Yesaya 21:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Kandi ehe haje umukogote w’intambara w’abantu, ukwegwa n’amafarasi abiri y’imbangutsi+!” Maze atangura kuvuga ati: “Yatemvye! Babiloni yatemvye+, kandi ibishusho bibajwe vyose vy’imana ziwe yabimenaguriye hasi+!” Yesaya 47:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Mugabo ibi bintu bibiri bizokuzako bukwi na bukwi, ku musi umwe+: ukubura abana n’ugupfakara. Emwe, bizokuzako ku rugero rwuzuye+, kubera umurengera w’ubupfumu bwawe, kubera ubushobozi bwose bw’imitongero yawe—bimwe birengeje+. 1 Abatesalonika 5:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Kuko mwebwe ubwanyu muzi neza cane yuko umusi+ wa Yehova uzoza neza na neza nk’igisuma mw’ijoro+. Ivyahishuwe 14:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Maze uwundi, umumarayika wa kabiri, arakurikira, avuga ati: “Yatemvye! Babiloni+ Akomeye yatemvye+, umwe yatuma amahanga yose anywa ku muvinyu+ w’ishavu ry’ubusambanyi bwiwe+!” Ivyahishuwe 18:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Maze asemerera n’ijwi rikomeye+, ati: “Yatemvye! Babiloni Akomeye yatemvye+, yacitse uburaro bw’amadayimoni n’ikirimbiro ry’impemu zose zihumanye+ be n’ikirimbiro ry’inyoni yose ihumanye kandi yankwa+!
9 Kandi ehe haje umukogote w’intambara w’abantu, ukwegwa n’amafarasi abiri y’imbangutsi+!” Maze atangura kuvuga ati: “Yatemvye! Babiloni yatemvye+, kandi ibishusho bibajwe vyose vy’imana ziwe yabimenaguriye hasi+!”
9 Mugabo ibi bintu bibiri bizokuzako bukwi na bukwi, ku musi umwe+: ukubura abana n’ugupfakara. Emwe, bizokuzako ku rugero rwuzuye+, kubera umurengera w’ubupfumu bwawe, kubera ubushobozi bwose bw’imitongero yawe—bimwe birengeje+.
8 Maze uwundi, umumarayika wa kabiri, arakurikira, avuga ati: “Yatemvye! Babiloni+ Akomeye yatemvye+, umwe yatuma amahanga yose anywa ku muvinyu+ w’ishavu ry’ubusambanyi bwiwe+!”
2 Maze asemerera n’ijwi rikomeye+, ati: “Yatemvye! Babiloni Akomeye yatemvye+, yacitse uburaro bw’amadayimoni n’ikirimbiro ry’impemu zose zihumanye+ be n’ikirimbiro ry’inyoni yose ihumanye kandi yankwa+!