33 “Kuko iri ari ryo sezerano+ nzogirana n’inzu ya Isirayeli inyuma y’iyo misi+,” ni ko Yehova avuze. “Nzoshira itegeko ryanje muri bo+, kandi nzoryandika mu mutima wabo+. Nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje+.”
3 Kuko muboneka ko muri ikete rya Kristu ryanditswe na twebwe abasuku+, ritandikishijwe irangi, ahubwo ryandikishijwe impwemu+ y’Imana nzima, atari ku bisate vy’amabuye+, ahubwo ku bisate vy’inyama, ku mitima+.