Gusubira mu vyagezwe 4:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 ntanze amajuru n’isi kw’ivyabona uno musi vyo kubagiriza+, yuko mutazobura kuyogera ningoga mugahona muri ico gihugu mugiye kujabuka Yorodani ngo mucigarurire. Ntimuzorambira* kuri co, kuko mutazobura kuzimanganywa+. Gusubira mu vyagezwe 28:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 “Yehova azokurungikako umuvumo+, umuvurungano+ n’igihano+ mu migambi yawe yose ugerageza kurangura, gushika uzimanganijwe ugahona bidatevye, kubera ububi bw’ingeso zawe, kuko wantaye+. Zaburi 35:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Inzira yabo nicike umwiza n’ahantu hanyerera+,Kandi umumarayika wa Yehova abakurikirane. Yeremiya 11:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Nta n’amasigarira bazosigarana, kuko nzozana ivyago ku bantu b’i Anatoti+, umwaka ivyabo bizokwitabwaho+.”
26 ntanze amajuru n’isi kw’ivyabona uno musi vyo kubagiriza+, yuko mutazobura kuyogera ningoga mugahona muri ico gihugu mugiye kujabuka Yorodani ngo mucigarurire. Ntimuzorambira* kuri co, kuko mutazobura kuzimanganywa+.
20 “Yehova azokurungikako umuvumo+, umuvurungano+ n’igihano+ mu migambi yawe yose ugerageza kurangura, gushika uzimanganijwe ugahona bidatevye, kubera ububi bw’ingeso zawe, kuko wantaye+.
23 Nta n’amasigarira bazosigarana, kuko nzozana ivyago ku bantu b’i Anatoti+, umwaka ivyabo bizokwitabwaho+.”