Gusubira mu vyagezwe 28:48 Bibiliya y’isi nshasha 48 Uzobwirizwa gukorera abansi bawe+, abo Yehova azorungika kugutera, ubakorere n’inzara+ n’inyota kandi uri gusa, ukenye vyose. Kandi azokuremeka ingǒgo y’icuma kw’izosi gushika akuzimanganije+. Yesaya 3:1 Bibiliya y’isi nshasha 3 Kuko, ehe Umukama w’ukuri+, Yehova nyen’ingabo, agira akure muri Yeruzalemu+ no muri Yuda icishimikizo n’ubwegamo, icishimikizo cose c’umukate n’icishimikizo cose c’amazi+, Ezekiyeli 4:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 “Kandi n’amazi, uzoyanywa ku ngero: ica gatandatu ca hini*. Uzoza uracishamwo uyanywa. Ezekiyeli 4:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Abandanya kumbwira ati: “Mwana w’umuntu, ehe muri Yeruzalemu ngira mvune inkoni zitungirwako imikate imeze nk’ikigōmbo+; bazobwirizwa kurya umukate ku gipimo kandi bari mu maganya+, banywe amazi ku ngero kandi bari n’ikinya+,
48 Uzobwirizwa gukorera abansi bawe+, abo Yehova azorungika kugutera, ubakorere n’inzara+ n’inyota kandi uri gusa, ukenye vyose. Kandi azokuremeka ingǒgo y’icuma kw’izosi gushika akuzimanganije+.
3 Kuko, ehe Umukama w’ukuri+, Yehova nyen’ingabo, agira akure muri Yeruzalemu+ no muri Yuda icishimikizo n’ubwegamo, icishimikizo cose c’umukate n’icishimikizo cose c’amazi+,
16 Abandanya kumbwira ati: “Mwana w’umuntu, ehe muri Yeruzalemu ngira mvune inkoni zitungirwako imikate imeze nk’ikigōmbo+; bazobwirizwa kurya umukate ku gipimo kandi bari mu maganya+, banywe amazi ku ngero kandi bari n’ikinya+,