ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Matayo 26:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 kuko iki gisobanura+ ‘amaraso yanje+ y’isezerano+’ agiye guseswa ku bwa benshi+ ku bwo kubabarirwa ibicumuro+.

  • Mariko 14:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Nuko ababwira ati: “Iki gisobanura ‘amaraso+ yanje y’isezerano+’ agiye guseswa+ ku bwa benshi+.

  • Luka 22:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 N’igikombe+ nyene akigenza kuno bamaze kwihereza imfungurwa zo ku mugoroba, avuga ati: “Iki gikombe gisobanura isezerano rishasha+ hishimikijwe amaraso yanje+, ayagiye guseswa ku bwanyu+.

  • 1 Abakorinto 11:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Yagize kuno no ku gikombe+, amaze kwihereza imfungurwa zo ku mugoroba, avuga ati: “Iki gikombe gisobanura isezerano rishasha+ hishimikijwe amaraso yanje+. Muragume mugira ibi igihe cose muzokinywa, mu kunyibuka+.”

  • Abaheburayo 8:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 kuko itora amahinyu abantu igihe ivuga iti: “‘Ehe imisi iriko iraza,’ ni ko Yehova avuga, ‘kandi nzogirana isezerano rishasha+ n’inzu ya Isirayeli be n’inzu ya Yuda;

  • Abaheburayo 10:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 “‘Iri ni ryo sezerano nzosezerana kuri bo inyuma y’iyo misi,’ ni ko Yehova avuga. ‘Nzoshira amategeko yanje mu mitima yabo, kandi mu mizirikanyi yabo ni ho nzoyandika+,’”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika