Gusubira mu vyagezwe 28:48 Bibiliya y’isi nshasha 48 Uzobwirizwa gukorera abansi bawe+, abo Yehova azorungika kugutera, ubakorere n’inzara+ n’inyota kandi uri gusa, ukenye vyose. Kandi azokuremeka ingǒgo y’icuma kw’izosi gushika akuzimanganije+. Yeremiya 5:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Kandi ntimuzobura kuvuga muti: ‘Kubera iki Yehova Imana yacu yatugiriye ivyo bintu vyose+?’ Nawe uze ubabwire uti: ‘Nk’uko mwantaye mukaja gukorera imana y’inyamahanga mu gihugu canyu, ni ko muzokorera ab’ahandi mu gihugu kitari icanyu+.’” Yeremiya 27:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Emwe, amahanga yose azomukorera+, we n’umuhungu wiwe n’umwuzukuru wiwe, gushika igihe c’igihugu ciwe gishitse+, kandi amahanga menshi n’abami bahambaye bazomukoresha koko nk’umusuku+.’
48 Uzobwirizwa gukorera abansi bawe+, abo Yehova azorungika kugutera, ubakorere n’inzara+ n’inyota kandi uri gusa, ukenye vyose. Kandi azokuremeka ingǒgo y’icuma kw’izosi gushika akuzimanganije+.
19 Kandi ntimuzobura kuvuga muti: ‘Kubera iki Yehova Imana yacu yatugiriye ivyo bintu vyose+?’ Nawe uze ubabwire uti: ‘Nk’uko mwantaye mukaja gukorera imana y’inyamahanga mu gihugu canyu, ni ko muzokorera ab’ahandi mu gihugu kitari icanyu+.’”
7 Emwe, amahanga yose azomukorera+, we n’umuhungu wiwe n’umwuzukuru wiwe, gushika igihe c’igihugu ciwe gishitse+, kandi amahanga menshi n’abami bahambaye bazomukoresha koko nk’umusuku+.’