ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 13:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Babiloni, ca kirezi c’ubwami+, bwa bwiza bw’ubwishime bw’Abakaludaya+, itegerezwa gucika nka ca gihe Imana yatembagaza Sodomu na Gomora+.

  • Yesaya 14:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 uzoshira hejuru iyi mvugo y’akagani ku mwami wa Babiloni, uti:

      “Ewe kuntu uwahora ahindagiza abandi ku bikorwa ageze aho ivyiwe bihagarara, agahahazo kagahagarara+!

  • Yesaya 45:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 45 Ibi ni vyo Yehova abwiye uwo yarobanuje amavuta+, Kuro, uwo mfashe ukuryo+, ngo ntume amahanga ayoboka imbere yiwe+, kugira ngo nkenyurure amafyinga y’abami; ngo nugurure imbere yiwe ya miryango y’inzugi zibirizibiri, ku buryo n’amarembo atazokwugarwa:

  • Yeremiya 50:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kuko ihanga riduze kumutera rivuye mu buraruko+. Ni ryo rihindura igihugu ciwe akajoreza, ku buryo ata n’umwe aba iwe+. Umuntu n’igitungwa vyahunze+. Vyagiye+.”

  • Yeremiya 51:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Babiloni yatemvye giturumbuka ku buryo avunika+. Nimumuborogere+. Nimutore umusomozo wo kuvura ububabare bwiwe+. Hari aho yokira.”

  • Daniyeli 5:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 “PERESI: Ubwami bwawe bwagabuwe buhabwa Abamedi n’Abaperesi+.”

  • Ivyahishuwe 14:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Maze uwundi, umumarayika wa kabiri, arakurikira, avuga ati: “Yatemvye! Babiloni+ Akomeye yatemvye+, umwe yatuma amahanga yose anywa ku muvinyu+ w’ishavu ry’ubusambanyi bwiwe+!”

  • Ivyahishuwe 18:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Maze asemerera n’ijwi rikomeye+, ati: “Yatemvye! Babiloni Akomeye yatemvye+, yacitse uburaro bw’amadayimoni n’ikirimbiro ry’impemu zose zihumanye+ be n’ikirimbiro ry’inyoni yose ihumanye kandi yankwa+!

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika