ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 1:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 no mu gahinga+, aho wiboneye ingene Yehova Imana yawe aguterura+ nk’uko umuntu aterura umwana wiwe, mu nzira yose wagenze gushika ushitse aha hantu+.’

  • Gusubira mu vyagezwe 33:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Ya Mana yo mu gihe ca kera ni ubwikingo+,

      Munsi na ho hari ya maboko yamaho igihe kitagira urugero+.

      Azokwirukana umwansi imbere yawe+,

      Kandi azovuga ati: ‘Bazimanganye+!’

  • Yesaya 40:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Kurya kw’umwungere, azoragira ubusho bwiwe+. Azokwegeranya imyagazi y’intama n’ukuboko kwiwe+; azoyitwara mu gikiriza ciwe+. Izonsa azoziyobora yengenga+.

  • Yesaya 46:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 “Nyumviriza, ewe nzu ya Yakobo, namwe mwese abasigaye b’inzu ya Isirayeli+, mwebwe abo natwaye kuva mukiri mu nda, abo nahetse kuva mukiri mu gitereko+.

  • Yesaya 63:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Mu marushwa yabo yose, vyaramuteye amarushwa+. Kandi intumwa yiwe bwite yarabakijije+. Mu rukundo rwiwe no mu mpuhwe ziwe, we ubwiwe yarabacunguye+, araheza abashira hejuru yongera arabaterura imisi yose ya kera+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika