ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 28:58
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 58 “Nutitwararika gushitsa amajambo yose y’iri tegeko yanditse muri iki gitabu+ ngo utinye iri zina rininahaye+ kandi riteye ubwoba+, ari ryo Yehova+, Imana yawe,

  • 1 Ngoma 16:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Nimwiratire izina+ ryiwe ryeranda+,

      Umutima w’abarondera Yehova nunezerwe+.

  • Zaburi 89:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Imana ni iyo kwumvirwa akoba mu mugwi w’abagenzi somambike w’aberanda+;

      Irahambaye kandi iteye ubwoba ku bayikikuje bose+.

  • Zaburi 99:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  3 Nibahaye izina ryawe+.

      Rirahambaye kandi riteye ubwoba, rikaba ari ryeranda+.

  • Yesaya 6:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Uyu yarahamagara uriya ati: “Mweranda, mweranda, mweranda ni Yehova nyen’ingabo+. Ubuninahazwa bwiwe bunengesereye isi yose.”

  • Malaki 1:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 “Aravumwe uwukorana urwenge kandi mu busho bwiwe hariyo igitungwa c’ikigabo, akagira indagano hanyuma agashikanira Yehova icononekaye+. Kuko ndi Umwami ahambaye+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “kandi izina ryanje rizoba iriteye ubwoba mu mahanga+.”

  • Luka 1:49
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 49 kubera ko wa Munyabubasha ankoreye ibikomeye, kandi izina ryiwe ni ryeranda +;

  • Ivyahishuwe 4:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Kandi ku vyerekeye ivyo binyabuzima bine+, kimwekimwe muri vyo uko bikurikirana gifise amababa atandatu+; hirya no hino be no munsi vyuzuyeko amaso+. Kandi nta karuhuko bigira ku murango no mw’ijoro kuko biguma bivuga biti: “Mweranda, mweranda, mweranda ni Yehova+ Imana, Mushoboravyose+, uwariho kandi ariho+ kandi ariko araza.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika