Imigani 28:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Umuntu w’ibikorwa vy’ubwizigirwa azoronka imihezagiro myinshi+, mugabo uwihutira kuronka ubutunzi ntazoguma ari intungane+. Yeremiya 9:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Inkerebutsi ntiyiyemere kubera ubukerebutsi bwayo+, n’umunyenkomezi ntiyiyemere kubera inkomezi ziwe+. Umutunzi ntiyiyemere kubera ubutunzi bwiwe+.” Zakariya 11:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 izo bene kuzigura batanguye kwica+ mugabo bakaba badaharurwako icaha+. Kandi abazigurisha+ bavuga ngo: “Yehova ahezagirwe, nanje nironkere ubutunzi+.” Abungere bazo nta mpuhwe na nkeyi bazumvira+.’ Ivyahishuwe 3:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Kuko uvuga ngo: “Ndi umutunzi+ kandi narironkeye ubutunzi kandi nta co nkenye,” mugabo ntumenye ko uri umugorwa, ko uteye ikigongwe, ko uri umworo, ko uri impumyi+ be n’uko uri gusa;
20 Umuntu w’ibikorwa vy’ubwizigirwa azoronka imihezagiro myinshi+, mugabo uwihutira kuronka ubutunzi ntazoguma ari intungane+.
23 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Inkerebutsi ntiyiyemere kubera ubukerebutsi bwayo+, n’umunyenkomezi ntiyiyemere kubera inkomezi ziwe+. Umutunzi ntiyiyemere kubera ubutunzi bwiwe+.”
5 izo bene kuzigura batanguye kwica+ mugabo bakaba badaharurwako icaha+. Kandi abazigurisha+ bavuga ngo: “Yehova ahezagirwe, nanje nironkere ubutunzi+.” Abungere bazo nta mpuhwe na nkeyi bazumvira+.’
17 Kuko uvuga ngo: “Ndi umutunzi+ kandi narironkeye ubutunzi kandi nta co nkenye,” mugabo ntumenye ko uri umugorwa, ko uteye ikigongwe, ko uri umworo, ko uri impumyi+ be n’uko uri gusa;