-
Esiteri 3:12Bibiliya y’isi nshasha
-
-
12 Nuko abanyamabanga b’umwami+ barahamagarwa mu kwezi kwa mbere, ku musi wakwo ugira cumi na gatatu, maze vyandikwa+ hisunzwe ibintu vyose Hamani ategetse abakuru b’intara b’umwami na ba buramatari baganza intara z’ubutware zitandukanye+, n’abaganwa b’ibisata vy’abantu bitandukanye, b’intara y’ubutware imwimwe yose, mu nyandiko yayo+, n’igisata kimwekimwe cose mu rurimi rwaco; vyandikwa mw’izina+ ry’Umwami Ahasuwerusi maze bidomwako ikidodo hakoreshejwe impeta y’ikidodo y’umwami+.
-
-
Esiteri 8:5Bibiliya y’isi nshasha
-
-
5 Hanyuma avuga ati: “Nimba umwami abona koko yuko ari vyiza, kandi nimba nagize ubutoni+ imbere yiwe kandi ico kintu kikaba kibereye imbere y’umwami, kandi nimba mpimbaye mu maso yiwe, nihandikwe ivyete vyo kuvuguruza za nzandiko+, wa mugambi wa Hamani mwene Hamedata Umwagagi+, izo yanditse kugira ngo arandure Abayuda+ bari mu ntara z’ubutware zose z’umwami+.
-