2 Samweli 9:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Dawidi abandanya kumubwira ati: “Ntutinye, kuko ntazobura kukugirira ubuntu bwuzuye urukundo+ ku bwa Yonatani so wawe+; kandi nzogusubiza koko itongo+ ryose rya Sauli sokuru wawe, kandi wewe ubwawe uzokwama urira umukate ku meza yanje+.” Zaburi 37:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Umubisha aragurana ntiyishure+,Mugabo umugororotsi agira impuhwe kandi agatanga ingabirano+. Yesaya 32:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Nayo umutanzi, ivy’ubutanzi ni vyo yiyumviriye; kandi ivy’ubutanzi ni vyo azohaguruka ngo aburanire+. Abafilipi 2:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa+, ariko arabe n’ivy’abandi+. 1 Petero 4:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Mwakirane ata kwidoga+.
7 Dawidi abandanya kumubwira ati: “Ntutinye, kuko ntazobura kukugirira ubuntu bwuzuye urukundo+ ku bwa Yonatani so wawe+; kandi nzogusubiza koko itongo+ ryose rya Sauli sokuru wawe, kandi wewe ubwawe uzokwama urira umukate ku meza yanje+.”
8 Nayo umutanzi, ivy’ubutanzi ni vyo yiyumviriye; kandi ivy’ubutanzi ni vyo azohaguruka ngo aburanire+.