ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 12:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 nzogukuramwo ihanga rikomeye, kandi nzoguhezagira, kandi izina ryawe nzorigira irihambaye; nuko nube umuhezagiro+.

  • Abalewi 26:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 nanje ata gukeka nzobacuncuburira imvura ku gihe cayo+, kandi igihugu kizotanga koko umwimbu waco+, n’igiti co mw’itongo gitange icamwa caco+.

  • Gusubira mu vyagezwe 28:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Yehova azokwugururira ikigega ciwe ciza, ari co majuru, kugira agwishe imvura ku gihugu cawe mu gihe cayo+ no kugira ahezagire igikorwa cose c’amaboko yawe+; kandi uzoha ingurane amahanga menshi, ariko wewe ubwawe nta ngurane uzosaba+.

  • Zaburi 68:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  9 Watanguye kugwisha umucuncubuko w’imvura y’isegenya, ewe Mana+!

      Intoranwa yawe, n’igihe yari irambiwe, ubwawe warayisubijemwo ingoga+.

  • Imigani 10:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Umuhezagiro wa Yehova, emwe, uwo ni wo utungisha+, kandi nta mubabaro awongerako+.

  • Zakariya 8:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Kandi nk’uko nyene mwabaye umuvumo mu mahanga+, ewe nzu ya Yuda nawe nzu ya Isirayeli+, ni ko nzobakiza, kandi muzoba koko umuhezagiro+. Ntimutinye+. Amaboko yanyu nakomere+.’

  • Malaki 3:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Nimuzane ivy’icumi+ vyose mu kigega, kugira ngo mu nzu yanje habe ibifungurwa+; enda nimungeze muri ivyo+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “murabe ko ntazobagomororera ingomero z’amajuru+, nkabacuncuburirako vy’ukuri umuhezagiro gushika aho hadasubira kubaho umukeno+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika