ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 21:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Kandi ehe haje umukogote w’intambara w’abantu, ukwegwa n’amafarasi abiri y’imbangutsi+!”

      Maze atangura kuvuga ati: “Yatemvye! Babiloni yatemvye+, kandi ibishusho bibajwe vyose vy’imana ziwe yabimenaguriye hasi+!”

  • Yesaya 47:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Mugabo ibi bintu bibiri bizokuzako bukwi na bukwi, ku musi umwe+: ukubura abana n’ugupfakara. Emwe, bizokuzako ku rugero rwuzuye+, kubera umurengera w’ubupfumu bwawe, kubera ubushobozi bwose bw’imitongero yawe—bimwe birengeje+.

  • 1 Abatesalonika 5:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Kuko mwebwe ubwanyu muzi neza cane yuko umusi+ wa Yehova uzoza neza na neza nk’igisuma mw’ijoro+.

  • Ivyahishuwe 14:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Maze uwundi, umumarayika wa kabiri, arakurikira, avuga ati: “Yatemvye! Babiloni+ Akomeye yatemvye+, umwe yatuma amahanga yose anywa ku muvinyu+ w’ishavu ry’ubusambanyi bwiwe+!”

  • Ivyahishuwe 18:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Maze asemerera n’ijwi rikomeye+, ati: “Yatemvye! Babiloni Akomeye yatemvye+, yacitse uburaro bw’amadayimoni n’ikirimbiro ry’impemu zose zihumanye+ be n’ikirimbiro ry’inyoni yose ihumanye kandi yankwa+!

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika