ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 32:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 sinkwiriye ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo vyose n’ubwizigirwa bwose wagiriye umusavyi wawe+, kuko najabutse uru ruzi Yorodani mfise inkoni yanje gusa, ubu nkaba nacitse amakambi abiri+.

  • 1 Samweli 2:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  8 Uwushira hejuru umuntu mutoyi amukuye mu mukungugu+;

      Aduza umworo amukuye mu kinogo c’umunyota+,

      Kugira abicarike hamwe n’abanyacubahiro; abaha intebe y’ubwami y’ubuninahazwa+ ngo bayigabire+.

      Kuko ibishigikiye isi+ ari ivya Yehova,

      Kandi abishirako ubutaka bwimbuka.

  • 1 Samweli 18:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Dawidi aca abwira Sauli ati: “Mbaye nde kandi abo mu muryango wanje, umuryango wa dawe, babaye bande muri Isirayeli, ku buryo noba umukwe w’umwami+?”

  • 1 Ngoma 17:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Inyuma y’ivyo Umwami Dawidi arinjira, yicara imbere ya Yehova+, avuga ati: “Mbega ndi nde+ ga Yehova Mana, kandi inzu yanje+ ni iki ku buryo wanshikanye iyo hose+?

  • Mika 6:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Yaraguhishuriye iciza ico ari co+, ewe muntu yakuwe mw’ivu! None hari ikindi Yehova agusaba atari ugukurikiza ubutungane+ no gukunda ubuntu+ no kugendana n’Imana yawe+ wifashe ruto+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika