ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 16:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Ariko Asa ababazwa n’uwo rubonyi maze amushira mu nzu y’impatane z’ibiti*+, kuko yari yamugiriye ubushangashirwe kubera ico kintu+. Nuko Asa atangura gukandamiza+ n’abandi bantu muri ico gihe nyene.

  • 2 Ngoma 18:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Umwami wa Isirayeli aca abwira Yehoshafati+ ati: “Haracasigaye umugabo umwe+ twocishako mu gusiguza Yehova, mugabo jewe ndamwanka+, kuko atabūra ivyiza ku binyerekeye, mugabo imisi yiwe yose yama abûra ibibi+. Ni Mikaya mwene Imula+.” Ariko Yehoshafati avuga ati: “Umwami yoye kuvuga ikintu nk’ico+.”

  • 2 Ngoma 24:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Yehova aguma atuma abahanuzi+ muri bo kugira ngo babagarukane kuri we; baguma babagiriza, mugabo ntibatega ugutwi+.

  • Yeremiya 11:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Ibi rero ni vyo Yehova avuze ku bantu b’i Anatoti+ barondera ubuzima bwawe, bati: “Ntukavuge ubuhanuzi mw’izina rya Yehova+, kugira ngo ntitukwice”;

  • Yeremiya 26:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Abaherezi n’abahanuzi batangura kubwira abaganwa n’abantu bose bati: “Uyu mugabo akwiriye urubanza rwo gupfa+, kuko yavuze ubuhanuzi ku bijanye n’iki gisagara nk’uko mwavyiyumviye n’amatwi yanyu bwite+.”

  • Ivyakozwe 4:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Yamara rero, kugira ngo ntibibandanye gukwiragira hose mu bantu, reka tubabwize iterabwoba kutongera kubwira ikintu umuntu n’umwe bishimikije iryo zina+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika