18 Barahaguruka rero, baduga i Beteli maze basiguza Imana+. Nuko bene Isirayeli bavuga bati: “Ni nde muri twebwe azotangura kuduga mu rugamba rwo kurwanya bene Benyamini+?” Yehova avuga ati: “Yuda ni we azotangura+.”
11Ico gihe abaganwa+ b’abantu baba i Yeruzalemu+; mugabo ku bijanye n’abantu basigaye, hapfindwa ubupfindo+ kugira ngo umwe kuri cumicumi azanwe kuba i Yeruzalemu igisagara ceranda+, icenda basigaye na bo babe mu bindi bisagara.