5 Ico gihe ni ho Rezini+ umwami wa Siriya na Peka+ mwene Remaliya umwami wa Isirayeli batangura kuduga gutera Yeruzalemu mu ntambara maze basugereza Ahazi, mugabo ntibashobora kurwana+.
5 Ku bw’ivyo Yehova Imana yiwe amutanga mu kuboko+ kw’umwami wa Siriya+, ku buryo bamukubita, bagakura iwe imbohe nyinshi bakazijana i Damasiko+. Vyongeye, atangwa mu kuboko kw’umwami wa Isirayeli+, ku buryo amukubitisha ugusasika gukomeye.
7Nuko mu misi ya Ahazi+ mwene Yotamu, Yotamu mwene Uziya, umwami wa Yuda, Rezini+ umwami wa Siriya na Peka+ mwene Remaliya, umwami wa Isirayeli, baduga i Yeruzalemu kuhatera, mugabo harabananira+.