Kuvayo 32:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Yehova yongera kubwira Musa ati: “Nitegereje aba bantu: emwe, ni abantu b’izosi ridadaraye+. Gusubira mu vyagezwe 10:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Kandi mutegerezwa kugenyera imitima yanyu+ ntimwongere gukomantaza amazosi yanyu+. 2 Ngoma 36:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Mbere agarariza Umwami Nebukadinezari+, uwari yaramurahije Imana+; aguma adadaza+ izosi yongera akomantaza+ umutima wiwe kugira ngo ntagaruke kuri Yehova Imana ya Isirayeli. Abaroma 10:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Mugabo ku bijanye na Isirayeli avuga ati: “Niriwe nsanziye amaboko abantu b’abagambarazi+ mvuga bakavuga+.”
13 Mbere agarariza Umwami Nebukadinezari+, uwari yaramurahije Imana+; aguma adadaza+ izosi yongera akomantaza+ umutima wiwe kugira ngo ntagaruke kuri Yehova Imana ya Isirayeli.
21 Mugabo ku bijanye na Isirayeli avuga ati: “Niriwe nsanziye amaboko abantu b’abagambarazi+ mvuga bakavuga+.”