Yesaya 50:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Umugongo wanje nawuhaye abankubita, amatama+ yanje na yo abashikura ubwanwa. Mu maso hanje sinahahishije ibintu bitetereza be n’igikororwa+. Yesaya 53:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Yarasuzugurwa kandi akinubwa n’abantu+; yari umuntu agenewe imibabaro n’ukumenya indwara+. Wamenga twari duhishijwe mu maso h’umuntu+. Yarasuzugurwa, tukamubona nk’ubusa+. Matayo 26:67 Bibiliya y’isi nshasha 67 Maze bamucira mu maso+ bongera bamukubita+ ingumu. Abandi bamukubita amakofe mu maso+, Matayo 27:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 baraheza bajisha urugori rw’amahwa, barumushira ku mutwe, bamupfumbatisha n’irenga mu kuboko kw’ukuryo. Baza barapfukama imbere yiwe bamushinyaguriza+ bavuga bati: “Ndabugize, Mwami w’Abayuda+!”
6 Umugongo wanje nawuhaye abankubita, amatama+ yanje na yo abashikura ubwanwa. Mu maso hanje sinahahishije ibintu bitetereza be n’igikororwa+.
3 Yarasuzugurwa kandi akinubwa n’abantu+; yari umuntu agenewe imibabaro n’ukumenya indwara+. Wamenga twari duhishijwe mu maso h’umuntu+. Yarasuzugurwa, tukamubona nk’ubusa+.
29 baraheza bajisha urugori rw’amahwa, barumushira ku mutwe, bamupfumbatisha n’irenga mu kuboko kw’ukuryo. Baza barapfukama imbere yiwe bamushinyaguriza+ bavuga bati: “Ndabugize, Mwami w’Abayuda+!”