusa+.

  • Ezekiyeli 17:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Kandi Farawo ntazotuma aroranirwa mu ntambara biciye ku nteko za gisirikare nyinshi no kw’ishengero ry’abantu isinzi+, mu kuduza igikuta c’ugusugereza no mu kwubaka uruhome rw’ugusugereza, kugira ngo arandure benshi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika