Gusubira mu vyagezwe 28:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Yehova azokwugururira ikigega ciwe ciza, ari co majuru, kugira agwishe imvura ku gihugu cawe mu gihe cayo+ no kugira ahezagire igikorwa cose c’amaboko yawe+; kandi uzoha ingurane amahanga menshi, ariko wewe ubwawe nta ngurane uzosaba+. Yesaya 30:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Ntazobura gutanga imvura ku bw’imbuto yawe ubiba mu butaka+, kandi bwa mwimbu w’ubutaka atange umukate, uwuzobwirizwa kuba unuze kandi utonyanga ivuta+. Kuri uwo musi, ibitungwa vyawe bizorisha mw’iragiriro ryagutse+. Ezekiyeli 34:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Zo hamwe n’ibikikije umurambi wanje nzobigira umuhezagiro+, kandi nzomanura imvura icuncubuka, ize mu gihe cayo. Hazoba imvura icuncubuka y’umuhezagiro+. Yoweli 2:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Namwe bana ba Siyoni, nimunezerwe muhimbarwe muri Yehova Imana yanyu+; kuko atazobura kubaha imvura y’agatasi ku rugero rukwiriye+, kandi azobacuncuburirako imvura, imvura y’agatasi n’imvura y’impeshi, nko mu ntango+. Amosi 4:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “‘Kandi narabimye imvura, igihe hari hagisigaye amezi atatu ngo iyimbura rigere+; nagwishije imvura ku gisagara kimwe, mugabo ku kindi sinayigwisha. Ku gice kimwe c’itongo imvura yaragwa, mugabo igice ntaba nayigwishijeko kikuma+.
12 Yehova azokwugururira ikigega ciwe ciza, ari co majuru, kugira agwishe imvura ku gihugu cawe mu gihe cayo+ no kugira ahezagire igikorwa cose c’amaboko yawe+; kandi uzoha ingurane amahanga menshi, ariko wewe ubwawe nta ngurane uzosaba+.
23 Ntazobura gutanga imvura ku bw’imbuto yawe ubiba mu butaka+, kandi bwa mwimbu w’ubutaka atange umukate, uwuzobwirizwa kuba unuze kandi utonyanga ivuta+. Kuri uwo musi, ibitungwa vyawe bizorisha mw’iragiriro ryagutse+.
26 Zo hamwe n’ibikikije umurambi wanje nzobigira umuhezagiro+, kandi nzomanura imvura icuncubuka, ize mu gihe cayo. Hazoba imvura icuncubuka y’umuhezagiro+.
23 Namwe bana ba Siyoni, nimunezerwe muhimbarwe muri Yehova Imana yanyu+; kuko atazobura kubaha imvura y’agatasi ku rugero rukwiriye+, kandi azobacuncuburirako imvura, imvura y’agatasi n’imvura y’impeshi, nko mu ntango+.
7 “‘Kandi narabimye imvura, igihe hari hagisigaye amezi atatu ngo iyimbura rigere+; nagwishije imvura ku gisagara kimwe, mugabo ku kindi sinayigwisha. Ku gice kimwe c’itongo imvura yaragwa, mugabo igice ntaba nayigwishijeko kikuma+.