ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 7:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Ntuze uranduke umutima kubera bo, kuko Yehova Imana yawe ari hagati yawe+, akaba ari Imana ikomeye kandi iteye ubwoba+.

  • Gusubira mu vyagezwe 28:58
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 58 “Nutitwararika gushitsa amajambo yose y’iri tegeko yanditse muri iki gitabu+ ngo utinye iri zina rininahaye+ kandi riteye ubwoba+, ari ryo Yehova+, Imana yawe,

  • Nehemiya 9:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 “None rero, ewe Mana yacu, Mana ihambaye+, y’inyabushobozi+ kandi iteye ubwoba+, igumya isezerano+ n’ubuntu bwuzuye urukundo+, amagume yose yadushikiye+ twe n’abami bacu+ n’abaganwa bacu+ n’abaherezi bacu+ n’abahanuzi bacu+ na ba sogokuruza bacu+ n’abantu bawe bose kuva mu misi y’abami ba Ashuri gushika n’uyu musi+, ntaboneke nk’akantu gatoyi imbere yawe+.

  • Zaburi 8:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Ewe Yehova Mukama wacu, ese ukuntu izina ryawe ari agakomeye mw’isi yose+,

      Wewe w’iteka riyagwa hejuru y’amajuru+!

  • Zaburi 66:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  3 Bwire Imana muti: “Ese ingene ibikorwa vyawe biteye ubwoba+!

      Kubera ubwinshi bw’inkomezi zawe, abansi bawe bazoza kuri wewe bahinda agashitsi+.

  • Zaburi 148:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Nibishemeze izina rya Yehova+,

      Kuko izina ryiwe ryonyene ari ryo riri hejuru hadashikwa+.

      Iteka ryiwe riri hejuru y’isi n’ijuru+.

  • Yesaya 29:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 kuko niyabona abana biwe, igikorwa c’amaboko yanje, hagati muri we+, bazokweza izina ryanje+, kandi ntibazobura kweza Umweranda wa Yakobo+, kandi Imana ya Isirayeli bazoyigirira akoba+.

  • Ivyahishuwe 15:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Ni nde vy’ukuri atazogutinya+ ga Yehova+, akaninahaza izina ryawe+, kuko wewe wenyene ari wewe uri intahemuka+? Kuko amahanga yose azoza agasenga imbere yawe+, kuko ingingo zawe zigororotse zerekanywe+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika