ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 11:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Ariko igihugu mugira mujabukiremwo ngo mucigarurire ni igihugu c’imisozi n’ibiyaya vy’imibande+. Amazi y’imvura yo mu majuru ni yo cinywera,

  • Yobu 38:37
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 37 Ni nde yoshobora guharūra neza ibicu mu bukerebutsi,

      Canke imibindi y’amazi yo mw’ijuru, ni nde yoshobora kuyicuranguza+,

  • Zaburi 147:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  8 Umwe apfukisha amajuru ibicu+,

      Umwe ategurira isi imvura+,

      Umwe atuma imisozi inagako ivyatsi bitoto+.

  • Yeremiya 10:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Arekura ijwi hakaba uruyogoyogo rw’amazi mu majuru+, kandi atuma imyuka iduga ivuye ku mpera y’isi+. Yakoreye ingomero imvura+, kandi asohora umuyaga mu bigega vyiwe+.

  • Amosi 9:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 “‘Umwe yubaka ingazi ziwe mu majuru+, akubaka n’inyubakwa yiwe hejuru y’isi yashizeho+, umwe ahamagara amazi y’ikiyaga+, ngo ayasuke ku buringanire bw’isi+—Yehova ni ryo zina ryiwe+.’

  • Zakariya 10:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 “Nimusabe Yehova imvura+ mu gihe c’imvura y’impeshi+, egome, muyisabe Yehova we ashiraho ibicu vy’imvura y’igihuhusi+, akaba ari na we abaha imvura y’isegenya+, umwe wese akamuha ibimera mu murima+.

  • Matayo 5:45
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 45 kugira mwerekane ko muri abana ba So ari mw’ijuru+, kuko atuma izuba rirasira ababi n’abeza, agatuma n’imvura igwira abagororotsi n’abatari abagororotsi+.

  • Ivyakozwe 14:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 naho mu vy’ukuri itaretse ngo igume itagira ikiyishingira intahe mu kuba yarakoze ivyiza+, ikabaha imvura+ iva mw’ijuru n’ibiringo vyimbuka, ikanengesereza imitima yanyu ibifungurwa be n’urweze+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika