Kuvayo 20:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 “Ntugashinge intahe y’ikinyoma wagiriza mugenzawe+. Zaburi 52:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Amarushwa ni yo mugambi ururimi rwawe rutegura, rukarihije nk’urumosho+,Rugakorana ubuhendanyi+. Zaburi 57:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Ubuzima bwanje buri hagati y’intambwe+;Nta kundi ndi bugire atari ukuryama mu birotsanyi, abana b’abantu,Amenyo yabo akaba ari amacumu n’imyampi+,Ururimi rwabo na rwo rukaba ari inkota ikarishe+. Zaburi 120:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Umuntu azoguha iki, kandi azokwongera iki,Ga wa rurimi rw’amayeri we+? Zaburi 140:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Bakarihije ururimi rwabo nka rurya rw’inzoka+;Ubwayi bw’imamba y’amahembe buri munsi y’iminwa yabo+. Sela. Yeremiya 9:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 bafora ururimi rwabo bwa muheto wabo mu kinyoma+; mugabo ntibabaye abanyenkomezi mu vy’ubwizigirwa mu gihugu. “Kuko bagiye bava mu bubi baja mu bundi, kandi baranyirengagije+,” ni ko Yehova avuze. Yakobo 3:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Erega, ururimi ni umuriro+. Ururimi rugize ukutagororoka kungana isi mu bihimba vyacu, kuko rutosekaza umubiri+ wose rukadomeka ikurudumu y’ubuzima bwo kw’isi, na rwo rukadomekwa na Gehena.
4 Ubuzima bwanje buri hagati y’intambwe+;Nta kundi ndi bugire atari ukuryama mu birotsanyi, abana b’abantu,Amenyo yabo akaba ari amacumu n’imyampi+,Ururimi rwabo na rwo rukaba ari inkota ikarishe+.
3 Bakarihije ururimi rwabo nka rurya rw’inzoka+;Ubwayi bw’imamba y’amahembe buri munsi y’iminwa yabo+. Sela.
3 bafora ururimi rwabo bwa muheto wabo mu kinyoma+; mugabo ntibabaye abanyenkomezi mu vy’ubwizigirwa mu gihugu. “Kuko bagiye bava mu bubi baja mu bundi, kandi baranyirengagije+,” ni ko Yehova avuze.
6 Erega, ururimi ni umuriro+. Ururimi rugize ukutagororoka kungana isi mu bihimba vyacu, kuko rutosekaza umubiri+ wose rukadomeka ikurudumu y’ubuzima bwo kw’isi, na rwo rukadomekwa na Gehena.