2 Samweli 16:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Amaherezo Abishayi mwene Zeruwiya+ abwira umwami ati: “Kubera iki iyo mbwa ipfuye+ yohamagarira akabi ku mukama wanje umwami+? Ndakwinginze ureke njabuke, ndamukureko umutwe+.” 2 Samweli 20:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Maze Dawidi abwira Abishayi+ ati: “Ubu Sheba+ mwene Bikiri azotubera mubi kurusha Abusalomu+. Wewe ubwawe nutore abasuku+ b’umukama wawe uheze umwome inyuma, kugira ntiyironkere koko ibisagara bikingijwe ibihome, ngo ahunge tubona.” 2 Samweli 21:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Abishayi+ mwene Zeruwiya aca aza kumutabara+ maze agarika nya Mufilisitiya, aramwica. Ico gihe, ingabo za Dawidi ziramurahira ziti: “Ntukongere gusohokana natwe mu rugamba+, kugira ngo ntuzimye+ itara+ rya Isirayeli!” 2 Samweli 23:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Nayo Abishayi+ mwene wabo na Yowabu mwene Zeruwiya+, yari umukuru wa bamwe mirongo itatu; yari abanguriye icumu ryiwe ku bantu amajana atatu bishwe, kandi yari rurangiranwa nka bamwe batatu+. 1 Ngoma 18:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Nayo Abishayi+ mwene Zeruwiya+, asasika Abanyedomu mu Mubande w’Umunyu+, asasika ibihumbi cumi n’umunani.
9 Amaherezo Abishayi mwene Zeruwiya+ abwira umwami ati: “Kubera iki iyo mbwa ipfuye+ yohamagarira akabi ku mukama wanje umwami+? Ndakwinginze ureke njabuke, ndamukureko umutwe+.”
6 Maze Dawidi abwira Abishayi+ ati: “Ubu Sheba+ mwene Bikiri azotubera mubi kurusha Abusalomu+. Wewe ubwawe nutore abasuku+ b’umukama wawe uheze umwome inyuma, kugira ntiyironkere koko ibisagara bikingijwe ibihome, ngo ahunge tubona.”
17 Abishayi+ mwene Zeruwiya aca aza kumutabara+ maze agarika nya Mufilisitiya, aramwica. Ico gihe, ingabo za Dawidi ziramurahira ziti: “Ntukongere gusohokana natwe mu rugamba+, kugira ngo ntuzimye+ itara+ rya Isirayeli!”
18 Nayo Abishayi+ mwene wabo na Yowabu mwene Zeruwiya+, yari umukuru wa bamwe mirongo itatu; yari abanguriye icumu ryiwe ku bantu amajana atatu bishwe, kandi yari rurangiranwa nka bamwe batatu+.
12 Nayo Abishayi+ mwene Zeruwiya+, asasika Abanyedomu mu Mubande w’Umunyu+, asasika ibihumbi cumi n’umunani.