ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 28:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Yehova azokwugururira ikigega ciwe ciza, ari co majuru, kugira agwishe imvura ku gihugu cawe mu gihe cayo+ no kugira ahezagire igikorwa cose c’amaboko yawe+; kandi uzoha ingurane amahanga menshi, ariko wewe ubwawe nta ngurane uzosaba+.

  • Zaburi 135:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Atuma imyuka iduga kuva ku mpera y’isi+;

      Yakoreye imvura ingomero+;

      Asohora umuyaga mu bigega vyiwe+,

  • Zaburi 147:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  8 Umwe apfukisha amajuru ibicu+,

      Umwe ategurira isi imvura+,

      Umwe atuma imisozi inagako ivyatsi bitoto+.

  • Yesaya 30:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Ntazobura gutanga imvura ku bw’imbuto yawe ubiba mu butaka+, kandi bwa mwimbu w’ubutaka atange umukate, uwuzobwirizwa kuba unuze kandi utonyanga ivuta+. Kuri uwo musi, ibitungwa vyawe bizorisha mw’iragiriro ryagutse+.

  • Yoweli 2:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Namwe bana ba Siyoni, nimunezerwe muhimbarwe muri Yehova Imana yanyu+; kuko atazobura kubaha imvura y’agatasi ku rugero rukwiriye+, kandi azobacuncuburirako imvura, imvura y’agatasi n’imvura y’impeshi, nko mu ntango+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika