ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Samweli 16:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Amaherezo Abishayi mwene Zeruwiya+ abwira umwami ati: “Kubera iki iyo mbwa ipfuye+ yohamagarira akabi ku mukama wanje umwami+? Ndakwinginze ureke njabuke, ndamukureko umutwe+.”

  • 2 Samweli 20:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Maze Dawidi abwira Abishayi+ ati: “Ubu Sheba+ mwene Bikiri azotubera mubi kurusha Abusalomu+. Wewe ubwawe nutore abasuku+ b’umukama wawe uheze umwome inyuma, kugira ntiyironkere koko ibisagara bikingijwe ibihome, ngo ahunge tubona.”

  • 2 Samweli 21:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Abishayi+ mwene Zeruwiya aca aza kumutabara+ maze agarika nya Mufilisitiya, aramwica. Ico gihe, ingabo za Dawidi ziramurahira ziti: “Ntukongere gusohokana natwe mu rugamba+, kugira ngo ntuzimye+ itara+ rya Isirayeli!”

  • 2 Samweli 23:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Nayo Abishayi+ mwene wabo na Yowabu mwene Zeruwiya+, yari umukuru wa bamwe mirongo itatu; yari abanguriye icumu ryiwe ku bantu amajana atatu bishwe, kandi yari rurangiranwa nka bamwe batatu+.

  • 1 Ngoma 18:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Nayo Abishayi+ mwene Zeruwiya+, asasika Abanyedomu mu Mubande w’Umunyu+, asasika ibihumbi cumi n’umunani.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika