Imigani 15:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Iminwa y’umuntu w’inkerebutsi iguma ikwiragiza ubumenyi+, mugabo umutima w’ibijuju ntumeze ukwo+. Yesaya 50:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Umukama Segaba Yehova ubwiwe yampaye ururimi rw’abigishijwe+, ngo menye ingene nishurisha ijambo uwurushe+. Ankangura uko bukeye; ugutwi kwanje agukangurira kwumva nk’abigishijwe+. Luka 4:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Bose batangura kumushingira intahe nziza no gutangazwa n’amajambo y’igikundiro+ ava mu kanwa kiwe, bakavuga bati: “None uyu si umuhungu wa Yozefu+?”
4 Umukama Segaba Yehova ubwiwe yampaye ururimi rw’abigishijwe+, ngo menye ingene nishurisha ijambo uwurushe+. Ankangura uko bukeye; ugutwi kwanje agukangurira kwumva nk’abigishijwe+.
22 Bose batangura kumushingira intahe nziza no gutangazwa n’amajambo y’igikundiro+ ava mu kanwa kiwe, bakavuga bati: “None uyu si umuhungu wa Yozefu+?”